Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo barangwa n’ivyo, ni bo bari mu nzira y’uburongozi bw’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ivyo wahishuriwe, kubaburira no kutababurira vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu kubera ubugarariji bwabo, Imana Allah Yarateye ikimangu mu mitima yabo no mu matwi yabo. Ku maso yabo na ho hari ipaziya ntibabona ukuri. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya mu bantu, harimwo abajuragirika mu kwemera bakavuga bati: “Twaremeye Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Ivyo bakabivuga mu majambo gusa, kandi batemera mu mitima yabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBibwira ko bahenda Imana Allah n’abemeramana mu kwiyorobeka kwabo. Burya nta we bahenda kiretse ko ari bo nyene bihenda, ariko ntibavyumva.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Izobahembera ugutebura kwabo, Yongere Ibongerereze ubuhuvyi ku buhuvyi bwabo basanganwe, bajuragirike mu kubura ico bafata nico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, maze birengagiza kwemera. Nta co bungutse mu rudandazwa rwabo rwo guhurumbira ivy’isi, ntibari no kuba abagororotsi namba muri ubwo buryo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’abo bantu b’indyarya, ni nk’umuntu yacanye umuriro ngo umumurikire we n’abagenzi bari kumwe, mu gihe umaze kumuboneshereza ibimukikije, Imana Allah Ica Irawuzimya, Ibasiga mu muzimagiza w’amakenga n’uburyarya batabona inzira y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ba nyamuragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibokwigarura ngo bave mu muzimagiza barimwo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke akarorero kabo, ni nk’ak’abantu bari mu mwijima mu mvura nyinshi irimwo imituragaro n’imiravyo, maze bakazibira amatwi yabo n’intoke zabo kugira ngo bikingire inkuba batinya gupfa. Imana Allah na Yo Ikikuje abahakanyi ku buryo ata saganirizo n’ubuhungiro bagira.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImiravyo ihakwa kubamena amaso. Mu gihe cose nya miravyo ibamurikiye bayigendamwo, iyo naho itabamurikiye ngo babone, baca bahagarara. Iyo Imana Allah Ishaka Yari kubamena amatwi n’amaso. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yabagiriye isi nk’isaso kugira ngo mushobore kuyibako; Ibubakira n’ijuru nk’igisenge, Imanura n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, Iraheza Imeza hakoreshejwe nya mazi ivyamwa bitandukanye kugira ngo bibe imfungurwa zanyu. Kubera ivyo rero, ntimukabangikanye Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, kandi na mwe nyene muzi neza ko ari Yo Rurema, Rutunga.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Imana Allah ntiterwa n’isoni mu gushikiriza ukuri, mu gutanga akarorero k’akantu kanzunya cane kurusha umubu canke kawusumba, mu kwerekana ko ibigirwamana ata co bishoboye. Abemeramana bo baramenya ko ari akarorero k’ukuri kavuye ku Mana yabo Rurema Allah, nayo abagarariji bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “None Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’udukoko tugayitse!”. Burya Imana Allah, mu gutanga ako karorero, Ihubisha benshi kw’itebura ryabo, Ikarongora benshi ku gutahura kwabo intumbero yayo. Burya rero Imana Allah ntihubisha kiretse ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyigamburukira no kuyisenga ari Imwe Rudende, inyuma y’aho Irishimangiye cane mu kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) no mu kumanura Ibitabu, bagaca ubucuti n’ubuvandimwe Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakanakwiragiza ubwononyi kw’isi. Abo rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yabaremeye ibiri mw’isi vyose ku neza yanyu. Hanyuma Irengera ku majuru Iraheza Irayarema ari indwi ata n’akanenge wobona mw’iremwa ryayo. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbamalayika barishura bati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Nta bumenyi dufise burenze ubwo Waduhaye. Mu vy’ukuri, Wewe ni We Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ukora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero shetani yabata mu caha, bafungura kuri ca giti, gutyo iba imvo n’imvano yo kuva mu Bwami bw’ijuru no mu ngabirano barimwo. Duca Dutegeka Adamu n’umukenyezi wiwe hamwe na Ibilisi Duti: “Nimumanuke kw’isi, aho muzoba abansi hagati yanyu (mu ruvyaro rwa Adamu na Ibilisi). Kw’isi rero, ni ho mufise uburaro n’uburamuko no kuryoherwa gato kugeza ku musi wa rwo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya[5], maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abazogarariza Imana Allah bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, abo ni bo bantu bo mu muriro. Bazowubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihangana mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwongere mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo n’aho bigoye cane kiretse ku bantu bitonesha bakicisha bugufi ku Mana Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbizeye ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah igihe bazutse, bakizera mu vy’ukuri ko bazosubira kuri Yo kugira baharurirwe baheze bahemberwe ivyo bakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke n’igihe Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira ngo kibakingire izuba ryo mu bugaragwa igihe mwari mu gihano co kuzembagirika, Tubamanurira na “Manna[7]” na “Salwa[8]”. Turaheza Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye maze mwubahirize idini ryanyuˮ, ariko rero nta ryo bubahirije. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo, mugabo ni bo nyene birenganije.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAko gacimbiri rero Twahanye, Twakagize inkebuzo yotuma uducimbiri two mu micungararo n’utuzokurikira mu nyuma tudasubira gukoresha urwenge mu kurenga ku mabwirizwa, Tukagira n’inyigisho ku bagamburukiramana babayeho ico gihe n’inyuma y’aho.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo muri ba sogokuru banyu, iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubaga inka”. Na bo n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Mbega uriko uraduteburako?”. Na yo ibishura yicisha bugufi iti: “Ndikinze ku Mana Allah ko noba mu bakehabwenge babeshera Imana Allah”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaraheza barasubizayo bati: “Erega dusabire Imana yawe Rurema Allah Idutomorere neza uko isa!”. Na yo ibishura iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka isa n’umuhondo uhishiye cane, ishajije, ibereye ijisho ku bayiraba”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBarasubira kandi bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Yongere Idutomorere kurusha iyo nka iyo ari yo. Mu vy’ukuri, inka zatuzazaniye, na twe ku bushake bw’Imana Allah turipfuza gushika ku nka ikenewe”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ntibazi mu vy’ukuri ko Imana Allah Izi neza ivyo bagirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, n’uko kandi Izobibahembera!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUguhanwa nya guhanwa rero, ni ukwa barya bahindagura mu kwandika n’iminwe yabo ibiri muri Tawurati, hanyuma bakavuga bati: “Ng’ibi ibivuye ku Mana Allah”, kandi biteye kubiri n’ibiri muri yo, kugira ngo babigurishe ku giciro gito. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku kubera ivyanditswe n’iminwe yabo. Uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku vyo baronderera mw’iryo hindagurwa rya Tawurati.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa barya bemeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, abo rero na bo nyene bazoshimirwa, ni bo bantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero biguze ubuzima buciriritse bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa namba mu bihano ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga wishure abayahudi ku kwibwira kwabo ko umumalayika Jibrili ari umwansi wabo, uti: “Uwuzoba umwansi w’umumalayika Jibrili, namenye ko mu vy’ukuri uyo mumalayika yamanuye Qor’ani mu mushaha wawe kw’itegeko ry’Imana Allah, ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ni n’uburongozi ikaba n’inkuru nziza ku bemeramana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzoba umwansi w’Imana Allah n’abamalayika bayo, n’Intumwa zayo mu bamalayika no mu bantu, na canecane abamalayika Jibrili na Mikayeli[14], namenye ko Imana Allah ari Umwansi w’abagararije ivyahishuwe muri Qor’ani”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Abayahudi bemera bakanatinya ibihano vy’Imana Allah, bari kumenya ko indishi ivuye ku Mana Allah ari yo nziza cane gusumba uburozi n’ico babukuramwo. Iyo rero baba bazi ivyo, bari kwemera vy’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera urwanko abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana babafitiye, ntibipfuza ko Imana yanyu Rurema Allah Ibamanurira ineza iyo ari yo yose; yaba Qor’ani canke izindi mpano. Burya Imana Allah Iha ubutumwa uwo Ishatse ku mpuhwe zayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikora ivyo Ishatse ku neza y’ibiremwa! Bantu mugabitanya ku Mana Allah! Nimumenye ko ata n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka mbere nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ku kubera ishari abenshi mu bahawe Igitabu babafitiye, bipfuza ko bobagarura mu bahakanyi mukava mu bwislamu inyuma y’ukwemera kwanyu, ivyo bakavyipfuza inyuma y’aho ukuri kubatomokeye ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Kubera ivyo rero, nimubaharire kw’ibana ribi ryabo, mubababarire, munabirengagize mu kurindira ko Imana Allah Izana itegeko ryayo ribarekurira guhangana na bo ku rugamba, kugira ibahanire ibibi bakora. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwongere mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatange n’ishikanwa-bwirizwa. Mumenye kandi n’uko iciza cose mukora ku neza yanyu, muzosanga indishi yaco ku Mana Allah ku musi w’impera. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbayahudi n’abanaswara baratanyeko umwikomo, Abayahudi bati: “Abanaswara nta kuri barimwo”. Abanaswara na bo bati: “Abayahudi nta kuri barimwo”. Kandi umugwi wose muri bo usoma Igitabu cawo ko ari ngombwa kwemera Intumwa zose. Ni nk’uko nyene abatagira ubumenyi mu babangikanyamana bavuze ko uwuri mw’idini iryo ari ryo ryose na we nyene ata kuri arimwo, kubera iryo hazana rero hagati yabo. Burya rero Imana Allah ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, maze Ihembere umugwi wose ibikwiranye n’ivyo wakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwubuza ko haninahazwa izina ry’Imana Allah mu gusoma Qor’ani no gusengera mu misigiti yayo, akagira uko ashoboye kwose mu kuyisenyura; mu kuyugara canke kubuza abemeramana kuyisengeramwo. Abo rero ntibari kuyinjira kiretse mu gihe batekewe n’ubwoba ku gutinya guhanwa n’Imana Allah. Baragenewe igihano co gusuzugurika kw’isi, kandi bategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Igaba Ikaganza ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yavyo. Aho ari ho hose mutumbereye kw’itegeko ry’Imana Allah mu gusenga, haba ari bwo butumbero bushimishije Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Muremyi w’amajuru n’isi, n’iyo Ishatse gutegeka ko ikintu ico ari co cose kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana ! Mu vy’ukuri, Twakurungikanye idini ry’ukuri kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Kandi rero inyuma y’iryo rarikiramana, nta co uzobazwa ku bantu bo mu muriro ururumba.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu bakagisoma ukuri kwo kugisoma, bakagikurikiza uko bitegetswe ata co bahinduye mu kwemera Intumwa zose, ata n’ico bongeyemwo, abo ni bo bemera vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yahishuriwe. Nayo abahindagura canke bakanyegeza ibiri muri nya Gitabu, abo ni bo bagarariza iyo Ntumwa hamwe n’ivyo yahishuriwe. Abo rero ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta wirengagiza rero idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa kiretse ikijuju kitiyizi ico kiri. Ni ukuri Twaratoye Ibrahimu kuba Umuvugishwamana akongera akaba n’Intumwa kw’isi, kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda bubashwe;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[17].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimutsimbatare rero kw’idini ry’ubwislamu, ukwemera-ndemanwa kuvuye ku Mana Allah, nta kwemera-ndemanwa rero kwoza gusumba ukwemera ndemanwa Imana Allah Yaremanye abantu. Nimuvyemange rero maze muvuge muti: “Twebwe Iyo Mana Allah ni Yo twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanayisenga mu gukurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu uti: “Mbega muduhaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah kandi ari Yo Mana yacu Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose! Dufise ibikorwa dukora tuzohemberwa, na mwe mukagira ibikorwa mukora muzohemberwa, kandi twebwe rero tuyisenga tutayibangikanya na kimwe mu biremwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[18].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarabona uko waguma urangamiza hejuru urindiriye itegeko ryohishurwa rigutumbereza amaja i Makka. Ni ukuri rero, Tuzokwerekeza ubutumbero buguhimbara, ushime. Kuva ubu rero, tumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu, n’aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera aho nyene mu gusenga. Mu vy’ukuri, abahawe Igitabu barazi neza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri kuvuye ku Mana yabo Rurema Allah, burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo bakora, Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abahawe Igitabu, n’aho wobazanira ivyemezo vyose vyemeza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri, kubera akagagazo ntibopfa bakurikiye ubutumbero bwawe mu gusenga. Na we ntushobora gusubira kandi ku butumbero bwabo. Eka mbere na bamwe muri bo nyene ntibakurikira ubutumbero bw’abandi mu gusenga. Ni ukuri, niwaramuka ukurikiye ivyipfuzo vyabo mu vyerekeye ubutumbero n’ibindi, inyuma y’aho ushikiriwe n’ubumenyi buvuye ku Mana Allah, mu vy’ukuri muri ico gihe, ni ukuri uzoba uri mu birenganije[20].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu Tawurati n’Injili, abamenyi muri bo barazi neza na neza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana bafatiye ku bimuranga biri mu Bitabu vyabo, nka kurya bazi neza na neza abana babo. Mu vy’ukuri, muri bo harimwo umugwi unyegeza ukuri kandi ukuzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ntukabe rero mu bagira amakenga kuri ukwo kuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya umugwi wose urafise ubutumbero bwawo wahawe n’Imana Allah mu gusenga. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu kwihutira gukora ivyiza mwategetswe. Aho muzoba muri hose rero Imana Allah Izobegeranya mwese ku musi w’izuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja mu rugendo, maze ugashaka gusenga, uratumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu. Ubwo butumbero ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihanganira ibibagoye maze mwihangane mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, kuko ari ryo ribuza umuntu gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku vyo barondera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ntimukavuge ku bishwe baharanira idini ry’Imana Allah ko bahwereye! Ahubwo bo ni bazima mu buryo bagenewe n’Imana Allah mu mva zabo, ariko rero ntimwumva ukuntu babayeho[21].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Tuzobagerageza n’akantu gato mu kugira ubwoba, inzara (amapfa), no mu gukehanirwa n’amatungo canke kuyabura, mu kubura abanyu mu mpfu zisanzwe canke kwicwa mu guharanira idini ry’Imana Allah, mu kugabanuka canke kubura umwimbu mu biterwa mbumbarugo hamwe rero n’ivyamwa. Muvugishwamana! Shikiriza rero abihangana mu gihe c’ibiza n’amagorwa inkuru nziza ihumuriza ko bazohabwa iherezo ryiza mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa,
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo rero, ni bo bari mu mahoro n’impuhwe z’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo bagororotsi bari mu nzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, imisozi “Swafa” na “Mar-wa” iri amaja mu buseruko bwa Al-Ka’ba, ni mu bimenyetso vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Uwuzoja gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, nta caha kuri we kiri mu gukokera anyaragasa (sa’yi) hagati y’iyo misozi. Uwuzokwitanga ku bw’Imana Allah mu gukora ivyiza bidategetswe, mu vy’ukuri Imana Allah Irashima, Izobimuhembera, kandi Irazi ibikorwa vy’abaja bayo, nta we Izorenganya na gato.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya ivyaha vyabo, bagatunganya n’ivyo bononye, bakanagaragaza ukuri banyegeje, abo ni bo Jewe Allah Numvira, Nkabagirira ikigongwe, ni na Jewe rero Nyenukwumvirabigaya, Numvira abantakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni banje.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Burya Imana Yanyu ni Imana Imwe Rudende Allah[22]. Nta yindi mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero Nyenimpuhwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’aho biri ukwo, mu bantu harimwo abirengagiza Imana Allah bakagira mu gishingo cayo ibigirwamana bakunda nka kurya bategerezwa gukunda Imana Allah, kandi bitabikwiye. Nayo abemeramana barakunda bakubaha Imana Allah kurusha uko nya bantu bakunda ibigirwamana vyabo. Iyo abirenganije mw’ibangikanyamana bamenya igihe babonye ibihano vyo ku musi w’izuka, ko mu vy’ukuri Imana Allah ari Yo Nyeninguvu zose, n’uko Imana Allah Ihana Igahasha, ntibari gusenga ibigirwamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Nimufungure mu vyimburwa mw’isi, ibirekuwe vyiza[23] bitabagirira ingaruka mbi, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu kuzirura ibizira, mu kuziririza ibiziruye, no mu kwadukana rero bishasha mw’idini. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe, ni ivyobagirira ingaruka mbi nk’intumvyi[24], ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’ivyabagiwe rero ikitari Imana Allah. Kubera rero impuhwe z’Imana Allah kuri mwebwe, uwo wese ubuzima bwiwe buzoba bubangamiwe n’inzara, ararekuriwe gufungura ibikwiriye kurokora ubuzima atarengeje urugero canke ngo arenge imbibe z’ibirekuwe n’Imana Allah, uyo rero nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo bihano rero barabikwiye, kuko Imana Allah Yamanuye Ibitabu birimwo ukuri kugaragara, baraheza barabihakana bivuye inyuma. Mu vy’ukuri, abacanyemwo bakemera bimwe mu biri mu Gitabu bagahakana ibindi, bari mu mpari ziri kure y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta neza muziga ku Mana Allah mu gutumbera mu buseruko no mu burengero mu gusenga kutubahirije ibwirizwa ry’Imana Allah. Ahubwo ineza nya neza, ni ukwemera kw’uwemeye Imana Imwe Rudende Allah akanemera n’umusi w’imperuka, abamalayika bose, Ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana Allah, Abavugishwamana bose ata kuvangura, agahereza mu matungo yiwe akunda incuti mu muryango, impfumvyi, abakene, uwakehaniwe ku rugendo, abasega kuko bugarijwe n’ubukene; agatanga no mu kubohoza imbohe n’abagurano; agatsimbataza isengesho, agatanga n’ishikanwa-bwirizwa, abubahiriza isezerano ryabo iyo baryiyemeje, abihangana mu bukene, mu gihe c’indwara, no mu gihe c’indwano. Abo ni bo rero mvugakuri. Abo ni na bo rero batinya ibihano vy’Imana Allah maze bakavyikingira.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwihora ku bishwe n’ibigira nkana, hakicwa uwishe, uwigenga yicwa yishe uwigenga, umugurano yicwa yishe umugurano, n’umukobwa yicwa yishe umukobwa[25]. Uwuzobabarirwa n’umuhagarikizi w’uwishwe ntiyihore, akemera gushumbushwa, araheza yishuze ku neza mu rupfasoni, na we aheze yishure mu bugwaneza. Ukwo ni ukworoherezwa n’impuhwe bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah. Inyuma yo kwubahiriza iyo ngingo yo kubabarirwa, uwuzorengera ku wishe akamwica, uyo azohabwa igihano kibabaza cane co kwicwa no guhanwa mu muriro udahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwategetswe mu gihe umwe muri mwebwe yoba ari ku mpfiro, bishitse agasiga amatungo, ko yoraga ku neza ata nkunzi bimwe muri yo, maze bigaherezwa abavyeyi biwe n’incuti za hafi mu muryango afatiye ku bakenye kurusha abandi, mu gihe bitarenze ica gatatu c’amatungo yiwe. Ako ni agateka ntabanduka kubahirizwa n’abagamburukiramana[26].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzotinya ko uwuraga yohava arenganya canke ko yokora icaha hashizwe mu ngiro iragi yasize kuko ritisunga amategeko, agaheza agatunganiriza abasigwa mu guhindura ingingo zirimwo akarenganyo mw’iragi, uyo nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi mu kwezi kwa “Ramadhani” Imana Allah Yatanguye kumanura Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, irimwo uburongozi ku bantu n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma. Kubera ivyo rero, uwo ukwezi kuzoboneka akomeye atari ku rugendo, aragupfunga. Uwuzoba muri mwebwe na we arwaye canke ari ku rugendo, arafungura hanyuma aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. Imana Allah Ibashakira ukworoherwa mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, eka mbere ntishaka ko mworemerwa mukananirwa kugira ngo mukwize igitigiri c’imisi y’ukwipfunga, muheze musozere amapfungo mukuza Imana Allah muyininahaza ku musi mukuru wo gufungura, kugira ngo muyishimire ku vyiza Yabashoboje.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy’ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c’umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[27].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ivyerekeye imboneko y’amezi, igituma ukwezi kuboneka ari guto, kugakura hanyuma kugasubira kuba guto! Zishure uti: “Imboneko y’amezi, ni ibimenyetso abantu bamenyerako ibihe vyo gutunganya amasengesho no gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka “Hijja”, hamwe rero n’ibindi bikorwa vyabo vya misi yose. Nta neza iri mu kwinjira amazu muciye mu busongero bwayo mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, ariko rero ineza iri mu kugamburukira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Ba mwinjira amazu rero muciye mu muryango mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka. Muheze kandi mwumvire Imana Allah mu vyo mukora kugira ngo muroranirwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimuharanire idini ry’Imana Allah mu kurwanya ababarwanya, kandi ntimukarenganye mu kwica abantu kizira ko bicwa nk’abana, abagore n’abatama. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z’ibibujijwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMurica rero ababarwanya aho muzobasanga hose, mubomore mu kubakura aho babasohoye i Makka. Igeragezwa ry’ubugarariji, ibangikanyamana hamwe rero no kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, ni bibi cane kurusha kubica. Ntimukabarwanye muri mu musigiti mutagatifu kiretse mu gihe ari bo babatanguye. Nibabatangurira mu musigiti mutagatifu rero, murabica. Ni nk’iyo ndishi rero ikwiye abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibaheba ubugarariji no kubarwaniriza mu musigiti mutagatifu, bakaba abislamu, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Murashishikara kurwanya ababangikanyamana babasotora, gushika n’aho ata geragezwa mu kwemera rikibaho, hasigare idini ry’Imana Allah Itabangikanywa na kimwe mu biremwa. Nibaheba ubugarariji no kubarwanya, murabaha amahoro kuko nta rwanko kiretse ku birenganya mu kugarariza no mu kubarwanya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ukurwanya ababangikanyamana mu kwezi kiziramwo kurwana, ni mu ntumbero yo kubihora kuko na bo nyene babarwanije muri ukwo kwezi. Uwurenze imbibe z’Imana Allah z’ivyaziririjwe, ahabwa igihano gisa n’icaha yakoze. Uwuzobarengera akarimbi rero, muramwivuna ingere ku yindi kuko ari we yabasotoye. Muheze rero mutinye Imana Allah ntimurenze urugezo mu kwivuna, muheze mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimushishikare gutanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, ntimukanahirahire ngo mwiyahure mu kureka gutanga no guharanira idini ry’Imana Allah, muheze rero kandi mubikore mu bugwaneza ku bw’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza bakora ivyo bakora ku bwayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta kibi kuri mwebwe kiri mu kurondera ingabirano z’Imana yanyu Rurema Allah mu rudandazwa mu gihe co gushengerera ingoro ntagatifu. Nihagera aho mutera muva “Arafaati” mugana “Muzdalifa” izuba rimaze kurenga[34], muraninahaza mutazira musaba kenshi Imana Allah mugeze “Muzdalifa” ahagenewe kuninaharizwa Imana Allah. Murayininahaza kenshi rero ku vyo Yabashoboje Ikabarongora mu nzira yayo. Ni ukuri mwari mu bahuvye imbere yuko Ibarongora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuraheza rero, mubandanye muvuye “Muzdalifa” mutera muja “Mina” mwahereye “Arafaati”, ari na ho Intumwa y’Imana Ibrahimu yahereye, muheze munasabe Imana Allah ikigongwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri bo kandi harimwo umugwi witwararika ubuzima bw’inyuma yo gupfa, usaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vyiza vyose vy’isi no mu vyiza bidushikana mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Wongere Udukingire ibihano vyo mu muriro udahera”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero bategekanirijwe umugabane w’indishi nziza ku vyo barondeye. Burya Imana Allah Irananyarutsa mu guharurira no mu guhemba abaja bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuraninahaza mwongere mutazire Imana Allah mu misi imparurwa[35]. Uwuzoshaka kwihuta kuva “Mina” imbere yuko izuba rirenga ku musi ugira uw’icumi na kabiri, akaba yahejeje gutera amabuye ku biterero (Jamaraat), nta caha kuri we. N’uwuzocererwa kuva “Mina[36]”, akavayo ahejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, nta caha kirimwo ku wugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko muzokwegeranirizwa kuri Yo, kugira Ibaharurire Yongere Ibahembere ivyo mwakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Burya mu bantu harimwo indyarya, uryoherwa n’ivyo ivuga mu kurondera ivy’isi, ikarahira ikarengwa ko ikunda ubwislamu, ikanubahuka kugira Imana Allah Icabona ku biri mu mutima wayo, kandi ari yo mwansi mubi w’ubwislamu;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu bantu harimwo kandi n’uwiguze ugushimwa n’Imana Allah mu guharanira idini ryayo. Burya Imana Allah ni na Yo Nyenikigongwe ku baja bayo b’abatoni.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwahusha inzira y’ukuri mu nyuma y’aho mushikiriwe n’ivyemezo bitomoye muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, muramenya ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiInyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Baza Bene Israyeli bakwihambazako, Twabahaye Aayah n’ivyemezo bitomoye bingahe biri mu Bitabu vyabo bahakanye, bakanabihindagura! Uwuzohindura inema y’idini ry’Imana Allah akayigarariza inyuma yuko imushikiriye akanayitahura, aramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Ihana Igahasha abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbuzima bwo kw’isi busharijwe n’ibihendamaso ku bahakana bivuye inyuma ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, bakanasuzugura abemeramana. Abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ku musi w’izuka bazoba bari hejuru yabo mu Bwami bw’ijuru. Burya Imana Allah Itanga Idaharuye ingabirano zayo ku wo Ishaka mu biremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya rero, abantu bari umugwi umwe mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah hanyuma baracanamwo mw’idini, Imana Allah Iraheza Irungika Abavugishwamana bashikiriza inkuru nziza abumviramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, bagabisha n’abagarariji ku bihano vy’umuriro. Yaranabarungikanye vy’ukuri Ibitabu bishimangira ukuri, kugira ngo bavyisunge mu gutunganiriza abantu ku vyo bahazanako. Nta bahazanye rero ku bijanye no kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na Qor’ani, kiretse abahawe Igitabu ca Tawurati, inyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bitomoye biri muri co ko ari Intumwa y’ukuri, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari bayifitiye. Ni ho rero Imana Allah Yaheza Ikarongora ku burenganzira bwayo, abemeye mu gutandukanya ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanyeko. Burya Imana Allah Irongora uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ahubwo rero, mwibaza none ko mwokwinjira mu Bwami bw’ijuru mutarashikirwa n’ibigeragezo nk’ivyashikiye abakurambere banyu mu kwemera! Barakozweko n’ubukene, indwara n’ubwoba, barahinda igisamagugu[37] bitewe n’ukuntu bageragejwe, gushika aho Intumwa n’abemeramana bari kumwe bavuga bati: “Intsinzi y’Imana Allah izoshika ryari?”. Bantu! Nimwumve mwumvireho! Burya intsinzi iturutse ku Mana Allah iri hafi ku bemera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ico zotanga n’abo zogiha! Zishure uti: “Ni ivyo mushoboye gutanga mu vyiza bivuye mu matungo yanyu mukabihereza abavyeyi, incuti za hafi mu muryango, impfuvyi, abakene hamwe rero n’abakehaniwe ku rugendo. N’ikindi ico ari co cose muzokora mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku bijanye n’indwano, ko irekuwe mu kwezi gutagatifu! Bishure uti: “Kurwana mu kwezi gutagatifu ni icaha gikomeye, ariko kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, guhakana Imana Allah, kubuza abantu kwinjira mu musigiti mutagatifu w’i Makka no kwomora mu gisagara c’i Makka Intumwa n’abemeramana, ni co caha gikomeye cane ku Mana Allah, gusumba icaha co kurwana mu kwezi gutagatifu. Kandi burya ibangikanyamana ryanyu, ni ribi cane kurusha kwica mu kwezi gutagatifu. Kandi rero abagarariji ntibazoreka kubarwanya gushika babakuye mw’idini ryanyu ry’ubwislamu mukabakurikira, nibaba bazobishobora! Uwo wese muri mwebwe rero, azota idini ryiwe akabakurikira, maze agapfa akiri umugarariji, uyo ari mu bantu ibikorwa vyabo bizohunguruka bikababera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf Gahitikw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranakubaza ku bijanye n’ico bokorera impfuvyi zitaragera mu bigero! Bishure uti: “Kuzitunganiriza ikizifitiye akamaro gusumba ni vyo vyiza. Nimwabana na zo mu buzima bwa misi yose, murazifata nka benewanyu mu kwemera maze muzitunganirize”. Burya Imana Allah Irazi neza umwononyi n’uwurajwe ishinga no kuzitunganiriza. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubaremereza mu kubabuza kubana na zo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Barakubaza ku bijanye n’ubutinyanka. Bishure uti: “Ubutinyanka burabangamye! Muririnda rero kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abakenyezi bari mu butinyanka. Ntimuzohirahire rero ngo murangurane na bo amabanga y’abubatse gushika babuvemwo baheze bihumanure mu kwiyuhagira. Nibabuvamwo bakiyuhagira, muraheza murangurane na bo amabanga y’abubatse aho murekuriwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abigaya kenshi, Iranakunda abisukuye mu kwiyeza ivyaha n’umwanda”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbakenyezi banyu ni zo ndimiro zanyu muteramwo intanga hakavuka abana. Kubera ivyo rero, nimurangurane n’abakenyezi banyu amabanga y’abubatse ahategetswe mu buryo bwose mwipfuza, munakore ibikorwa vyiza bitegetswe ku neza yanyu. Kandi rero mugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mumenye ko muzohura na Yo ku musi w’izuka Ikabahembera ivyo mwakoze. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shikiriza abemeramana inkuru nziza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ntizobahanira kwisubirako ku ndahiro zanyu murahiye ku kwihenda bidatewe no gushaka kwanyu, ariko Izobahanira kwisubirako ku ndahiro mwarahiriye nkana ku gushaka kwanyu, burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbazorahira ko batazorangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi babo mu buzima bwabo bwose canke mu kiringo kirenga amezi ane, bafise ikiringo c’amezi ane co kwisubirako, nibisubirako ku ndahiro imbere yuko amezi ane arangira, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbakenyezi bahukanye bagishobora kuja mu butinyanka, bategerezwa kwarama (eda) ikiringo co kuja canke kuva mu butinyanka gatatu, kugira hamenyekane ko boba bafise imbanyi. Muri ico kiringo, ntibarekuriwe kwabirwa, canke kunyegeza ico Imana Allah Yaremye mu bitereko vyabo; imbanyi canke ubutinyanka nibaba bemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’imperuka. Abagabo babo muri ico kiringo, ni bo bafise uburenganzira bwo kubasubirana mu gihe bobikora ku neza mu ntumbero yo gusubiza hamwe. Abakenyezi na bo barafise uburenganzira n’agateka ku bagabo babo; nk’ako abagabo babo babafiseko ku neza. Kandi rero abagabo barafise agateka karenzeko ku bakenyezi gashingiye ku guhagararira no kubeshaho umuryango no gufata ingingo yo kwahukana. Burya rero Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwahukana n’abakenyezi banyu bakarama mu kiringo ca “eda[42]”, nibaba bari mu guheza ico kiringo, murabagumya mushoboye kwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muheze mubasubirane ku neza, canke mubareke ku neza ico kiringo giheze. Ntimuzohirahire ngo mubagumye mu ntumbero yo kubahohotera mu kutubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse. Uwuzogira ivyo, azoba yirenganije ku bihano bimurindiriye. Kandi rero ntimukagire Aayah n’ingingo z’Imana Allah itebura n’ifyinata. Muraheza mwibuke inema y’ubwislamu no gutomorerwa ingingo mwahawe n’Imana Allah, mwongere mwibuke kugendera Qor’ani n’imigenzo y’intumwa Yabamanuriye, Ibahanura ko mutobica kubiri. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenubumenyi ku vyo mukora vyose, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwahukana n’abakenyezi banyu ubwo gusubirana, maze ikiringo co kwarama ca eda kigahera mutabasubiranye, ntimuzobabuze gusubira kwabirwa bushasha n’abahoze ari abagabo babo nibavyipfuza bakavyumvikana ku neza. Iyo ni impanuro ihabwa uwuzoba muri mwebwe yemera Imana Allah n’umusi w’imperuka. Ukutababuza gusubira kwabirwa, ni co kirimwo imigisha n’indishi nta ngere, hamwe rero n’icubahiro kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ibirimwo ineza yanyu mu gihe mwebwe ata vyo muzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbavyeyi[43] basabwa kwonsa abana babo imyaka ibiri ikwiriye ku wushaka kwonsa bikwiye. Muri ico gihe, ba se na bo basabwa gufungurira no kwambika abavyeyi bonsa ku neza hisunzwe ubushobozi bafise, kuko Imana Allah ntitegeka umuntu kiretse ico ashoboye. Umwana ntazobe inyendamuvano yo guhohotera nyina, eka ntazonabe inyendamuvano yo guhohotera se. Uwutorana mu gihe se yahwereye, na we ategetswe kwubahiriza ivyari bitegetswe umuhisi gufungurira no kwambika uwonsa. Mu gihe abo bavyeyi bokenera gucutsa uyo mwana bavyishakiye, bakavyumvikana ku neza y’uwo mwana imbere yuko imyaka ibiri ihera, nta caha kirimwo kuri bo. Nimwashaka naho kumwonkesha ku wundi muvyeyi atari nyina, nta caha kirimwo nimwatekerera nyina mukongera mugahereza uwumwonsa agashimwe ku neza hisunzwe imibereho y’aho hantu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora vyose, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ivyo mukora vyose Ibibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBislamu! Nimutsimbatare mu kwamizako amasengesho-bwirizwa atanu akwije ibisabwa ku mwanya wayo, na canecane isengesho ryo hagati na hagati ryo ku muhingamo, muraheza kandi muhagarare mu masengesho mwicishije bugufi ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbazoba bari ku mpfiro muri mwebwe abagabo, bagapfa basize abakenyezi, barasiga baraze ko abakenyezi babo boguma baba mu nzu zabo umwaka wose atawubakomakoma, kuva umusi bapfiriyeko, mu ntumbero yo kubashumbusha. Nibazivamwo ku bushake bwabo imbere yuko uwo mwaka urangira, nta caha kuri mwebwe abasigwa mu vyo nya bapfakazi bakoze birekuwe. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[48].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nde yogurana Imana Allah ingurane nziza agatanga mu nzira yayo, maze Ikamugwiriza indishi yayo incuro nyinshi nta ngere! Burya Imana Allah Iragumya ingabirano zayo Ikagerera umukene, Ikanazirekura Igaha umutunzi umusesekara. Nimutange rero mu vyo Ibaha mutitangiriye itama, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ivyo ni ibimenyetso n’ivyemezo vy’Imana Allah, Tukwiganira vy’ukuri. Kandi mu vy’ukuri wewe, ni ukuri uri imwe mu Ntumwa zacu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAllah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ntihunikira (Ntihunyiza) eka Ntinasinzira. Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Nta n’umwe yokwubahuka kuvugira uwundi imbere yayo, kiretse ku burenganzira buvuye kuri Yo. Ni Yo Izi bikwiye inkuru z’ibiremwa vyose, kahise, kubu na kazoza kavyo. Nta n’umwe ashoboye kumenya na kimwe mu bumenyi bwayo kiretse ivyo Yo Yonyene Ishatse ko amenya. Ubuvyagiro bw’Ibirenge vyayo bukwiriye amajuru n’isi, kandi ntibiyiruhije kubungabunga amajuru n’isi. Ni na Yo rero Nyenicubahirogisumbavyose, Nyenicubahiro-ntangere[54].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Muhagarikizi w’abemeramana mu kubatabara no mu kubabungabunga, Ibakura mu muzimagiza w’ubugarariji Ikabaganisha mu muco w’ukwemera. Nayo abagararije, abahagarikizi babo n’ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, bibakura mu muco w’ukwemera bikabaganisha mu muzimagiza w’ubugarariji, abo rero ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya akajambo keza wishura uwusaba, no kumubabarira ku kwama ariko arasega, ni vyiza kuruta imperezwa ikurikijwe agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro. Burya Imana Allah Irikenuye nta co Ikeneye ku mperezwa y’ibiremwa, ni Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’umusi w’imperuka! Ntimukonone indishi y’imperezwa zanyu ku kuzikurikiza agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, nka wa wundi atanga amatungo yiwe ku kwiyerekana ku bantu, atanemera Imana Allah n’umusi w’imperuka; uyo rero akarorero kiwe, ni nk’ak’ibuye ry’isare ririko ivu, hanyuma hakagwa imvura nyinshi igahungurura nya vu, igasiga rya buye ryererana ritagirako intumo; ni nk’uko rero, abatanga ku kwiyerekana, indishi y’ibikorwa vyabo iyonga, nta na kimwe baronka mu ndishi y’ivyo barondeye, burya Imana Allah ntishoboza abagarariji gutumbera ukuri mu gutanga ku bwayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega muri mwebwe, hari uwipfuza ko yoba afise umurima ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, musi yavyo hatemba inzuzi z’amazi meza y’akanovera, muri nya murima akaba afisemwo amoko yose y’ivyamwa, na we akaba ageze mu za bukuru atagishoboye guteragira, akaba afise rero n’abana bakiri bato bakeneye kwikora kuri nya murima, hanyuma hakaza umuyaga w’igihuhusi uvanze n’umuriro ukawuturira[57]! Ni nk’ukwo nyene rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze rero mutange imperezwa zanyu ku bwayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo! Nimutange mu vyiza birekuwe mwarondeye, no mu vyo Twabahaye kwikorako mu biri mu kuzimu. Ntimugatumbere ibidashemeye ngo mubitangeko imperezwa ku bw’Imana Allah, kandi na mwe nyene mu gihe mwobihabwako mutovyakira kiretse mu gihe mwokwirengagiza ukuntu bidashemeye. Muraheza rero mumenye kandi ko Imana Allah Yikenuye, ata co Ikeneye ku mperezwa zanyu, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuba ingumyi no gutanga ibidashemeye biterwa n’inyoshambi za shetani, ibizeza ubukene mu gihe mwotanga ibishemeye, gutyo ikabosha kuba ingumyi, ikanabategeka gukora ibibi, kandi Imana Allah na Yo Ibasezeranira ko mu gihe mwotanga imperezwa muzogumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, vyirengagizwe ntimubihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mukongererezwa no mu ngabirano zayo ibibabeshaho. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Iha ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro uwo Ishatse. Uwo Imana Allah Ihaye ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, uwo ni ukuri aba ahawe ivyiza vyinshi. Ivyo nta n’uwuvyibuka kiretse abanyabwenge.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco ari co cose mwatanze mu matungo, canke mwiyemeje gukora ku bw’Imana Allah, caba gito canke kinini, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi Izokibahembera. Uwuzoreka rero gutanga azoba yirenganije, kandi rero abirenganya mu kudatanga mu nzira y’Imana Allah nta babatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwatanga imperezwa ku mugaragaro ku bw’Imana Allah, ni vyiza; nimwayitanga naho mu mpisho mukayihereza abakene, bizoba ari vyiza kuri mwebwe gusumba kuko ata kwiyerekana kuba kurimwo. Gutyo rero Imana Allah Izonabababarira ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatanga amatungo yabo ku bw’Imana Allah mw’ijoro no ku murango, mu mpisho no ku mugaragaro, abo bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimwaguranana ingurane izokwishurwa ku gihe cumvikanyweko, murashoka muyandika. Umwanditsi w’umwizigirwa araheza abandikire. Uwahawe n’Imana Allah amahirwe yo kumenya kwandika, niyasabwa kubandikira ntazokwanke, araheza rero yandike ivyo abwiwe n’uwahawe ingurane, kandi atinye Imana yiwe Rurema Allah ntagabanye na gato ku vyo yishuzwa. Uwahawe iyo ngurane niyaba yarakehewe n’ubwenge, akiri muto ataragera mu bigero, yarasaze canke ari nyamuragi, umuhagarikizi wiwe aravuga ata karenganyo ico yishuzwa. Muraheze rero musabe ko hoba ivyabona bibiri vy’intungane mu bagabo muri mwebwe nyene. Nihataboneka abagabo babiri, murasaba ko umugabo umwe n’abagore babiri mwishimiye boba ivyabona, kugira ngo umwe muri nya bagore niyibagira, uwundi aze yibutse mugenziwe. Ivyabona ntibizokwanke kwitaba nivyarengutswa gushikiriza ico bizi, kandi ntimuzonebwe kwandika ingurane yaba nto canke nini n’igihe izorihirwa. Iyo ni yo ngingo itunganye ku Mana Allah, ni na bwo buryo butomoye bwo kwisunga mu kuba ivyabona, ni na yo nzira kandi ya hafi yo gukura amakenga mu bijanye n’ubwoko bw’ingurane, uko ingana n’ikiringo izorihirwako. Ariko rero mu gihe rwoba ari urudandazwa rubaye hagati yanyu aho nyene, nta kibi kuri mwebwe mu kutarwandika, mugabo ni vyiza ko mwotora ivyabona mu gihe c’igura n’igurishwa ku mpungenge zo kwanka gucanamwo. Kirazira rero ko umwanditsi n’icabona bagirirwa nabi n’uwatanze ingurane, uwayihawe canke uwundi wese yokenerako ijambo. Nimwagira ivyo mubujijwe, muzoba mubaye ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, mukwiye no guhanwa. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibigishe ibituma muroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi rero Imana Allah ikintu cose mukoze Irakizi, ni Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Muramutse museruye ibiri ku mitima yanyu canke mukabihisha, Imana Allah Izobibaharurako, maze Ibabarire uwo Ishatse, Inahane uwo Ishatse[59]. Imana Allah ni Yo Mushoboravyose.