caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 61

Medina · revelation order 87 · 2:61

وَإِذْ قُلْتُمْ يَٰمُوسَىٰ لَن نَّصْبِرَ عَلَىٰ طَعَامٍ وَٰحِدٍ فَٱدْعُ لَنَا رَبَّكَ يُخْرِجْ لَنَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلْأَرْضُ مِنۢ بَقْلِهَا وَقِثَّآئِهَا وَفُومِهَا وَعَدَسِهَا وَبَصَلِهَا قَالَ أَتَسْتَبْدِلُونَ ٱلَّذِى هُوَ أَدْنَىٰ بِٱلَّذِى هُوَ خَيْرٌ ٱهْبِطُوا۟ مِصْرًا فَإِنَّ لَكُم مَّا سَأَلْتُمْ وَضُرِبَتْ عَلَيْهِمُ ٱلذِّلَّةُ وَٱلْمَسْكَنَةُ وَبَآءُو بِغَضَبٍ مِّنَ ٱللَّهِ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ كَانُوا۟ يَكْفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقْتُلُونَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ بِغَيْرِ ٱلْحَقِّ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَوا۟ وَّكَانُوا۟ يَعْتَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwavuga muti: “Ewe Musa! Ntidushobora kwama dufungura indya z’ubwoko bumwe! Dusabire Imana yawe Rurema Allah Iduhe mu vyimburwa vy’isi; nk’imboga, ibitunguru-sumu, intete nka “adasi” hamwe rero n’ibitunguru”. Intumwa Musa na yo ibishura iti: “Musaba guhindurirwa imfugurwa nziza cane ngo muronswe iziciriritse! Nimumanuke rero kw’isi ndimwa, muheze muronke ivyo musaba”. Bamaze kumanuka kw’isi ndimwa, baciye bugarizwa n’agasuzuguro hamwe n’ubukene bw’akataraboneka. Kubera ivyo rero, basubiye inyuma bakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Ivyo vyatewe n’uko bama bagararije Aayah z’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku kadenderezo ata kuri kwisunzwe. Ico gihano rero bagihawe kuko bagabitaniye Imana Allah, bagahohotera n’Intumwa zayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70