caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 83

Medina · revelation order 87 · 2:83

وَإِذْ أَخَذْنَا مِيثَٰقَ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ لَا تَعْبُدُونَ إِلَّا ٱللَّهَ وَبِٱلْوَٰلِدَيْنِ إِحْسَانًا وَذِى ٱلْقُرْبَىٰ وَٱلْيَتَٰمَىٰ وَٱلْمَسَٰكِينِ وَقُولُوا۟ لِلنَّاسِ حُسْنًا وَأَقِيمُوا۟ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُوا۟ ٱلزَّكَوٰةَ ثُمَّ تَوَلَّيْتُمْ إِلَّا قَلِيلًا مِّنكُمْ وَأَنتُم مُّعْرِضُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano Duti: “Ntimwiyegereze mu gusenga kiretse Imana Imwe Rudende Allah, muheze mwubahe mwubahirize agateka k’abavyeyi babibarutse mu bugwaneza, mukorere n’ineza incuti mu miryango, impfuvyi hamwe rero n’abakene, mwongere mubwire abantu akajambo keza, mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatanga n’ishikanwa-bwirizwa”. Mu nyuma y’aho, mwahavuye mugenza umugongo ntimwubahiriza isezerano, kiretse bake muri mwebwe. Kandi mwashishikaye muvyirengagiza ku kagagazo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70