فَإِنْ خِفْتُمْ فَرِجَالًا أَوْ رُكْبَانًا فَإِذَآ أَمِنتُمْ فَٱذْكُرُوا۟ ٱللَّهَ كَمَا عَلَّمَكُم مَّا لَمْ تَكُونُوا۟ تَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwatinya ko umwansi yobubira muri mw’isengesho akabatera, murasenga muriko muragenda canke muri ku bitwazi uko bibashobokeye kwose; nko gukoresha ibimenyetso canke kudatumbera ubutumbero bwo gusenga[47]. Nimwatekana, muraheza rero musenge isengesho ry’uwutekanye rikwije ibisabwa, maze muninahaze Imana Allah muyishimira ku ngingo n’amabwirizwa Yabigishije vyerekeye ukuyiyegereza, mutari gupfa mubimenye.