caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 25

Medina · revelation order 87 · 2:25

وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمْ جَنَّٰتٍ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ كُلَّمَا رُزِقُوا۟ مِنْهَا مِن ثَمَرَةٍ رِّزْقًا قَالُوا۟ هَٰذَا ٱلَّذِى رُزِقْنَا مِن قَبْلُ وَأُتُوا۟ بِهِۦ مُتَشَٰبِهًا وَلَهُمْ فِيهَآ أَزْوَٰجٌ مُّطَهَّرَةٌ وَهُمْ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Shikiriza abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, inkuru ihumuriza ko bazohabwa imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Igihe cose bafunguriwe mu vyamwa vyayo bavuga bati: “Izi mfungurwa ni nk’izo twafungurirwa hambere kw’isi!”. Bazihawe zisa n’izo kw’isi ariko zidasusa. Bamaze kuzifungura, bazosanga zisangije akanovera. Bazoba rero bahafise n’abakenyezi basukuye batagira akanenge. Bazobamwo ibihe bidahera.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70