caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 125

Medina · revelation order 87 · 2:125

وَإِذْ جَعَلْنَا ٱلْبَيْتَ مَثَابَةً لِّلنَّاسِ وَأَمْنًا وَٱتَّخِذُوا۟ مِن مَّقَامِ إِبْرَٰهِـۧمَ مُصَلًّى وَعَهِدْنَآ إِلَىٰٓ إِبْرَٰهِـۧمَ وَإِسْمَٰعِيلَ أَن طَهِّرَا بَيْتِىَ لِلطَّآئِفِينَ وَٱلْعَٰكِفِينَ وَٱلرُّكَّعِ ٱلسُّجُودِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ibuka n’igihe Twagira ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” ahantu abantu bahurumbira ata kudebukirwa, barondera indishi mu gihe c’ishengerera n’igendera ry’iyo ngoro, batekanye batekaniwe. Maze Tubabwiriza Duti: “Muragira rero ubuhagararo bw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho gusengera”. Twaranahishuriye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Tumutegeka we hamwe n’umuhungu wiwe Ismayili Duti: “Nimusukure ingoro yanje ntagatifu ntirangwemwo n’igihumanya na kimwe, ubukozi bw’ikibi n’ibigirwamana, kugira ngo hakikurwe n’abakikura, abaje kwiyegurira Imana Allah, hamwe rero n’abasenga bunama bubama”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70