caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 60

Medina · revelation order 87 · 2:60

وَإِذِ ٱسْتَسْقَىٰ مُوسَىٰ لِقَوْمِهِۦ فَقُلْنَا ٱضْرِب بِّعَصَاكَ ٱلْحَجَرَ فَٱنفَجَرَتْ مِنْهُ ٱثْنَتَا عَشْرَةَ عَيْنًا قَدْ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٍ مَّشْرَبَهُمْ كُلُوا۟ وَٱشْرَبُوا۟ مِن رِّزْقِ ٱللَّهِ وَلَا تَعْثَوْا۟ فِى ٱلْأَرْضِ مُفْسِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwanyoterwa, Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ikabasabira ko mwohemburwa, Duca Tuyibwira Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho. Gutyo umuryango wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimufungure “Manna” na “Salwa” mwongere munywe kw’iriba. Izo ni inema z’Imana Allah kuri mwebwe, kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70