caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 164

Medina · revelation order 87 · 2:164

إِنَّ فِى خَلْقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَٱخْتِلَٰفِ ٱلَّيْلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱلْفُلْكِ ٱلَّتِى تَجْرِى فِى ٱلْبَحْرِ بِمَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن مَّآءٍ فَأَحْيَا بِهِ ٱلْأَرْضَ بَعْدَ مَوْتِهَا وَبَثَّ فِيهَا مِن كُلِّ دَآبَّةٍ وَتَصْرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ وَٱلسَّحَابِ ٱلْمُسَخَّرِ بَيْنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلْأَرْضِ لَـَٔايَٰتٍ لِّقَوْمٍ يَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari; mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari bwunguruza ibifitiye akamaro abantu; mw’igwishwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’ikwiragizwa ry’ibinyabuzima bitandukanye bigendagenda mw’isi; mw’irungikwa ry’umuyaga hamwe n’isunikwa ry’ibicu mu kirere kiri hagati y’ijuru n’isi, mw'iremwa ry'ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa bakikebuka, bagaheza bakamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70