Kirundi Translation - Yusuf GahitiAllah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yonyene Ibarema mu bitereko vy’abavyeyi banyu ukuntu Ishaka. Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Uzokwegeranya abantu bose ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah ntirenga kw’isezerano Yahaye ibiremwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abagararije bivuye inyuma idini ry’ukuri, amatungo yabo n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo rero bazoba ivyegenyezo vy’umuriro.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbihanganira kuguma bakora ivyiza bitegetswe bakiyubara gucumura, imvugakuri, abicisha bugufi ku Mana Allah, abatanga mw’ibanga no ku mugaragaro hamwe rero n’abatakamba basaba imbabazi mu bucagucagu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaramaze kugaragaza ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, abamalayika na bo baraheza baremanga ko ari Yo Mana y’ukuri, abahawe ubumenyi na bo baratura ku rurimi bemera ku mutima ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Ihagarikiye ubutungane ku biremwa vyose. Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, idini ryishimiwe n’Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose ku biremwa, ni ubwislamu[2]. Abahawe Igitabu ntibahazanye ngo bicemwo imigwi kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemezo co kurungikirwa Intumwa n’Ibitabu, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari, vyadutse hagati yabo mu kurondera ivy’isi. Uwo wese rero azogarariza Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, namenye ko Imana Allah Inyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero ibikorwa vyabo bizobabera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega bizobagendera gute! Igihe Twebwe Allah Twabegeranije ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika, maze umwe wese mu bantu agatunganirizwa ku ndishi y’ivyo yarondeye, ntibazonarenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanya indishi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Nimwabagira abagenzi somambike mw’ibanga canke ku mugaragaro, Imana Allah Itegerezwa kubimenya, Irazi n’ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabwire uti: “Nimwumvire Imana Allah mu kugendera Qor’ani, munumvire Intumwa mu gukurikiza inyigisho n’imigenzo vyayo”. Nibagenza umugongo bakakwirengagiza, baramenya rero ko mu vy’ukuri Imana Allah Idakunda abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Imana Allah Yaratoye Adamu na Nuhu n’umuryango wa Ibrahimu n’uwa Amraani, Ibagira aberanda n’intore mu gihe cabo,
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya mbanyi imaze kuvuka, umukenyezi wa Amraani yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri nibarutse umukobwa, ntashoboye gukorera ingoro yawe - Imana Allah na Yo Yari Izi neza ico yibarutse ko kizoba igitangaro - kandi rero umuhungu nipfuje kwibaruka si nk’umukobwa mu bubasha bwo gukorera ingoro yawe. Mu vy’ukuri, namwise Mariyamu, ni ukuri ndanamukuragije we n’uruvyaro rwiwe, Ubakingire inyoshambi za shetani yavumwe”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru z’ibinyegejwe ibiremwa Tuguhishuriye, kuko muri ico gihe si ho wari uri igihe batata baharira ku wukwiye kurera Mariyamu, maze bagahitamwo kugira itombora mu guterera hasi ikaramu zabo kugira bamenye muri bo uwukwiye kumurera, gutyo Zakariya aba ari we atsindira kumurera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Si n’aho wari uri igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Iraguha inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana azosamwa imbanyi kw’ijambo[8] rivuye kuri Yo. Amaze kuvuka rero akazokwitwa Masihi[9] Isa mwene Mariyamu, azokwubahwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Azoba ari no mu batonye ku Mana Allah ku musi w’izuka;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkazonavugisha abantu akiri uruyoya, niyamara gukura yongere abararikire kwemera Imana Allah. Azoba ari no mu beranda.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzomugira n’Intumwa kuri Bene Israyeli, izobabwira iti: “Jewe mu vy’ukuri, narungitswe kuri mwebwe nibangikanije icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, na co kikaba ari uko nshoboye kubabumbira inyoni mu vyondo, hanyuma nkayihuhamwo igaca iba inyoni yigurukira ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanavura uwavutse ari impumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe[10], nsubize n’ubuzima uwapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanababwira ivyo mufungura n’ivyo muziganirije kazoza mu mazu yanyu. Mu vy’ukuri, muri ivyo bitangaro vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kuri mwebwe ko ndi Intumwa y’Imana nimwaba mwemera Imana Allah hamwe na Aayah n’ivyemezo vyayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNaje nshimangira kandi ivyamanuwe hambere yanje muri Tawurati, no kugira ngo ndabarekurire bimwe mu vyo mwabujijwe. Nkaba rero naje ndabazaniye icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah ku vyo ndababwira, ko ari ivy’ukuri, enda rero nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera muheze munyumvire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Imana Allah ndabararikira kwemera, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, enda rero nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge, iyi ni yo nzira igororotseˮ.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji muri Bene Israyeli barahemutse mu gutegura mu mpisho umugambi mubi wo kwica Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Imana Allah na Yo Irahinyura nya mugambi Iraheza Yambika ishusho ry’Intumwa Isa uwundi muntu bahavuye bafata baramwica baranamubamba ku musaraba, bibaza ko ari we Isa mwene Mariyamu. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura imigambi igayitse;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe Imana Allah Ibwiriye Intumwa Isa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndagukura kw’isi Ndakurerure iwanje uri muzima utaragirirwa nabi namba, maze Ndagukize abakugararije, Nongere Mpe abakwemeye bakagukurikira[11] intsinzi yo kunesha abakugararije gushika ku musi w’iherezo ry’isi”. Hanyuma rero ga bantu! Ku musi wo guharurirwa mwese muzogaruka iwanje Jewe Allah, Nshoke Ndabacira urutunganye ku vyo mwahora muhazanako mu vyerekeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, Imana Allah Izoheza Ibahe indishi z’ibikorwa vyabo zikwiye, burya kandi rero Imana Allah ntikunda na gato abirenganya mu kuyibangikanya no mu kuyigarariza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ayo mateka Tukwiganira Twebwe Allah ku vyerekeye Intumwa Isa mwene Mariyamu, ari mu vyemezo bigaragaza ukuri kw’ubutumwa bwawe, bikagaragaza n’uko Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma, ari ukuri kuzira amakenga.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, iremwa rya Isa mwene Mariyamu atagira se, ni nk’iremwa rya Adamu atagira se na nyina, Yamuremye mw’ivu hanyuma Imubwira Iti: “Ba umuntu”, aca aba umuntu muzima[12].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ukuri kutagiramwo amakenga ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ukuri kwagushikiriye kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Kubera ivyo rero, shishikara utsimbataye kuri ukwo kuri, ntukabe mu bagufiseko amakenga.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyi nkuru Ndakwiganiye rero ga Ntumwa y’Imana Muhamadi! Ni ukuri ni yo mateka y’ukuri ku vyerekeye Isa. Nta n’iyindi mana rero ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah Yonyene. Mu vy’ukuri, ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa mu bwami bwayo, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibaramuka bagenje umugongo bakirengagiza kukwemera no kugukurikira, bazoba ari bo bononyi. Mu vy’ukuri Imana Allah Irazi neza ivyo bakora vyose, Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bahawe Ibitabu vya Tawurati n’Injili! Ni kuki muhakana mwivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Yamanuriye Intumwa zayo mu Bitabu vyanyu, vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari yo Ntumwa yimirije kuza, n’uko ivyo ibashikirije ari kwo kuri, kandi na mwe nyene muri ivyabona kuri ukwo kuri ariko rero mukurengako mukuzi mukaguhakana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bahawe Ibitabu vya Tawurati n’Injili! Ni kuki muvangatiranya ukuri kuri mu Bitabu mwahawe n’ikinyoma mwirementaniriza, mugaheza mukanyegeza ukuri ku biranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) no ku vyerekeye idini ryiwe ko ari ryo ry’ukuri kandi ivyo mubizi!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmugwi w’abahawe Igitabu mu bayahudi wavuze uti: “Nimwemere mu gitondo ivyamanuriwe abemeye mu bislamu, hanyuma mubigararize bugorovye; hari n’aho bogira amakenga mw’idini ryabo bakavavanura na ryo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgenera ku mpuhwe zayo ubutumwa n’ubugororotsi uwo Ishatse mu biremwa, burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abafata isezerano ry’Imana Allah n’ivyo Imana Allah Yaraze Intumwa zayo mu Bitabu Yazimanuriye, bakabiguza ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, abo ni bo rero ata co bazoronka mu ndishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere Imana Allah ntizonabavugisha mu bihumuriza, ntizonabaraba n’ijisho ry’impuhwe ku musi w’izuka, ntizonabeza ivyaha vyabo, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri mu bayahudi, ni ukuri harimwo umugwi uhindagura amajambo uko atari mu Gitabu bahawe, kugira mwiyumvire ko nya majambo ari mu Gitabu ca Tawurati, kandi ata yari muri Tawurati, bagaheza bakanavuga bati: “Aya majambo ava ku Mana Allah, Yayahishuriye Intumwa yayo Musa”, kandi nya majambo atava ku Mana Allah, bagaheza rero bakabeshera Imana Allah kandi bazi ko bariko barabesha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi nta n’umwe muri bo yobategeka ko mugira ibigirwamana musenga mu bamalayika no mu Ntumwa. Bantu! Vyoshoboka gute ko abategeka kugarariza Imana Allah inyuma yuko mwamaze kwicisha bugufi kuri Yo mukaba abislamu!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none! Ivyo bigaba bishaka gukurikira idini ritari iry’Imana Allah ry’ubwislamu[14], kandi ibiremwa vyo mu majuru no mw’isi vyicisha bugufi kuri Yo, ku bushake mu gihe c’igamburuka ry’abemeramana muri vyo; bikicisha bugufi vyanka vyakunda no mu gihe ibigarariza muri vyo bishikiwe n’ivyago! Kukaba nkako rero, n’ibindi biremwa vyose biricisha bugufi kuri Yo, ni no kuri Yo bizosubizwa bimaze guhwera kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Twaremeye Imana Allah, nta n’iyindi mana twemera atari Yo, twaranemeye ivyo Yaduhishuriye n’ivyo Yahishuriye Ibrahimu, abahungu biwe Ismayili na Is-haqa, umwuzukuru wiwe Yakubu mwene Is-haka, Intumwa zikomoka kuri Yakubu zarungitswe mu moko cumi n’abiri ya Bene Israyeli, ivyahawe Intumwa Musa na Isa muri Tawurati no mu Njili, hamwe rero n’ivyamanuriwe abandi Bavugishwamana, abo bose turabemera tutavanguye n’umwe muri bo, kandi rero twebwe turi abislamu twicisha bugufi ku Mana Allah”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwurondera kwubahiriza idini ritari iry’ubwislamu [15] ntazoryakirirwa namba, kandi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa azoba mu bahomvye ubuzima bwabo bwose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya bikwiye inyuma yo kugarariza, bagaheza bakanatunganya ivyo bononye ku kwigaya, abo rero mu vy’ukuri Imana Allah Izobakirira ukwigaya kwabo, ni Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abagararije inyuma y’ukwemera kwabo bakanatsimbatara ku bugarariji gushika guhwera, ntibazokwakirirwa ukwigaya kwabo bari ku mpfiro, abo ni na bo rero bahuvye inzira y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimuzoronka Ubwami bw’ijuru mutabanje gutanga imperezwa mu vyo mukunda, kanatsinda ikintu ico ari co cose muzotanga mu mperezwa uko kingana kwose, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izohembera umwe wese ku co yatanze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukwo rero, uwo wese azorementaniriza Imana Allah inyuma yo gusoma Tawurati, ukuri kukagaragara ko Imana Allah ata co Yigeze Iziririza mu mfungurwa imbere yo kuyimanura, uyo rero ni we azoba ari mu birenganije mu kurementaniriza Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Imana Allah Yavuze ukuri mu ngingo Yashinze”. Kubera ivyo rero, nimwaba mukomoka koko kuri Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), nimukurikire rero idini ryiwe ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa; ari na ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ntiyari no mu babangikanyamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ingoro ya mbere yubatswe kw’isi kugira abantu bayisengeremwo Imana Allah, ni ukuri ni ingoro ntagatifu iri i Makka. Iyo ngoro, irahezagiwe n’imigisha myinshi; kuyitumbera mu gusenga, kuyishengerera no kuyigendera, harimwo n’uburongozi ku bantu bose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri iyo ngoro, harimwo kandi n’ibimenyetso bigaragara vyerekana ko yubatswe na Ibrahimu, n’uko ari ahantu hubashwe hahezagiwe. Muri ivyo bimenyetso, ni nk’ubuhagararo [16] bwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Uwinjiye muri iyo ngoro, aba atekaniwe nta n’umwe arekuriwe kumuhungabanya. Imana Allah Yarategetse rero ko umwislamu uwo ari we wese afise ubushobozi, aja kuyishengerera. Mu vy’ukuri, uwuhakanye ibwirizwa ryo gushengerera iyo ngoro aba agararije, kira noneho Imana Allah Irikenuye, nta co Ikeneye ku biremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Emwe bahawe Igitabu! Ni kuki mugarariza mu guhakana ivyemezo biturutse ku Mana Allah, vyemeza ko idini ry’Imana Allah ari ubwislamu, mugahakana mwivuye inyuma n’ivyemezo biri mu Bitabu vyanyu vyemeza ukwo kuri kandi mubizi!”, burya Imana Allah ni Icabona ku vyo mukora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu musi w’izuka. Umusi abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bazosayangana mu maso buzuye akamwemwe ku kandi; abayigararije bakiyamiriza n’Intumwa yayo na bo bakazokwijirirwa mu maso, bishwe n’amagorwa. Abazokwijirirwa mu maso rero, bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntu ! Mwagararije inyuma y’ukwemera kwanyu, muraheza mwigura ubugarariji! Nimuhonje rero ibihano bitewe n’ukuntu mwahora mugarariza”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abazosayangana mu maso buzuye akamwemwe ku kandi, bazoja mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, bobo rero bazobubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ivyo rero, ni Aayah n’ivyemezo bigaragara vy’Imana Allah vy’ukuri Tugusomera Twebwe Allah. Burya rero, Imana Allah ntiyigera Irenganya na gato n’umwe mu biremwa vyayo, mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemera Imana Allah n’umusi w’imperuka, bakabwiriza no gukora ivyiza vy’ubwoko bwose bakanabuza gukora ibibi vy’ubwoko bwose, bakanahurumbira gukora ivyiza. Abo ni na bo rero bari mu beranda;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco ari co cose rero bagize mu vyiza uko kingana kwose, ntibazokirenganywako, kizoshimwa maze bagihemberwe. Burya Imana Allah Irazi neza ibikorwa n’abagamburukiramana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abagararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, amatungo yabo hamwe n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi, canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’ivyo abagarariji batanga mu vyiza bazeyeko indishi ku Mana Allah mu buzima bwo kw’isi, ni nk’igihuhusi kirimwo igikonyozi, maze nya gihuhusi kigahitana ibiterwa vy’abantu baziga kuzosarura, maze ku kubera ivyaha bakoze, nya gihuhusi kigahonya vya biterwa vyose. Abagarariji rero, nta ndishi bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kira noneho, Imana Allah ntizoba Ibarenganije namba, ahubwo ni bo birenganije mu kugarariza no kugabitanya ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Mu vyerekana urwanko babafitiye, ni uko iyo mushikiwe n’iciza; nk’intsinzi ku rugamba canke kuronka iminyago, bibatera ishavu n’agahinda. Iyo naho mushikiwe n’ikiza[18], birabahimbara. Nimwihanganira rero ibiza bibashikira, mugaheza mukagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kubarwanya kwabo ku rwenge nta na kimwe kuzobicira. Mu vy’ukuri, Imana Allah mu bumenyi bwayo, Irakikuje ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Yarabahaye intsinzi ku rugamba rwa Badri, muraheza muranesha abansi banyu kandi mwari bake, mufise n’ibirwanisho bibayabaye, enda rero nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira mushime inema zayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIryo rungikwa ry’ingabo z’abamalayika, Imana Allah ntiyarigize atari ukugira ngo Ibahe agakuru keza k’intsinzi, no kugira rero imitima yanyu iturure. Burya nta ntsinzi iboneka kiretse iyivuye ku Mana Allah, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Nta co ubazwa ku vyerekeye ihanwa canke ibabarirwa ry’ibiremwa, ivyabo vyose bijejwe Imana Allah, hari n’aho abakurwanya bokwinjira mu bwislamu, maze Imana Allah Ikabababarira, canke bakabandanya bagarariza, Imana Allah Igaheza Ikabahana ku kwirenganya kwabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Igumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, maze Ikamubabarira; Igahana uwo Ishatse ku butungane bwayo ata we Irenganije. Burya rero Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarye ku ngurane inyungu izira yiyongereye kuri nya ngurane, n’aho yoba ari nto, nkenswe rero mu gihe igwijwe incuro nyinshi uko ingurane iteba kwishurwa. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze mwumvire Imana Allah mu kutarya inyungu izira no mu kwubahiriza ayandi mabwirizwa, mwumvire n’Intumwa yayo kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBarya batanga amatungo yabo mu mahirwe no mu marushwa, abatsinda ishavu bakihangana, hamwe rero n’abagirira ikigongwe abandi mu gihe bashoboye kwihora, ubwo ni bwo bugwaneza nya bugwaneza, burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa barya iyo bagize icaha rutura canke bakirenganya mu gukora ivyaha bitobito, bashoka bibuka isezerano ry’Imana Allah bagaca basaba imbabazi ku vyaha vyabo, bizeye ko ata wubabarira ivyaha atari Yo, ntibanatsimbatara ku vyaha bagize kuko bazi ko baramutse bagarutse ku Mana Allah bakigaya Ibababarira;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero, bagenewe n’Imana yabo Rurema Allah indishi yo kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, hamwe rero n’imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera. Iyo ni yo ndishi nziza rero ibereye abumviramana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) si ikindi kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe aho hambere yiwe. Mbega none mu gihe vyoshika agahwera canke akicwa, mwoca muvavanura n’idini ryanyu mukarivamwo! Uwuzokwisubirako akarivamwo, nta co azoba yiciye Imana Allah; nayo abazorigumamwo bagashimira Imana Allah ku nema y’ubwislamu, Imana Allah Izoheza Ibibahembere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Imana Allah Yaha abo bihanganye bakiri kw’isi, indishi yabo yo gutsinda umwansi no gutsimbatara kw’isi, Ikazobaha n’indishi ishemeye y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza mu kwitonesha kuri Yo no mu kibano.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKira noneho, ntibazobatabara, ahubwo rero Imana Allah ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Mwiza w’abatabazi bose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah Tuzotera ubwoba mu mitima y’abagararije bitewe n’ukuntu babangikanije Imana Allah n’ibigirwamana, mu gihe Imana Allah Itigeze Imanura icemezo c’uko bikwiye kubangikanywa na Yo, bazobaho rero kw’isi batekewe n’ubwoba bwo gutinya abemeramana. Ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro, ni na ryo cumbi ribi cane ry’abirenganije mu bugarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNgendanyi z’Intumwa! Nimwibuke n’igihe mwahungira abansi banyu ku musozi ata wukebuka ngo arabe uwundi kubera ubwoba, Intumwa na yo ku rundi ruhande, ibahamagarira kugaruka ku rugamba, ntimwaheza ngo muyitabe, gutyo Imana Allah Ibahanisha agahinda ku kandi, kugira ngo ntimwicwe n’intuntu itewe no kubura intsinzi n’iminyago, no kugira kandi ntimwicwe n’intuntu ku vyabashikiye mu gutekerwa n’ubwoba no kuneshwa. Burya Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma y’ako gahinda rero, ni ho Imana Allah Yabamanurira ituze n’umwizero w’isezerano ryayo, maze umugwi w’abizeye indishi ku Mana Allah muri mwebwe urahunyiza, mu gihe hari uwundi mugwi wacitse intege, urajwe ishinga no kurokoka ku rugamba, wiyumvira nabi Imana Allah ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo, uraheza uricuza mu kuvuga uti: “Mbega hari na kimwe twari dushoboye mu gufata ingingo yo kuja ku rugamba!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ingingo iyo ari yo yose ishigwa mu ngiro ku bubasha bw’Imana Allah”, bahisha mu mishaha yabo ivyo bataguserurira mu kwicuza kuja ku rugamba, bakavuga ku mutima bati: “Iyo tuza kuba dushoboye guhitamwo, ntitwari kuza gupfira ng’aha ku rugamba”. Babwire uti: “Ubuzima butangwa n’Imana Allah. N’iyo muza kuba muri mu miryango yanyu, abandikiwe n’Imana Allah gupfa, bari gusohoka baza gusanga urupfu aho bagenewe gupfira, kugira Imana Allah Igerageze iyumviramana riri mu mitima yanyu, Iheze Itandukanye umwiza yemera vy’ukuri n’umubi arangwa n’uburyarya”. Burya rero Imana Allah Irazi neza ibihishijwe mu mishaha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abahunze muri mwebwe ku rugamba rwa Uhudi, umusi abemeramana bahangana n’ababangikanyamana, ni ukuri shetani yabanyereje muri ico caha bitewe na bimwe mu vyaha bakoze, ni ukuri Imana Allah Yarabababariye ntiyabahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’aho rero mwokwicirwa ku rugamba rwo guharanira idini, canke mugapfa urupfu rusanzwe, ni ukuri muri ico gihe, ico mukwiye kumenya ni uko ukugumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe, no kugirirwa impuhwe n’Imana Allah mu kuronswa Ubwami bw’ijuru, ari vyo vyiza cane kuri mwebwe kuruta isi n’ivyo abayihurumbira begeranya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’aho mwopfa urupfu rusanzwe canke mukicirwa ku rugamba, ni ukuri ni ku Mana Allah muzokwegeranirizwa, Iheze Ibahembere ibikorwa vyanyu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah niyabatabara, nta n’umwe azoshobora kubanesha; niyabakurako amaboko naho, nta n’umwe azoshobora kubatabara havuye Imana Allah! Abemeramana rero nibishimikize Imana Allah mu vyo bakora, bayizere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNgendanyi z’intumwa! Nta ho vyakabaye ko Umuvugishwamana ahemukira ingendanyi ziwe mu kwiha na kimwe mu minyago, kiretse ico yagenewe n’Imana Allah. Uwo wese rero muri mwebwe yohemuka akiha na kimwe mu minyago, azoza ku musi w’izuka acikoreye ku guteterezwa imbere y’ibiremwa vyose. Hanyuma ikiremwa cose gifise ubuzima kizotunganirizwa ku ndishi y’ivyo carondeye. Abantu rero ntibazonarenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya rero, uwurondera gushimwa n’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, nta ho asa asana n’umuntu adandabagira mu bugaba akwiye ishavu ry’Imana Allah, n’ubushikiro bwiwe bukaba ari mu muriro wa Jahannamu! Ni na bwo bushikiro bubi cane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu bo mu Bwami bw’ijuru rero, bazoba barutana mu vyubahiro hisunzwe ibikorwa vyabo, nk’uko n’abantu bo mu muriro bazoba barutana mu ngero z’inyenga y’umuriro barimwo, hisunzwe ivyaha vyabo. Burya Imana Allah rero, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Mbega igihe mushikiwe n’ikiza ku rugamba rwa Uhudi, hakicwa igitigiri c’abantu muri mwebwe, kandi na mwe mwarishe mu babangikanyamana ku rugamba rwa Badri igitigiri kingana n’ico kabiri, ni ho mwoca muvuga mwitangaza muti: “Twaneshejwe gute kandi turi abislamu, turi kumwe n’Intumwa y’Imana!”. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ikiza cabashikiye, caturutse kuri mwebwe nyene, ku kubera ukutubahiriza itegeko ry’Intumwa yanyu mu kuva mu bibanza vyanyu, mukaja kwegeranya iminyago”. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ntiwiyumvire na gato ko abiciwe ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah bahwereye, ahubwo ni bazima mu buzima bw’inyuma yo gupfa, baronswa ibibabeshaho bivuye mu Bwami bw’ijuru ku Mana yabo Rurema Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabwiwe na bamwe mu babangikanyamana ku mvo zo kubatera ubwoba, bati: “Mu vy’ukuri, Abu Sufiyaani n’abo bari kumwe bamaze kwiyegeranya, bitegurira kubahohosha mutarasubira kwiyungunganya, muragabe rero mubiyubare ntimuje guhangana na bo kuko mudashobora kubanesha!”. Iryo terabwoba rero ha kubaca intege, ryabongerereje ukwemera n’ukwizera intsinzi iturutse ku Mana Allah, gutyo barabandanya gushika aho bagenewe, baraheza bavuga bati: “Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Idukingira, ni na Yo Muhagarikizi-Rutunga Iduhagarikiye”,
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero abemeramana bagaruka i Madina bavuye aho hitwa “Hamraa-a l-Asad”, bari mu nema y’umutekano n’ingabirano bivuye ku Mana Allah, ata n’umwe muri bo yabangamiwe ngo akomeretswe canke ngo yicwe, kuko umwansi yapfuye coba ntiyaseruka ku rugamba, gutyo bakurikira ishimwa ry’Imana Allah mu kuyumvira, Yo hamwe n’Intumwa yayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Nyenimpano nyinshi zihambaye ku biremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntugaterwe intuntu n’abihutira kugarariza, mu vy’ukuri, nta co bazokwicira Imana Allah, ahubwo ni bo bazokwiyicira vyinshi, Imana Allah Ishaka kutazobaha indishi mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abiguze ubugarariji ha kwemera, nta na kimwe bazokwicira Imana Allah. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIngumyi zidatanga mu mpano Imana Allah Yazihaye, ntizikiyumvire ko ukwo kudatanga ari yo neza kuri zo, ahubwo ni inabi kuri zo. Amatungo zegeranije zikareka kuyatanga, zizoyambikwa mw’izosi yahindutse umuriro ku musi w’izuka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye. Kandi ivyo mukora vyose rero Irabizi, ni Muhetuziwavyose, Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Imana Allah Yaramaze kwumva ijambo ry’abayahudi bavuze bati: “Mu vy’ukuri Imana Allah Irakenye, ni na co gituma Idusaba kuyigurana, ni twebwe rero dutunze”. Twebwe Allah Tuzokwandika iryo jambo bavuze, Twandike n’iyicwa ry’Abavugishwamana bishe ku karenganyo. Tuzonabibahanira Dushoke Tubabwira bari mu muriro Duti: “Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro ururumba, uturira;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ibicumuro mwakoze kw'isi mu mvugo n’ingiro no mu kwemera ibintazi; n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera".
Kirundi Translation - Yusuf GahitiZina kiremwa ico ari co cose gifise ubuzima gitegerezwa gupfa, gutyo ibiremwa vyose bisubire ku Wabiremye Allah, Aheze Abiharurire. Ni ukuri, muzotunganirizwa indishi zanyu ku vyo mwakoze zitagabanijweko na gato ku musi w’izuka. Uwo wese rero azoterwa iteka akigizwa kure y’umuriro, akinjizwa mu Bwami bw’ijuru, azoba aronse intsinzi nya ntsinzi. Burya ubuzima bwo kw’isi, si ikindi kiretse ko ari ibihendamaso vyo kuryoherwa gato, ntibukabahende rero.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ni ukuri mutegerezwa kugeragezwa mu gutanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa; mu gushikirwa n’intureka mu matungo yanyu; mu gukomeretswa no mu kwicwa, canke kubura abanyu mukunda, gushika muboneke ko mwemera vy’ukuri; ni ukuri muzokwumva n’amajambo yo gutyoza idini ryanyu abababaza kenshi, avugwa n’abayahudi, abanaswara n’ababangikanyamana. Bemeramana! Nimwihanganira rero ibangamira ryabo, mukanatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni ukuri muramenya ko ivyo biri mu bintu bihambaye bikwiye gufatwako ingingo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtiwiyumvire ko abanezerezwa n’ibibi bakora bagakunda no gushimwa n’abantu ku vyo batakoze, bazokira ibihano vy’Imana Allah kw’isi. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa [20].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, burya Imana Allah ni na Yo Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari, no mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango ku buryo ijoro hari igihe riba rirerire, ikindi gihe umurango ukaba muremure, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bantu b’incabwenge koko, vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Yabiremye;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yacu Rurema Allah! Wewe mu vy’ukuri, uwo Uzoshira mu muriro udahera, Uzoba Wamutetereje, kanatsinda kuri uwo musi abirenganije mu kukubangikanya ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vyawe;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yacu Rurema Allah! Duhe intsinzi, ugutsimbatara no gutumbera inzira yawe Wadusezeraniye ku Ntumwa zawe. Ntuzotumaramaze ku musi w’izuka mu gushira ivyaha vyacu ku mugaragaro. Mu vy’ukuri, Wewe nturenga kw’isezerano Wahaye ibiremwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiGutyo Imana yabo Rurema Allah Iraheza Irabakirira igisabisho Iti: “Jewe mu vy’ukuri, sintakaza indishi y’uwakoze igikorwa ciza muri mwebwe, yaba umuhungu canke umukobwa, mwese murangana mu kwemera, mu kwakirirwa ibikorwa no mu kubihemberwa indishi. Kubera ivyo rero, abimutse izabo barondera gushimwa n’Imana Allah, n’abasohowe mu zabo bakageramirwa bahorwa kumparanira no kunsenga, bakaja no ku rugamba ku guharanira idini ryanje, bakicwa, ni ukuri Jewe Allah Nzobagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ku musi w’izuka, maze sindabibahanire, kandi ni ukuri Nzoheza Ndabinjize mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi”, iyo ni yo ndishi ibereye ivuye ku Mana Allah. Burya ku Mana Allah, ni ho hari indishi nziza zishemeye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa umwanya muto, hanyuma ubushikiro bwabo ku musi w’izuka ni mu muriro wa Jahannamu, ni na bwo busaswa bubi cane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko abatinye Imana yabo Rurema Allah, bakanayigamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera, ni ryo cumbi ryabo bategekanirijwe n’Imana Allah. Burya rero, ibiri ku Mana Allah mu ngabirano zihambaye, ni vyo vyiza cane ku bagamburukiramana kuruta ukuntu abagarariji babayeho borohewe kw’isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Mu vy’ukuri bamwe mu bahawe Igitabu, ni ukuri baremera Imana Imwe Rudende Allah, bakemera na Qor’ani mwamanuriwe, hamwe na Tawurati n’Injili bamanuriwe, bakicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah, ntibanafata Aayah z’Imana Allah ngo baziguze ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, kugira ngo banyegeze canke bahindagure ukuri bazi. Abo, ni bo rero bategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, indishi yabo ikwiye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwihanganire kwama mwumvira Imana Allah, mwihanganire n’ibibashikira, maze mutsindishe abansi banyu ukwihangana ku rugamba, muheze mugume ku birindiro vy’urugamba, munatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.