caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 259

Medina · revelation order 87 · 2:259

أَوْ كَٱلَّذِى مَرَّ عَلَىٰ قَرْيَةٍ وَهِىَ خَاوِيَةٌ عَلَىٰ عُرُوشِهَا قَالَ أَنَّىٰ يُحْىِۦ هَٰذِهِ ٱللَّهُ بَعْدَ مَوْتِهَا فَأَمَاتَهُ ٱللَّهُ مِا۟ئَةَ عَامٍ ثُمَّ بَعَثَهُۥ قَالَ كَمْ لَبِثْتَ قَالَ لَبِثْتُ يَوْمًا أَوْ بَعْضَ يَوْمٍ قَالَ بَل لَّبِثْتَ مِا۟ئَةَ عَامٍ فَٱنظُرْ إِلَىٰ طَعَامِكَ وَشَرَابِكَ لَمْ يَتَسَنَّهْ وَٱنظُرْ إِلَىٰ حِمَارِكَ وَلِنَجْعَلَكَ ءَايَةً لِّلنَّاسِ وَٱنظُرْ إِلَى ٱلْعِظَامِ كَيْفَ نُنشِزُهَا ثُمَّ نَكْسُوهَا لَحْمًا فَلَمَّا تَبَيَّنَ لَهُۥ قَالَ أَعْلَمُ أَنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ قَدِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke ga Ntumwa y’Imana! Urabona nka wa muntu yaca mu gacimbiri imihana yako yasenyaguwe hagahona n’abakabamwo, araheza avuga yitangaza ati: “Ni gute Imana Allah Yosubiza ubuzima aka gacimbiri mu nyuma y’ihonywa ryako!”. Imana Allah Iraheza Imwaka ubuzima arapfa araheza amara imyaka ijana, hanyuma Iramuzura Imusubiza ubuzima, maze Iramubaza Iti: “Mbega wari umaze imyaka ingahe warapfuye!”. Arishura ati: “Nari maze umusi umwe canke igice c’umusi”. Imana Imubwira Iti: “Ahubwo wari umaze imyaka ijana warapfuye! Ehe mbere raba imfungurwa n’ibinyobwa vyawe Twarabibungabunze ntivyabora, raba n’indogobwe yawe rero ukuntu Tuyisubiza ubuzima kugira ngo Tukugire ku bantu ikimenyetso c’ubushobozi bw’Imana Allah bwo kuzura ibiremwa; ehe raba amagufa ukuntu Tuyasubiranya hanyuma Tukayambika inyama Tugasubiza nya ndogobwe ubuzima! Wa muntu, amaze kwibonera n’amaso yiwe iryo zuka, yashotse yemanga ko Imana Allah ari Mushoboravyose.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70