caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 184

Medina · revelation order 87 · 2:184

أَيَّامًا مَّعْدُودَٰتٍ فَمَن كَانَ مِنكُم مَّرِيضًا أَوْ عَلَىٰ سَفَرٍ فَعِدَّةٌ مِّنْ أَيَّامٍ أُخَرَ وَعَلَى ٱلَّذِينَ يُطِيقُونَهُۥ فِدْيَةٌ طَعَامُ مِسْكِينٍ فَمَن تَطَوَّعَ خَيْرًا فَهُوَ خَيْرٌ لَّهُۥ وَأَن تَصُومُوا۟ خَيْرٌ لَّكُمْ إِن كُنتُمْ تَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukwipfunga imisi imparurwa. Uwuzoba rero muri mwebwe arwaye canke ari ku rugendo, arafungura aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. N’abapfunga bibagoye cane kubera ubusaza canke indwara zidakira, aba barafungurira umukene umwe mu gishingo c’umusi umwe batapfunze. Uwuzogira ico azorenzako ku bushake bwiwe kizoba ari ku neza yiwe. Mu gihe mwokwihanganira ukwipfunga kubagora maze mugapfunga, vyoba ari vyo vyiza kuri mwebwe kuruta gufungurira abakene, iyo muba muzi rero ivyiza birimwo, mwopfunze.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70