زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُوا۟ ٱلْحَيَوٰةُ ٱلدُّنْيَا وَيَسْخَرُونَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَٱلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ فَوْقَهُمْ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ وَٱللَّهُ يَرْزُقُ مَن يَشَآءُ بِغَيْرِ حِسَابٍ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbuzima bwo kw’isi busharijwe n’ibihendamaso ku bahakana bivuye inyuma ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, bakanasuzugura abemeramana. Abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ku musi w’izuka bazoba bari hejuru yabo mu Bwami bw’ijuru. Burya Imana Allah Itanga Idaharuye ingabirano zayo ku wo Ishaka mu biremwa.