caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 89

Medina · revelation order 87 · 2:89

وَلَمَّا جَآءَهُمْ كِتَٰبٌ مِّنْ عِندِ ٱللَّهِ مُصَدِّقٌ لِّمَا مَعَهُمْ وَكَانُوا۟ مِن قَبْلُ يَسْتَفْتِحُونَ عَلَى ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ فَلَمَّا جَآءَهُم مَّا عَرَفُوا۟ كَفَرُوا۟ بِهِۦ فَلَعْنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe Bene Israyeli bashikirizwa Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah gishimangira ivyo basanganwe muri Tawurati n’Injili, barakigararije barahakana n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi imbere y’aho bahora basaba Imana ko botsinda abagarariji bari kumwe n’Intumwa ya nyuma yimirije gushika. Iyo Ntumwa rero imaze kubashikira irangwa n’ivyo bari bazi muri Tawurati, barayigararije ku mvo z’uko itavuye muri bo. Abagarariji barakavumwa n’Imana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70