caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 283

Medina · revelation order 87 · 2:283

وَإِن كُنتُمْ عَلَىٰ سَفَرٍ وَلَمْ تَجِدُوا۟ كَاتِبًا فَرِهَٰنٌ مَّقْبُوضَةٌ فَإِنْ أَمِنَ بَعْضُكُم بَعْضًا فَلْيُؤَدِّ ٱلَّذِى ٱؤْتُمِنَ أَمَٰنَتَهُۥ وَلْيَتَّقِ ٱللَّهَ رَبَّهُۥ وَلَا تَكْتُمُوا۟ ٱلشَّهَٰدَةَ وَمَن يَكْتُمْهَا فَإِنَّهُۥٓ ءَاثِمٌ قَلْبُهُۥ وَٱللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ عَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwaba muri ku rugendo mukabura umwanditsi, murahereza uwutanze ingurane ingwati agumana gushika arishwe ingurane yiwe. Nimwizerana, mukaguranana mutarinze kwandika, gutora ivyabona no gusaba ingwati, uwuhawe ingurane araheza rero yishure ingurane yizeweko, maze atinye Imana yiwe Rurema Allah ntahemuke. Niyihindukiza agahemuka naho, hakaba igihe baguranana hari ababona, muraheza mube ivyabona vy’ukuri ntihagire ico muzonyegeza. Uwuzonyegeza ico yabonye azoba ari nyenumutima wuzuye ivyaha, kandi rero Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Nyenubumenyikurivyose.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70