caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 150

Medina · revelation order 87 · 2:150

وَمِنْ حَيْثُ خَرَجْتَ فَوَلِّ وَجْهَكَ شَطْرَ ٱلْمَسْجِدِ ٱلْحَرَامِ وَحَيْثُ مَا كُنتُمْ فَوَلُّوا۟ وُجُوهَكُمْ شَطْرَهُۥ لِئَلَّا يَكُونَ لِلنَّاسِ عَلَيْكُمْ حُجَّةٌ إِلَّا ٱلَّذِينَ ظَلَمُوا۟ مِنْهُمْ فَلَا تَخْشَوْهُمْ وَٱخْشَوْنِى وَلِأُتِمَّ نِعْمَتِى عَلَيْكُمْ وَلَعَلَّكُمْ تَهْتَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70