caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 285

Medina · revelation order 87 · 2:285

ءَامَنَ ٱلرَّسُولُ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيْهِ مِن رَّبِّهِۦ وَٱلْمُؤْمِنُونَ كُلٌّ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَكُتُبِهِۦ وَرُسُلِهِۦ لَا نُفَرِّقُ بَيْنَ أَحَدٍ مِّن رُّسُلِهِۦ وَقَالُوا۟ سَمِعْنَا وَأَطَعْنَا غُفْرَانَكَ رَبَّنَا وَإِلَيْكَ ٱلْمَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70