caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Baqara, Verse 219

Medina · revelation order 87 · 2:219

يَسْـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلْخَمْرِ وَٱلْمَيْسِرِ قُلْ فِيهِمَآ إِثْمٌ كَبِيرٌ وَمَنَٰفِعُ لِلنَّاسِ وَإِثْمُهُمَآ أَكْبَرُ مِن نَّفْعِهِمَا وَيَسْـَٔلُونَكَ مَاذَا يُنفِقُونَ قُلِ ٱلْعَفْوَ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلْـَٔايَٰتِ لَعَلَّكُمْ تَتَفَكَّرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Abislamu barakubaza ingingo ijanye no kunywa, kugura no kugurisha inzoga[38], hamwe rero n’ingingo ijanye no gukina urusimbi[39]! Bishure uti: “Vyompi birimwo ivyaha n’ubwononyi bikomeye mw’idini, mw’isesagurwa ry’amatungo n’isinzikazwa ry’amagara mu buzima. Harimwo n’inyungu rero ku bantu mu vy’isi, ariko ivyaha n’ubwononyi birimwo, bifise ingaruka mbi cane kurusha inyungu zavyo[40]”. Baranakubaza kandi urugero rw’ivyo botanga mu mperezwa ku bushake! Bishure uti: “Nimutange ikirenze ku vyo mukeneye”. Ni nk’ukwo rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70