Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaremye mw’ivu so wanyu mukomokako Adamu, hanyuma Iraheza Irabagenera ikiringo co kubaho kw’isi, n’ikindi kiringo ntarengwa kizwi na Yo gusa co guhona ku musi w’umuhero. Inyuma y’ivyo vyose rero, mukabandanya kugira amakenga ku bushobozi n’ububasha bw’Imana Allah bwo kuzura abapfuye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Mana Allah, ni Yo Ikwiye gusengwa mu majuru no mw’isi. ni Yo Izi neza ivyo muhisha n’ivyo mugaragaza vyose, Iranazi n’ivyo mugira vyaba vyiza canke bibi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariza Imana Allah ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa vy’ukuri, kiretse ko batavyemera, baranavyirengagiza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! N’iyo Tukumanurira Igitabu kiri hamwe kivuye mw’ijuru, canditswe ku mpapuro bakagikorako n’iminwe yabo, abagararije bari kuvuga bati: “Iki si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBari no kuvuga bati: “Ubwo Imana ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika avuye mw’ijuru kugira yemeze ko ari Intumwa vy’ukuri, tugaheza tukamwemera!”. Iyo rero Tumanura umumalayika avuye mw’ijuru nk’uko babisavye hanyuma bakagarariza, hari gufatwa ingingo yo kubahonya, ntibari no guhabwa n’akanya na gato ko kwigaya, kuko Imana Allah Irazi mu vyagezwe ko batari kwemera kubera ubugaba bwabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega ibiri mu majuru no mw’isi, ni nde Mugabe wavyo?”. Babwire uti: “Vyose nk’uko mubizi mukanavyemanga, ni ivy’Imana Allah, ni Yo Mugabe wavyo. Nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya”. Imana Allah Yaramaze kwiyemeza kugira impuhwe, ntiyihutira guhana ibiremwa. Ni ukuri rero, Izobegeraniriza hamwe ku musi w’izuka ata makenga ko utegerezwa gushika, kugira Ihembe umwe wese ku co yakoze. Ababangikanyamana rero, ni bo bazotahira agahombo kuko batemera Imana Allah, batanemera n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Mugabe w’ibiri mu majuru no mw’isi, ibitururuye mw’ijoro n’ibigendagenda ku murango, ibihishije n’ibiboneka, vyose ni ibiremwa vyayo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bikora n’ivyo bihishije mu mutima.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega yemwe! Bishoboka gute ko nogira ikitari Imana Allah umuhagarikizi n’umutabazi wanje, kandi ari Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikaba ari na Yo Ibeshejeho ibiremwa vyayo, Itanakeneye ivyo biyikeneyeko mu kubaho kwavyo!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nategetswe ko noba uwa mbere mu bo narungitsweko yicisha bugufi mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose”. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu babangikanyamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, mu gihe nogabitanya ku Mana yanje Rurema Allah mu kuyibangikanya, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uwo musi, uwo Imana Allah Izokingira ibihano, ni ukuri Izoba Yamaze kumugirira impuhwe, kandi rero iyo ni yo ntsinzi ihambaye”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuntu! Igihe Imana Allah Yogutera amagorwa y’ubukene canke y’indwara, nta n’umwe yoyagukuramwo kiretse Yo; no mu gihe Yogutera iteka ry’ubutunzi canke ryo kuroranirwa n’amagara, nta n’umwe mu biremwa yokwambura nya teka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mushoboravyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu gusengwa, canke ko Ifise umwana canke umugore, canke agahakana yivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ukuri kw’Intumwa zayo! Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubeshera Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa,
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu bihenda, bakazokwihakana ibangikanyamana ku musi w’izuka, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaranaburagiza abantu kwumviriza no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi na bo nyene bakigira kure yayo. Nta n’uwo rero bazohonya kiretse ukwihonya bo bonyene ata vyo bazi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSi nk’ukwo bicuza bavuga! Ahubwo ku musi w’izuka bazotomokerwa n’ukuri bahora banyegeza ku mutima bakiri kw’isi, ko Intumwa z’Imana zari iz’ukuri, n’aho batagaragariza nya kuri ababumvira bakabakurikira. Hamwe vyoshika bagasubizwa mu buzima bwo kw’isi bakabaho, ni ukuri bosubiye mu bugarariji no mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, ukwicuza kwabo kuzoba ari uruhendo gusa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi kiretse ko ari ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Ugukora ivyiza bitegetswe vyungura umuntu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni vyo vyiza cane ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega bantu muhendwa n’ivy’isi! Ntimwogarura ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Burya Twebwe Allah Turazi neza ko wishwe n’intuntu itewe n’igarariza rigirwa n’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, si wewe bagarariza kuko mu mitima yabo barazi ko uri Intumwa y’ukuri, ariko rero ku kubera akarenganyo n’urwanko, bagarariza Aayah n’ivyemezo bigaragara vyerekana ko uri Intumwa y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, abakwumvira bakagukurikira, ni abumviriza amajambo y’Imana Allah ku mvo zo kuyemera. Nayo abagarariji baharurwa mu bapfuye, kuko ubuzima nya bwo ni ubushingiye ku bwislamu butuma umuntu yicisha bugufi ku Mana Allah. Burya rero abapfuye, Imana Allah Izobazura hanyuma basubire kuri Yo ku musi w’izuka, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo bakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta kiremwa na kimwe kigendagenda mw’isi, eka nta n’ikiguruka n’amababa mu kirere, kiretse ko vyose vyaremwe mu migwi hari ico bihuriyeko mu ndemo nkamwe. Burya nta na kimwe Twaretse ngo Twirengagize kucandika ku Rubaho rubungabunzwe “Lawhu Mahfuudhw”. Hanyuma ibiremwa vyose ku musi w’izuka, bizokwegeranirizwa hamwe ku Mana yavyo Rurema Allah, kugira Ihembe kimwe cose ku co cakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah, ni ba nyamuragi; ntibumva icobagirira akamaro, ntibavuga ukuri, bari mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ntibanashoboye guhitamwo inzira y’ubugororotsi. Uwo Imana Allah Ishatse guhuvya ku butumva bwiwe, Iramuhuvya; n’uwo Ishatse kurongora ku bugamburutsi bwiwe, Imushira mu nzira igororotse.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo nyabuna muri ico gihe, mwosaba gusa Imana Allah muyambaza ko Ibakiza intureka zabashikiye, mu gihe Yobishaka kuko ari Yo Mushoboravyose, mugashoka mwibagira ivyo muyibangikanya ko vyigeze kubaho!.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Koresha Qor’ani mu kugabisha abatinya ko bazozuka bakegeranirizwa ku Mana yabo Rurema Allah, bazi neza ko ata mutabazi bazoronka abatabara mu bihano, kiretse Imana Allah, kandi ata n’uwubavugira ku Mana Allah bazoronka ngo ntibahanwe. Bagabishe rero kugira batinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ntukirukane mu vyicaro vyawe ba ntahonikora na ba nyarucari mu bislamu, biyegereza Imana yabo Rurema Allah mu vyo bakora vyose bakanayisenga igitondo n’umugoroba bashaka kuyishimisha; nta na kimwe ubazwa ku ndishi y’ivyo bakora, eka na bo nyene nta na kimwe bagusaba. Uramutse rero ubirukanye, woba uri mu barenganya mu kutamenya icubahiro n’agateka k’umwe wese.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’ukwo nyene rero Imana Allah Yagerageje bamwe mu biremwa vyayo mu kutabaha ibibabeshaho n’inkomezi ku rugero rungana; uyu Yamuhaye gutunga, urya na we Imuha gukena; uriya Yamuhaye inkomezi n’imirya, uyu na we Imuha ingoga nke, Iraheza rero Irabagerageza mu gukenerana no mu gukenurana, kugira abatunzi mu bagarariji bavuge bitangaza bati: “Aba bakene na ba nyarucari, ni bo Imana Allah Yarongoye bakaba abislamu, ha kuba ari twebwe!”. Mbega burya Imana Allah ntizi bikwiye abayishimira Ikabashoboza kuba abagororotsi!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, nshimikiye ku vyemezo bigaragara nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah, ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende, ari na vyo mwamaze guhakana. Ibihano mwihutira gusaba mu gutebura ko vyobashikira, nta bushobozi ndabifiseko. Ingingo y’irindirizwa ry’ivyo bihano, ntija mu ngiro kiretse ku bushobozi bw’Imana Allah, Iratomora ukuri bikwiye, ni na Yo Mwiza w’abatandukanya ukuri n’ikinyoma hisunzwe ingingo y’ivyo Yageze”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Ifise impfunguruzo z’ibigega vy’ibinyegejwe ibiremwa, nta n’umwe azi ibirimwo kiretse Yo gusa, Iranazi ibibera imusozi n’ibibera mw’ibahari; nta n’ibabi rikoroka ku giti kiretse ko Irizi, eka nta n’urutete ruri mu kuzimu, eka nta n’icatsi kibisi canke cumye mu binyabuzima n’ibindi, kiretse ko vyose biri mu vyanditswe mu Gitabu gitomora vyose “Lawhu Mahfuudhw”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na ho rero abapfuye basubizwa ku Mana Allah Umuhagarikizi wabo w’ukuri. Bantu! Nimwumve mwumvireho Imana Allah, ni Yo Nyenugutunganiriza ibiremwa Ikazobicira imanza ku musi w’izuka, ni na Yo Inyarutsa mu kubiharurira kurusha abaharura bose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire ko ari Yo gusa Ishoboye kubarungikira ibihano biturutse hejuru yanyu[6], canke musi y’ibirenge vyanyu[7], canke Ikabatera kutumvikana mukicamwo imigwi mukamarana mu kwicana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose kugira batahure baheze bibuke!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega none twiyegereze mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co vyotumarira mu gihe twobisenga, ata n’ico vyotwicira mu gihe tworeka kubisenga, gutyo dusubire mu bugarariji inyuma y’aho Imana Allah Iturongoreye mu bwislamu, duce tuba nk’uwohejwe n’amashetani akazimira inzira, kandi ari kumwe n’abagenzi b’abanyabwenge bemera bamuzimurura bamugarura mu nzira ishika bati: “Ingo nyabuna dufadikanye inzira”, hanyuma akanka kuzimururwa!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, uburongozi bw’Imana Allah Yandungikanye, ni bwo burongozi nyabwo, twaranategetswe twese kwicisha bugufi ku Mubungabunzi w’ibiremwa vyose mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo dukora vyose tunayisenge tutayibangikanya”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwarategetswe kandi duti: “Nimutsimbataze amasengesho ku mwanya yagenewe, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Ni no kuri Yo muzokwegeranirizwa mwese ku musi w’izuka”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi w’umuhero w’isi igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ba”, ugaca uba ubwo nyene nk’ikubita ry’urugohe. Ijambo ryayo ni kwo kuri kudahinyuzwa. Ni Yo Nyenubwami umusi havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzuka kw’ibiremwa. Ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa n’ibiboneka, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe yabona ukwezi guserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje”. Kwa kwezi kumaze kurenga, ni ho yababwira n’agashinyaguro ati: “Imana yanje Rurema nitanshoboza gutumbera ukuri, ni ukuri nzohava mba mu bantu bahuvye inzira igororotse!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe yabona izuba riserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje, iyi ni yo nini gusumba inyenyeri n’ukwezi”. Rya zuba rimaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo mubangikanya n’Imana Allah mu bishusho n’inyenyeri;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe mu vy’ukuri, naramaze gutumbera Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuyiyegereza mu vyo nkora vyose, nkanayisenga ntayibangikanya, kandi jewe si ndi mu babangikanyamana”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarungitsweko baramuharirije ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, maze ababwira ati: “Mbega mumpaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, kandi Yaramaze kunshoboza kumenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende! Sindanatinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara kiretse mu gihe Imana yanje Rurema Allah Yoshaka ko hari ikinshikira. Burya ubumenyi bw’Imana yanje Rurema Allah bukikije ikintu cose. Mbega ntimwokwibuka mukamenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanywa!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi gute notinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara, mu gihe na mwe mudatinya ko mwabangikanije Imana Allah mu buryo ata n’icemezo Yabamanuriye kibibarekurira! Mbega ni uwuhe mugwi hagati y’ababangikanyamana n’abemeramana ukwiye gutekanirwa ko utazohanwa n’Imana Allah! Nimwaba muzi neza ukuri kw’ivyo ndababwiye, nimunyishure!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibavanga ukwemera kwabo n’ibangikanyamana, abo ni bo rero batekaniwe, ni na bo bagororotsi bashobojwe n’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIcemezo Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yashikirije abantu yarungitsweko, ni co cemezo cacu Twebwe Allah Twamushoboje gushikako, kugira bananirwe kwisigura. Burya Tuduza ivyubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa abo Dushaka mu baja bacu. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’ukwo nyene rero Twarongoye mu nzira igororotse Zakariya, Yahaya, Isa na Ilyaasi. Abo Bavugishwamana bose bari mu beranda.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’ukwo Twashoboje gukurikira ukuri abo Dushaka mu bavyeyi bazo, mu ruvyaro rwazo no muri benewabo, Twarabatoye Tubarungika gushikiriza ubutumwa ku bantu babo, Turanabarongora mu nzira igororotse yo gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbwo ni bwo bugororotsi rero buva ku Mana Allah, Ishoboza kubukurikira uwo Ishatse mu biremwa vyayo. Iyo bishika rero ko Abavugishwamana bahirahira bakabangikanya Imana Allah, ibikorwa vyabo ni ukuri vyari guhunguruka bikaba impfagusa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo Bavugishwamana, ni bo Imana Allah Yashoboje kuba abagororotsi. Ntumwa y’Imana! Urakurikira rero, ubugororotsi bwabo. Bwira ababangikanyamana uti: “Sindabasaba impembo mu vy’isi kw'ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Ubutumwa bw’ubwislamu si ikindi rero, kiretse ko ari ukurarikira n'ukwibutsa abantu bose kuba abagororotsi”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! N’iyi Qor’ani, ni Igitabu Twakumanuriye gihezagiwe, gishimangira ukuri kw’ivyamanuwe mu Bitabu vyo hambere yaco. Twakikumanuriye no kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah abantu b’i Makka, n’abandi bo mu micungararo y’aho kw’isi yose. Abemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, baremera ko Qor’ani ari amajambo y’Imana Allah, bakanatsimbataza n'amasengesho ku mwanya yagenewe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIsokora umuco w’umurango mu mwijima w’ijoro iyo umutwenzi ukitse; Yagize n’ijoro akaryo ko guturura kw’ibiremwa no kuruhuka umuruho wo ku murango; Irema izuba n’ukwezi Ituma bica mu nzira-ntasobwa ku giharuro gitegekanijwe kitihenda na gato. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Yabaremeye inyenyeri, Izigira ibimenyetso mumenyerako inzira mu mwijima w’ijoro ry’imusozi n’iryo mw'ibahari. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu b’incabwenge ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ubushobozi n'ububasha bw’Imana Allah mu kurema.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Yatanguye kubarema Ibakomoye kuri Adamu yaremwe mw’ivu, hanyuma muraheza murarondoka mu kuvyara, Ibagirira ubutururo mu bitereko vy’abagore n’ububiko bw’intanga mu ruti rw’umugongo w’abagabo. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu batahura ivyemezo vy’ubwoko bwose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bagize amajini abangikanywa n’Imana Allah bibaza ko hari ico yobungura canke ico yobatwara, kandi Imana Allah ari Yo Yabaremye hamwe n’ivyo bayibangikanya. Baranomekereye ku Mana Allah abana b’abahungu n’ab’abakobwa ku kutamenya ibiyiranga mu kuntu Iteye. Ukuninahazwa ni ukwayo, niyubahwe! Ntikitirirwe ivyo barementanya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo ata co Irinze gufatirako. Ni gute Yogira umwana kandi Itanagira umugore! Ni Yo Yanaremye ikintu cose kibaho, ni na Yo rero burya Izi ikintu cose gikozwe n'ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, nta mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, Yaremye ikintu cose kibaho, nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge. Ni na Yo rero Muhagarikizi Ibungabunga ibintu vyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtibonwa n’amaso y’ibiremwa kw’isi[17] mu gihe Yo Ibona ibiremwa vyose. Ni na Yo rero Rumenyi-Rudahishwa, Muhetuziwavyose!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBislamu! Ntimugatuke ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ku kwanka ko na bo bohava batuka Imana Allah ku kutamenya icubahiro cayo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabaryohereje gukora ibibi ku kubahana kuko ari vyo bihitiyemwo ubwabo - Turyohereza umugwi wose w’abantu ibikorwa wihitiyemwo, hanyuma bazosubizwa ku Mana yabo Rurema Allah, Iheze Ibamenyeshe ido n’ido y’ivyo bahora bakora kw’isi, Inabibahembere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Muhamadi aramutse abashikirije igitangaro bazocemera. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri, burya ibitangaro biva ku Mana Allah. Mbega bemeramana! Ni igiki cobamenyesha ko ivyo bitangaro mu gihe vyoshika, batovyemera!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira bumvirizwe banakurikirwe n’abafise imishaha itemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, baheze bakunde banahitemwo nya rementanya, maze barendegere mu gukora ivyo bakora mu vyaha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIjambo ry’Imana yawe Rurema Allah rya Qor’ani, riratunganye mu gushikiriza ukuri mu mvugo n’ingiro no mu ngingo zayo, nta woshobora guhindura na kimwe mw’ijambo ryayo, ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu gihe vyoshika ukumvira abenshi mu bantu bo kw’isi, boguhubisha inzira y’idini ry’Imana Allah. Kira noneho, ntibakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse ugukekeranya gusa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ni igiki cobabuza gufungura inyama z’ivyakerewe habanje kuvugwa izina ry’Imana Allah, kandi Imana Allah Yaramaze kubatomorera ivyo Yaziririje ko mufungura! Ariko ku mvo zo kurokora ubuzima, n’ivyaziririjwe nyene murarekuriwe kuvyikorako. Mu vy’ukuri, abenshi mu bahuvye, ni ukuri bisunga ivyipfuzo vyabo mu guhubisha abantu inzira y’Imana Allah, mu kuzirura ivyaziririjwe no mu kuziririza ivyaziruwe ku bujuju bwabo. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abarenga ku mabwirizwa yayo, ni na Yo Izobaharurira Ikanabahembera ivyo bakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Nimureke munavavanure n’ivyaha vyose, ibikorerwa ku mugaragaro muri vyo n’ibikorerwa mu mpisho. Mu vy’ukuri, abakora ivyaha bazohanwa n’Imana Allah ku vyo bahora bakora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya akarorero k'umuntu w'igipfamutima ajuragirika mu muzimagiza w'ubuhuvyi, maze Tukamuha ubuzima bw’umushaha akemera, akanakurikira n’Intumwa zacu, Tukamuha n’umuco w’ubugororotsi, ni nk’ak’uwuri mu muzimagiza w'ubuhuvyi butagira uko busa, adashoboye kubuvamwo, ata ni co bumukuramwo! Eka abo nta ho basa basana namba! Ni nk’ukwo nyene rero abagararije baryoherejwe ivyaha bahora bakora kugira bazobihanirwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Iyi rero, ni yo nzira igororotse igana ku gushimwa n’Imana yawe Rurema Allah no ku Bwami bwayo. Ni ukuri, Twaratomoreye ivyemezo vy’ubwoko bwose abantu b’abanyabwenge bibuka bakikebuka;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBafise icumbi ry’iteka n’itekane mu Bwami bw’ijuru bategekanirijwe n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ni na Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wabo ku vyiza bahora bakora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka ibizoshika ku musi w’izuka, umusi Imana Allah Yegeranirije hamwe abagarariji n’abahagarikizi babo mu mashetani, Igaca Ibabwira Iti: “Emwe mashetani mu majini! Ni ukuri mwarahubishije benshi mu bantu gushika n’aho babakurikira”, maze abayakurikiye mu bantu na bo bakavuga biregura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Bamwe bose muri twebwe baragize ico biyunguye ku bandi, gushika ikiringo cacu ca nyuma Watugeneye kubaho kw’isi giheze”. Imana Allah Izoheza Ibishure Iti: “Umuriro, ni bwo buraro n’uburamuko bwanyu mwese, kiretse uwo Imana Allah Ishatse ko atazoherayo mu bigaba vy’abemeramana”. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose, Irazi indishi ikwiye umwe wese mu biremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma amashetani ashobora kugota abagarariji mu bantu ku bugaba bwabo - Dutuma abirenganya mu kugabitanya ku Mana Allah bashobora kugota bamwe muri bo, bitewe n'ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw’isi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana yawe Rurema Allah Yabwirije ko Yosengwa, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo nkomoko y'impuhwe ku biremwa. Bantu! Ishatse rero Yobahonya Ikabasubiriza ibindi biremwa Ishaka bigaheza bikayumvira; nka kurya Yabaremye mugaheza mukarondoka mukomotse ku bandi bantu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bageneye Imana Allah umugabane mu vyo Yaremye mu biterwa, mu vyamwa no mu bitungwa, ari na wo baherezako abakene bakanazimanako n’abashitsi, baraheza bavuga bati: “Umugabane w’ibi, ni uw’Imana Allah - ku vyipfuzo vyabo - umugabane wundi na wo, ni uw’abahagarariye ibigirwamana vyacu”. Ivyo bageneye abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo rero, nta na kimwe muri vyo gishikira Imana Allah [23]; mu gihe ivyo bageneye Imana Allah, biheza bigahabwa abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo; kuko ngo Imana Allah Irikenuye. Ni mbi cane ingingo y’igabura ryabo!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, abishe abana babo kw’ikehabwenge no ku kutamenya bakanaziririza ivyo baronkejwe n’Imana Allah mu kuyirementaniriza[24], bari mu ruhombo rw'agahebuza. Ni ukuri, barahuvye inzira y’ukuri, kira noneho ntibari no mu bagororotsi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Yaremye amashamba, muri yo hari ay’ibirandaranda hejuru bikaba nk'igisenge; nka kurya kw’imizabibu; hakaba n’ay’ibitarandaranda hasi bihagaze ku gitumbatumba nk’ibiti vy’itende, n’ibindi biterwa bifise akanovera gatandukanye; hari n’imizayituni n’imikomamanga, usanga amababi yavyo asa, ariko bitandukanye mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Nimufungure rero ivyamwa vyavyo igihe vyamye, muheze munatange ishikanwa-bwirizwa ryavyo ku musi wo kwamura canke wo gusoroma; kandi rero ntimuzosesagure mu kurenza urugero rw’ibitangwa mw’ishikanwa-bwirizwa canke mu gufungura, n’ibindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura mu gutanga amatungo mu bidakenewe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaremye no mu bitungwa ibishobora kwikorera; nk’ingamiya, n’ibindi bidashoboye kwikorera; nk’inka n’intungwa. Muraheza rero mufungure mu vyo mwaronkejwe n’Imana Allah muri ivyo bitungwa, ntimuzohirahire ngo mukurikire inzira za shetani zo kuziririza ivyaziruwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta kintu nsanga kiri mu vyo nahishuriwe kizira gufungura mu vyo muziririza mu bitungwa, kiretse mu gihe coba ari intumvyi, ari ikiremve[25], ari inyama y’ingurube isanzwe mu vy’ukuri ihumanye, canke kikaba ari icakerewe ku bw’ikitari Imana Allah[26]. Uwo bizoba ngombwa rero ko afungura kuri ivyo biziririjwe mu gihe ageramiwe n’inzara, atari ku mvo zo kuryoherwa canke kurenza urugero rwo kwivuna inzara, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Izomubabarira, Nyenimbabazi ku batoni bayo[27]”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Burya Imana Allah Irafise icemezo gitandukanya ukuri n’ikinyoma mu kurungika Intumwa no mu gushinga amateka. Iyo rero Ishaka, ni ukuri Yari kubashoboza mwese kuba abagororotsi, Ikabima ishaka ryo kwihitiramwo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimuzane rero ivyabona vyanyu vyemeza ko Imana Allah Yaziririje ivyo muziririza mu biterwa no mu bitungwa!”. Nibavyemeza mw’irementanya, ntuzohirahire ngo ube icabona hamwe na bo mu kuvyemeza, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vy’abahakanye Aayah zacu Twebwe Allah mu kuziririza, canke mu kuzirura ivyaziririjwe n’Imana Allah, ntukanakurikire n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, batanabwitegurira, n’abirengagiza Imana yabo Rurema Allah bakayibangikanya n’ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuze rero ndabasomere ivyaziririjwe n’Imana yanyu Rurema Allah, ko mutoyibangikanya n’ikindi kintu mu biremwa; ko mwoba abagwaneza ku bavyeyi banyu mukabubahiriza mukanabasabira ku Mana Allah; ko mutokwica abana banyu bitewe n'ubukene, burya ni Twebwe Allah Tubaronsa ibibabeshaho mwebwe hamwe na bo; ko mutokwegera ivyaha rutura mugaheza mukavavanura na vyo, Ibikorerwa ku mugaragaro muri vyo n’ibikorerwa mu mpisho; ko mutokwica umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri [30]. Ivyo mudondaguriwe rero, ni vyo Imana Allah Yababujije, Ibaha n’iragi ryo kutabikora kugira mube abanyabwenge, mutahure amabwirizwa yayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Babwire kandi ko ari Twebwe Allah Twanahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu ntumbero yo gukwiriza abagwaneza mu bantu yarungitsweko inema zacu, no mu gutomora ingingo y’ikintu ico ari co cose mu vyerekeye idini ryabo, no kugira rero nya Gitabu kibabere inzira y’ubugororotsi n’impuhwe, baheze bemere ko hari izuka ry’ibiremwa, banaryitegurire.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbirengagiza Aayah n'ivyemezo vyacu bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu, nta co barindiriye kugira bemere atari uko bashikirwa n’umumalayika ajejwe urupfu n’abafasha biwe ku musi wo gupfa; canke ko Imana Allah Iza Ikarubacira ku musi w’izuka; canke ko bashikirwa na bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w’isi wageze[33]. Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ko ico gihe kibashikira kugira muheze mutandukanye ukuri n’ikinyoma, mumenye inkozi y’ikibi n’umugwaneza. Mu vy’ukuri, na twe nyene turarindiriye ico gihe”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo wese rero azohura n’Imana Allah ku musi w’izuka yarakoze iciza, azoheza agihemberwe kigwijwe incuro cumi; nayo uwuzohura na Yo yarakoze ikibi, ntazohabwa kiretse igihano c’ikibi kimwe yakoze, abo bose rero nta na kimwe bazorenganywako.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah Yarandongoye mu nzira igororotse igana mu Bwami bw’ijuru, ari ryo dini ry’ubwislamu ritomora ingingo zerekeye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, ni na ryo dini ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Mana Allah, ntibangikanywa n’ikintu na kimwe mu bumana bwayo, canke mu bushobozi n'ububasha bwayo bwo kurema, canke mu mazina no mu matazirano yayo. Ivyo, ni vyo biranga ukwemera nategetswe n’Imana yanje Allah, kandi ni jewe nabaye uwa mbere mu bantu narungitsweko yemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Hari ikitari Imana Allah nshaka ko coba imana yanje, kandi ari Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’ikintu cose! Nta muntu n'umwe akora icaha kiretse ko ari we nyene azogihanirwa ku gatwe kiwe, nta n’umuntu n'umwe azohanirwa icaha ca mugenziwe. Hanyuma ubwegeranirizo bwanyu ku musi w’izuka, ni ku Mana Allah, Izoheza Ibabwire ivyo mwahora muhazanako mw’idini”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yabaremye mukurakuranwa kw’isi, Ibashinga gutunganya ivy’isi mwubahirije amabwirizwa yayo, Iraheza Irabasumbasumbanya mu kubaronsa ibibabeshaho no mu kubaremana imirya, kugira Ibagerageze mu vyo Yabaronkeje. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Iranyarutsa guhana abagarariza bagabitanya. Ni ukuri, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.