caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 70

Mecca · revelation order 55 · 6:70

وَذَرِ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُوا۟ دِينَهُمْ لَعِبًا وَلَهْوًا وَغَرَّتْهُمُ ٱلْحَيَوٰةُ ٱلدُّنْيَا وَذَكِّرْ بِهِۦٓ أَن تُبْسَلَ نَفْسٌۢ بِمَا كَسَبَتْ لَيْسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلِىٌّ وَلَا شَفِيعٌ وَإِن تَعْدِلْ كُلَّ عَدْلٍ لَّا يُؤْخَذْ مِنْهَآ أُو۟لَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أُبْسِلُوا۟ بِمَا كَسَبُوا۟ لَهُمْ شَرَابٌ مِّنْ حَمِيمٍ وَعَذَابٌ أَلِيمٌۢ بِمَا كَانُوا۟ يَكْفُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Reka ababangikanyamana bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteramirako mu gutyoza no guhakana Aayah z’Imana Allah, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, maze ubibutse ukoresheje Qor’ani kugira ntihagire uwuzokwigovyora igihe yahaniwe ivyo yakoze, ico gihe ntazoronka uwumutabara mu bihano atari Imana Allah, eka ntazoronka n’uwumuvugira kuri Yo kugira ntahanwe, n’aho yotanga imbohozo kugira ntahanwe ntizokwemerwa namba. Abo ni bo rero bazohanirwa ivyo bakoze, bahemburwe n’ikinyobwa c’amarike yasebuye akaryimara, bahabwe n’ibihano bibabaza bitewe n’ukuntu bagarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagahakana n’ubwislamu.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70