caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 130

Mecca · revelation order 55 · 6:130

يَٰمَعْشَرَ ٱلْجِنِّ وَٱلْإِنسِ أَلَمْ يَأْتِكُمْ رُسُلٌ مِّنكُمْ يَقُصُّونَ عَلَيْكُمْ ءَايَٰتِى وَيُنذِرُونَكُمْ لِقَآءَ يَوْمِكُمْ هَٰذَا قَالُوا۟ شَهِدْنَا عَلَىٰٓ أَنفُسِنَا وَغَرَّتْهُمُ ٱلْحَيَوٰةُ ٱلدُّنْيَا وَشَهِدُوا۟ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمْ أَنَّهُمْ كَانُوا۟ كَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazobwirwa bati: “Emwe bagarariji mu majini no mu bantu! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zarungitswe muri mwebwe abantu[22], zikabiganira Aayah zanje zibatomorera amabwirizwa yanje, zikanabagabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryanyu?”. Abagarariji bazoca bishura bati: “Ego cane! Turavyemanga ko Intumwa zawe zadushikirije Aayah zawe, zikanatugabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryacu, maze turazihakana twivuye inyuma”. Bahenzwe rero n’ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi, bazoheza kandi rero bemange ubwabo ko bari abagarariji, batemera Imana Allah n’Intumwa zayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70