وَمَنْ أَظْلَمُ مِمَّنِ ٱفْتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوْ قَالَ أُوحِىَ إِلَىَّ وَلَمْ يُوحَ إِلَيْهِ شَىْءٌ وَمَن قَالَ سَأُنزِلُ مِثْلَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ وَلَوْ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ فِى غَمَرَٰتِ ٱلْمَوْتِ وَٱلْمَلَٰٓئِكَةُ بَاسِطُوٓا۟ أَيْدِيهِمْ أَخْرِجُوٓا۟ أَنفُسَكُمُ ٱلْيَوْمَ تُجْزَوْنَ عَذَابَ ٱلْهُونِ بِمَا كُنتُمْ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ غَيْرَ ٱلْحَقِّ وَكُنتُمْ عَنْ ءَايَٰتِهِۦ تَسْتَكْبِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Itigeze Ituma Intumwa mu bantu; canke uwuvuga ati: “Narahishuriwe”, kandi Imana Allah Itigeze Imuhishurira ikintu na kimwe; canke uwuvuga ati: “Nanje ndashoboye kumanura nk’ivyo Imana Allah Yamanuye muri Qor’ani!”. Ntumwa y'Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganya mu kurementaniriza Imana Allah bamerewe igihe bari ku mpfiro, wobonye igitangaza giteye ubwoba igihe abamalayika bajejwe kwakira imishaha y’ibiremwa, bariko barababwira n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwikuremwo imishaha yanyu rero! Uno musi muhabwa igihano c’agasuzuguro gitewe n’ukuntu mwahora murementaniriza Imana Allah, n’ukuntu mwahora mugira amanyama mu kudakurikira Qor’ani n’Intumwa z’Imana Allah”;