Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwubahirize amasezerano y’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu kubungabunga no gushikiriza imbitso bene zo; mwubahiriza n’amasezerano y’ubuguzi hagati yanyu, n’ay’ibindi bidaciye kubiri n’ingingo ziri mu Gitabu ca Qor’ani no mu nyigisho n’imigenzo vy’intumwa. Mwaraziruriwe gufungura inyama za bimwe mu bitungwa, na zo ni inyama y’ingamiya, iy’inka n’iy’intungwa, havuyemwo ivyo mwatomorewe n’Imana Allah ko bizira gufungurwa mu ntumvyi[1], ikiremve [2] n’ibindi, kugira uruhigi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara n’urubega, canke muri mu karere gatagatifu ka Makka. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibwiriza ivyo Ishaka mu ntumbero nziza kandi itunganye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiVyaraziririjwe kuri mwebwe kurya intumvyi, ikiremve, inyama y’ingurube, iy’icavugiweko izina ritari iry’Imana Allah mu gihe co kugikerera, iy’icanizwe kigapfa, iy’icakubiswe gushika aho gipfa, iy’icahanantutse kigapfa, hamwe rero n’iy’icacumiswe ihembe n’ikindi kigapfa. Vyaranaziririjwe kuri mwebwe kurya ibitungwa vyariwe n’inyamaswa[7], kiretse mu gihe mwobikerera bitaradenduka. Vyaraziririjwe kuri mwebwe gufungura ivyabagiwe ibigirwamana hamwe no gusokora imyampi mu ndaha mu ntumbero yo kumenya ico mwokora muri kazoza. Ukugira ivyo bizira rero, ni ubugaba butuma murenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah. Ubu rero abagararije, baramaze kwihebura ko mwovavanura n’idini ryanyu mukarivamwo inyuma y’aho mubatsindiye. Kubera ivyo rero ntimukabatinye, nyabuna nimuntinye Jewe Allah. Kuri uno musi, idini ryanyu ry’ubwislamu Ndaribakwirije ku kubashikana ku ntsinzi, Ndabatunganirije n’inema zanje ku kubakura mu muzimagiza, Nkabashira mu muco w’ukwemera, kira noneho, Naramaze kubahitiramwo ubwislamu kuba ari ryo dini ryanyu, nimuritsimbatareko rero. Ariko rero uwishwe n’inzara, bikaba ngombwa kuri we kurya intumvyi, atarondera gukora n’ibigirankana icaha, ararekuriwe kuyikorako mu kwikiza nya nzara. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ingendanyi zawe zirakubaza ku vyerekeye ivyo zirekuriwe kwikorako mu mfungurwa! Zishure uti: “Murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, ibihigwa vyafashwe n’inyamaswa mwamenyereje gufatisha inzara n’amenyo mu ruhigi [8], mukazigisha uburyo bwo guhiga mwigishijwe n’Imana Allah mu gucakira canke gukomeretsa gusa, ntizinige”, muraheza rero mufungure ku vyo zabahigiye, muvuge n’Izina ry’Imana Allah mu gihe co kuzirekurira ku gihigwa, maze mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Kuri uno musi rero, biri mu gukwirizwa inema, kuba murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, muranarekuriwe kandi gufungura ibibagwa vy’abahawe Igitabu mu bayahudi no mu banaswara, mu gihe vyokererwa hisunzwe amabwirizwa yabo; na bo nyene bararekuriwe gufungura ibibagwa vyanyu. Muranarekuriwe kwabira abakenyezi bigenga mu bemeramanakazi badashurashura muri mwebwe. Vyongeye, murarekuriwe no kwabira abakenyezi bigenga, badashurashura mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu, mu gihe mwobakwa mu ntumbero yo kwubakana na bo bidaciye mu gushurashura, kibure mu kubagira abahabara. Ivyo rero, mubirekuriwe mu gihe mwobona ko bitobatsitaza mu kwemera kwanyu. Uwo wese rero azogarariza mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa y’ukwemera, ni ukuri ibikorwa vyiwe bizohunguruka bicike impfagusa, kandi na we nyene azoba ari mu bahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimube abahagarikizi vy’ukuri ku vyo mushinzwe ku bw’Imana Allah, mube n’ivyabona vy’intungane ata nkunzi. Urwanko mufitiye abantu ntiruzobabuze kubatunganiriza canke kubabera ivyabona. Nimutunganirize rero abansi banyu co kimwe n’abakunzi banyu ata ho muhengamiye. Ukwo gutunganiriza abantu ata nkunzi, ni vyo bibegereza kw’igamburukiramana, nimutinye rero Imana Allah mu kwiyubara kurenganya. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanahakana Aayah n’ivyemezo vyazanwe n’Intumwa zayo vyerekana ko ari Imwe Rudende, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Imana Allah Yarahaye Bene Israyeli isezerano rihambaye ryo kuyumvira, bakumvira n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’ibiri muri Tawurati. Twebwe Allah Twaranabwirije Intumwa Musa ko yobagenera indongozi cumi na zibiri z’inararibonye, zihagarikira iyubahirizwa ry’iryo sezerano mu miryango cumi n’ibiri ya Bene Israyeli, gutyo Imana Allah Ibabwira Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe mu kubacungera no mu kubatabara. Nimwatsimbataza isengesho, mugatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mukemera n’Intumwa zanje mukanazishigikira, mukagurana Imana Allah ingurane nziza mu gutanga mu nzira yayo, ni ukuri Nzobababarira ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ni ukuri Nzonabinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Uwo wese rero azogarariza muri mwebwe akarenga kuri iri sezerano, ni ukuri azoba yahuvye inzira y’ukuri”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHakoreshejwe ico Gitabu ca Qor’ani rero, Imana Allah Irongora abagenzwa no gushimwa na Yo mu nzira zibashikana kw’iteka n’itekane n’amahoro, ku burenganzira bwayo rero Igaheza Ikabakura mu muzimagiza w’ubugarariji, Ikabaganisha ku muco w’ukwemera, Ikanabashoboza gukurikira inzira igororotse y’ubwislamu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbavuze ko Imana Allah ari we Masihi Isa mwene Mariyamu, ni ukuri baramaze kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ni nde yoshobora gukingira urupfu Masihi mwene Mariyamu be na nyina wiwe, mu gihe Imana Allah Yoshaka ko bapfa bompi hamwe n’ibiremwa vyose biri kw’isi[10]! Eka nta n’umwe yoshobora kubakingira urupfu, kuko burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Irema ico Ishatse kikaba. Imana Allah ni Mushoboravyose[11].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbayahudi n’abanaswara barinamuye bavuga bigamba bati: “Twebwe turi abana b’Imana Allah tukaba n’abakunzi bayo”. Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Nivyaba biri nk’ukwo muvuga, none ni kuki Imana Allah Ibahanira ivyaha vyanyu nimwaba koko muri abakunzi bayo! Muranguha! Ahubwo mwebwe muri ibiremwa nk’ibindi muri Bene Adamu, muzorihwa iciza ku ciza, murihwe n’ikibi ku kibi”. Burya rero, Imana Allah Igumiriza akabanga ku vyaha Ikababarira uwo Ishatse, Ikanahana uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu banje! Enda nimwinjire mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ari na co Imana Allah Yabasezeraniye ko mwinjira mugahangana n’abagarariji. Ntimuzogenze umugongo ngo muhunge urugamba; muramutse muruhunze, mwotahira agahombo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa, ni ho yaca atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, nta we mfiseko ububasha, kiretse agatwe kanje na murumunanje. Kubera ivyo rero, ruducire hagati yacu n’abantu b’ibigaba bari aho”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaramwumviye Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, kuva uno musi, kwinjira igisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ni ikizira kuri Bene Israyeli mu kiringo c’imyaka mirongo ine, bazokwamana intekera ku mutwe bazembagirika kw’isi, eka mbere ntukagirire impungenge abantu b’ibigaba”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Cira agace Bene Israyeli ku nkuru y’ukuri y’ivyashikiye Bene Adamu Qaabiili na Haabiili, igihe umwe wese muri bo yiyegereza ku Mana Allah mu gutanga ikimazi[12], Imana Allah Iraheza Yakira ikimazi catanzwe na Haabiili kuko yatinya Imana Allah akayigamburukira; Yanka kwakira ikimazi catanzwe na Qaabiili kuko ari ikigaba. Ni ho Qaabiili yaca asharika Haabiili amubwira ati: “Ntegerezwa kukwica!”, Haabiili na we amwishura amuhanura ati: “Ni ukuri, Imana Allah Yakirira abayitinya bakayigamburukira;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe nshaka ko uruhira kwikorera ivyaha vyo kunyica vyiyongereye ku vyo wari usanganwe, ushoke uja mu bantu bo mu muriro. Iyo ni yo ndishi y’abarenganya abandi”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho Imana Allah Yarungika igikona, cimba ikinogo hasi gishaka gufuririramwo ikindi gikona cishe, kugira cereke Qaabiili ukuntu afuba ikiziga ca murumunawe kimutera urubwa. Ni ho yitangaza yicuza ati: “Amagorwa arama yemwe! Nananiwe no kuba nk’iki gikona, ngaheza nkafuba ikiziga ca murumunanje!”. Ni ho rero yashoka amufuba, aca aruhira kuba mu bicuza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko rero, abazokwigaya muri bo bakishikana imbere yuko mubafata, muramenya ko ibihano bategekanirijwe ku Mana Allah bizohanagurwa. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze muyiyegereze mu kuyumvira no mu gukora ibiyishimisha, maze muharanire n’idini ryayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, vyoshika bakaba bagaba ibiri kw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibingana na vyo, bagashaka gutanga ivyo bagaba vyose kugira bigombore mu bihano vyo ku musi w’izuka, Imana Allah ntiyokwemeye ivyigombozo vyabo, mbere baranategekanirijwe ibihano bibabaza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwivye, yaba umuhungu canke umukobwa, murabaca ibikonjo vyabo mwisunze ibwirizwa ry’Imana Allah, ni co gihano c’abivye ivya murundi badafiseko uburenganzira, cagenwe n’Imana Allah ku guhasha abasuma. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwigaye inyuma yo kwiba, akanatunganya ibikorwa vyiwe asabwa n’Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah Izomubabarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko Imana Allah ari Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo! Ihana uwo Ishatse Ikagumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ntibimuhanire, burya Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbahawe Injili rero, bakaba ari na bo barungikiwe Intumwa Isa, nyabuna nibatunganirize abantu bisunze ivyamanuwe n’Imana Allah muri yo. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu kubatunganiriza, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none abo bayahudi bashaka ko ubatunganiriza wisunze ingingo zubahirizwa n’ababangikanyamana! Eka ntibikabe! Mbega ni nde mwiza w’intungane yoza asumba Imana Allah mu gufata ingingo y’ukuri, ku bantu bazi neza ko ingingo y’Imana Allah ari yo y’ukuri!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abayahudi n’abanaswara abagenzi banyu somambike mu kubahereza amabanga yanyu, mu gihe ata rukundo babafitiye. Umugwi wose muri bo uracuditse n’uwundi; baratabarana hagati yabo, bagafatana mu mugongo mu kubarwanya. Uwuzobagira abagenzi somambike acuditse na bo rero, azoharurwa muri bo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu birenganya mu gucudika n’abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUzobona abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo, bihutira kubagira abagenzi somambike bavuga mu kwisigura bati: “Burya tubagira abagenzi somambike ku gutinya ko baramutse batsinze abislamu, na twe boduhitana”. Imana Allah Yabishuye ko kumbure hari n’aho Yogarurira abislamu igisagara ca Makka canke Ikabashikana ku ntsinzi bakaganza, izo ndyarya zikazokwicuza ku catumye zicudika na bo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri ico gihe, abemeramana bazobwirana hagati yabo bitangaza bati: “Mbega none, aba ni bo barahiye bakarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko mu vy’ukuri bari kumwe na mwe!”. Ibikorwa vyabo rero vyarahungurutse bicika impfagusa kuko babikorana uburyarya, nta co bazokuramwo atari agahombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ni ukuri umuhagarikizi n’umutabazi wanyu, ni Imana Allah n’Intumwa yayo, hamwe rero n’abemeramana; barya batsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bakanatanga n’ishikanwa-bwirizwa bicishije bugufi ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo wese rero azogira Imana Allah Umuhagarikizi, agaheza akizera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, azoba ari mu mugwi uharanira Imana Allah. Burya mu vy’ukuri, umugwi uharanira Imana Allah, ni wo wenintsinzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Mbega ndababwire uwuzoronka indishi mbi cane ku Mana Allah, isumba iy’ivyo bigaba ku musi w’izuka! Ni barya bakomoka ku bo Imana Allah Yavumye, Ikabashavurira, Ikanahindura bamwe muri bo inkende n’ingurube, hamwe rero n’abasenga ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose[17]. Abo ni bo bantu rero bafise uburuhukiro bubi cane, banahuvye cane n’inzira y’ukuri”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Iyo indyarya mu bayahudi zije zibagana, zibabwira mu bwiyorobetsi ziti: “Twaremeye”, kandi zikiri mu bugarariji. Ni ukuri zinjirana ubugarariji aho muri, hanyuma zigasohoka uko zaje. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo zihishije mu mushaha n’aho zibiyorobekako.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Uzobona benshi mu bayahudi bihutira gukora ivyaha vyo kubesha, kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah hamwe rero no kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira. Ni ukuri, ni bibi cane ivyo bakora ku karenganyo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango[18], Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo abahawe Igitabu bemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, bakanayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubababarira ibicumuro n’ivyaha vyabo, ni ukuri Twari no kubinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari we Masihi mwene Mariyamu, baramaze kugarariza, kuko Masihi ubwiwe yabwiye Bene Israyeli ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro. Abirenganije mw’ibangikanyamana ntibazoronka n’umwe abatabara mu bihano”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda[23], baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ntibogaruka ku Mana Allah bakigaya ku vyo bavuga, bakanayisaba imbabazi! Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya rero Masihi mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) si ikindi, kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe n’Imana Allah aho hambere; na nyina wiwe yari imvugakuri yemera vy’ukuri, Masihi hamwe na nyina barihereza imfungurwa nk’ibindi biremwa, mu gihe ata mana y’ukuri ikenera kubeshwaho n’imfungurwa. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubatomorera ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ntibaheze ngo bave mu muzimagiza w’ubuhuvyi! Hanyuma urabe n’ukuntu bagarariza ukuri kandi baramaze kukumenya, maze bakareka kwemera no gusenga Imana Allah Yaremye batayibangikanya!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mubangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana ata co bibatwara mu gihe mworeka kubisenga, ata n’ico bibungura mu gihe mwobisenga! Burya rero Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mishaha yanyu”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwobuzwa n’iki kwemera Imana Allah hamwe no kwemera tugakurikira ukuri twashikirijwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kuvuye ku Mana Allah, tukanizera ko Imana yacu Rurema Allah Izotwinjiza mu Bwami bw’ijuru hamwe n’aberanda bayumvira!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ukwo kwemanga rero, Imana Allah Izobahemba imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo ni na yo ndishi rero yagenewe abagwaneza mu mvugo n’ingiro.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije bakanahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa zacu, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukaziririze ivyiza biryoshe vyarekuwe n’Imana Allah mu mfungurwa, ibinyobwa no kwabira abakenyezi, kandi ntimukarenge ku mabwirizwa yayo mu gukora ivyo Yababujije. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimufungure rero ibirekuwe mu vyo Imana Allah Yabaronkeje, muheze muyitinye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo nimwaba koko ari Yo mwemera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, nta caha kiri kuri bo co kunywa inzoga imbere yuko iziririzwa; mu gihe bovavanura na yo bakirinda gukora ibishavuza Imana Allah banayemera, bagashishikara gukora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma bakabandanya batinya Imana Allah bayigamburukira, banayemera gushika n’aho barangwa n’ubugwaneza mu kwiyegereza Imana Allah banayisenga nk’aho bayibona imbona nkubone. Burya Imana Allah Irakunda abarangwa n’ubugwaneza gushika aho bemera ibinyegejwe ibiremwa nk’aho babibona.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAl-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu[32], kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose[33], n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Nimumenye ko Imana Allah Ihana Igahasha ibigaba, n’uko Imana Allah ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwitwararike kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, n’aho abantu batobumvira. Abahuvye inzira, nta co bazobicira mu gihe mwoguma mu nzira igororotse, mugategeka gukora ivyiza, mukabuza no gukora ibibi. Impera n’imperuka, mwese muzosubira ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibamenyeshe ivyo mwakoze Inabibahembere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ukwemeza iragi ry’uwuri ku mpfiro muri mwebwe, gusaba ivyabona bibiri vy’intungane muri mwebwe, canke ivyabona bibiri mu batari abislamu mu gihe hatoboneka abislamu, maze bikababera ivyabona mu kwemeza nya ragi igihe hogira uwushikirwa n’urupfu ari ku rugendo. Ivyo vyabona rero, nimwabigirako amakenga, muraheza mubihagurutse inyuma yo gusenga, canecane isengesho ryo ku muhingamo, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah mu kwemeza iryo ragi, biti: “Turarahiye ko tutarota twakira igiturire mu kuba ivyabona n’aho twobera ivyabona uwo dusangiye umuryango; n’uko tutazonyegeza na kimwe mu kuri tuzi, tukaba ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu bacumuye”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbasigwa b’umuhisi, nibamenya ko ivyo vyabona bikwiye kwagirizwa icaha co guhemuka mu kutaba ivyabona vy’ukuri canke mu kutemeza iragi nk’uko riri, muraheza muhagurutse ibindi vyabona bibiri mu basigwa b’umuhisi, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah biti: “Ni ukuri, ivyo twemeza mu kuba ivyabona, ni ivy’ukuri, mbere bikwiye kwemerwa gusumba ivyemejwe n’ivyabona vya mbere, nta kuri twahonyanze mu vyo twemeje; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu birenganije mu kurenga amabwirizwa y’Imana Allah”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbakunzi mu bigishwa biwe bavuze bati: “Dushaka gufungura ku mfungurwa ziri kuri nya meza, gutyo imitima yacu iturure, duheze tumenye ata makenga ko watubwiye ukuri ku bijanye n’ubutumwa bwawe, twongere tube no mu biboneye n’amaso igitangaro c’iyo meza cemeza ko uri Intumwa”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaramwishuye Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndabamanurira iyo meza y’imfungurwa musavye. Inyuma y’imanurwa ryayo rero, uwuzogarariza muri mwebwe Imana Allah n’Intumwa yayo Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aramenya ko mu vy’ukuri Nzomuha ibihano ruhasha ntazohanisha uwundi n’umwe mu biremwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSinigeze na rimwe ndababwira kiretse ivyo Wantegetse Uti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema”; igihe cose nari nkiri kumwe na bo rero, nari icabona ku vyo bavuga no ku vyo bakora. Umaze kunderura nkaza iwawe mw’ijuru, ni Wewe gusa Wari Umureretsi w’ivyo bakora kw’isi, ni na Wewe uri Cabonamurivyose, kuko Uzi ivyo bakoze vyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana Allah! Uramutse ubahaniye ivyo bakoze, bo mu vy’ukuri ni abaja bawe, Urabafiseko uburenganzira; Ubagumirije akabanga ku vyaha vyabo naho, maze ku mpuhwe zawe Ukareka kubihanira uwigaye muri bo, Wewe mu vy’ukuri ni We Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Izobwira Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Iti: “Uwu musi w’izuka rero, ni umusi w’indishi, aho ukwemera kugirira akamaro imvugakuri mu bemeramana zubahirije amabwirizwa y’Imana Allah. Zarategekanirijwe imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabishimiye, Iraheza Ibakirira ivyiza vyabo, na bo nyene kandi barishimiye indishi y’ivyo bakoze, iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Burya Imana Allah rero, ni na Yo Mushoboravyose.