caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 157

Mecca · revelation order 55 · 6:157

أَوْ تَقُولُوا۟ لَوْ أَنَّآ أُنزِلَ عَلَيْنَا ٱلْكِتَٰبُ لَكُنَّآ أَهْدَىٰ مِنْهُمْ فَقَدْ جَآءَكُم بَيِّنَةٌ مِّن رَّبِّكُمْ وَهُدًى وَرَحْمَةٌ فَمَنْ أَظْلَمُ مِمَّن كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَصَدَفَ عَنْهَا سَنَجْزِى ٱلَّذِينَ يَصْدِفُونَ عَنْ ءَايَٰتِنَا سُوٓءَ ٱلْعَذَابِ بِمَا كَانُوا۟ يَصْدِفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNo kugira rero ntimuzovuge mwiyeza muti: “Iyo tuja kumanurirwa Igitabu, ni ukuri twari kuba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara”. Bantu rero mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)! Ni ukuri mwaramaze gushikirwa na Qor’ani, ari na co cemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ikaba n’uburongozi n’impuhwe kuri mwebwe. Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwahakanye yivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah akanavyirengagiza. Twebwe Allah, Tuzoha abirengagije Aayah n'ivyemezo vyacu ibihano ruhasha, bitewe n'ukuntu bahora bavyirengagiza bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70