caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 94

Mecca · revelation order 55 · 6:94

وَلَقَدْ جِئْتُمُونَا فُرَٰدَىٰ كَمَا خَلَقْنَٰكُمْ أَوَّلَ مَرَّةٍ وَتَرَكْتُم مَّا خَوَّلْنَٰكُمْ وَرَآءَ ظُهُورِكُمْ وَمَا نَرَىٰ مَعَكُمْ شُفَعَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ زَعَمْتُمْ أَنَّهُمْ فِيكُمْ شُرَكَٰٓؤُا۟ لَقَد تَّقَطَّعَ بَيْنَكُمْ وَضَلَّ عَنكُم مَّا كُنتُمْ تَزْعُمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu musi w’izuka naho bazobwirwa bati: “Ni ukuri mwaje guharurirwa iwacu Twebwe Allah umwumwe ku gatwe kiwe; nk’uko Twabaremye ubwa mbere kw’isi mukavuka n’ibirenge bisa, muri gusa. Ivyo Twabahaye mwahora mwishimira, vyose mwabisize inyuma y’umugongo kw’isi, nta n’umwe Tubona muri kumwe mu bigirwamana mwahora mwibaza ko vyobavugira ku Mana Allah, mukibaza n’uko bikwiye kubangikanywa n’Imana Allah. Ni ukuri ico mwapfana kw’isi carangiye, n’ivyo mwahora mwemera vyose mu bigirwamana vyazimanganye.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70