caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 50

Mecca · revelation order 55 · 6:50

قُل لَّآ أَقُولُ لَكُمْ عِندِى خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعْلَمُ ٱلْغَيْبَ وَلَآ أَقُولُ لَكُمْ إِنِّى مَلَكٌ إِنْ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَىَّ قُلْ هَلْ يَسْتَوِى ٱلْأَعْمَىٰ وَٱلْبَصِيرُ أَفَلَا تَتَفَكَّرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe sindigera ndababwira ko ngaba ibigega vy’Imana Allah nkabeshaho ibiremwa, eka sindigera nigira rumenyi rw’ibinyegejwe ibiremwa, eka sindanababwira ko ndi umwami, jewe ndi Intumwa y’Imana, nkurikira ivyo mpishuriwe, ngaheza nkabishikiriza abantu”. Babwire kandi uti: “Mbega umugarariji yigenza nk’impumyi[4] atigera abona ivyemezo vy’Imana Allah ngo avyemere, ni nk’umwemeramana abona ivyemezo vy’Imana akavyemera! Mbega ntimwiyumvira ngo mubone ukuri, muheze mukwemere!”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70