caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 138

Mecca · revelation order 55 · 6:138

وَقَالُوا۟ هَٰذِهِۦٓ أَنْعَٰمٌ وَحَرْثٌ حِجْرٌ لَّا يَطْعَمُهَآ إِلَّا مَن نَّشَآءُ بِزَعْمِهِمْ وَأَنْعَٰمٌ حُرِّمَتْ ظُهُورُهَا وَأَنْعَٰمٌ لَّا يَذْكُرُونَ ٱسْمَ ٱللَّهِ عَلَيْهَا ٱفْتِرَآءً عَلَيْهِ سَيَجْزِيهِم بِمَا كَانُوا۟ يَفْتَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana baranavuze bati: “Ibi bitungwa n’ibiterwa twageneye ibigirwamana birakingiwe, nta wurekuriwe kuvyikorako kiretse uwo dushaka mu babihagarariye, no mu bandi. Ivyo rero babivuga ku vyipfuzo vyabo. Hanyuma bati: "Izi ngamiya na zo kirazira kuzurira canke kuzihekako ikintu na kimwe”. Hakaba rero n’izindi ngamiya mu kuzikoresha ikintu ico ari co cose, batigera baninahaza Imana Allah. Ivyo vyose rero, babikora mu kurementaniriza Imana Allah. Imana Allah rero, Izobahembera ivyo bahora bayirementaniriza.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70