وَأَقْسَمُوا۟ بِٱللَّهِ جَهْدَ أَيْمَٰنِهِمْ لَئِن جَآءَتْهُمْ ءَايَةٌ لَّيُؤْمِنُنَّ بِهَا قُلْ إِنَّمَا ٱلْـَٔايَٰتُ عِندَ ٱللَّهِ وَمَا يُشْعِرُكُمْ أَنَّهَآ إِذَا جَآءَتْ لَا يُؤْمِنُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Muhamadi aramutse abashikirije igitangaro bazocemera. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri, burya ibitangaro biva ku Mana Allah. Mbega bemeramana! Ni igiki cobamenyesha ko ivyo bitangaro mu gihe vyoshika, batovyemera!”.