caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 19

Mecca · revelation order 55 · 6:19

قُلْ أَىُّ شَىْءٍ أَكْبَرُ شَهَٰدَةً قُلِ ٱللَّهُ شَهِيدٌۢ بَيْنِى وَبَيْنَكُمْ وَأُوحِىَ إِلَىَّ هَٰذَا ٱلْقُرْءَانُ لِأُنذِرَكُم بِهِۦ وَمَنۢ بَلَغَ أَئِنَّكُمْ لَتَشْهَدُونَ أَنَّ مَعَ ٱللَّهِ ءَالِهَةً أُخْرَىٰ قُل لَّآ أَشْهَدُ قُلْ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٌ وَٰحِدٌ وَإِنَّنِى بَرِىٓءٌ مِّمَّا تُشْرِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni igiki coba icabona gihambaye cemeza ko ndi Intumwa y’Imana vy’ukuri!”. Nibatakwishura, uraca ubabwira uti: “Imana Allah ni co Cabona hagati yanje na mwe Cemeza ko ndi Intumwa, Kikanamenya neza n’ivyo muvuga. Yaranampishuriye Qor’ani kugira ndabagabishe ntimuzohanwe, nongere ngabishe n’imigwi y’abantu izoshikirwa na Qor’ani uko izogenda ikurakuranwa kw’isi. Mbega mwokwemanga mu vy’ukuri ko hariho izindi mana zibangikanije n’Imana Allah!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe singiye kuba icabona ku vyo mwemanze”. Babwire uti: “Ni ukuri Allah ni Imana Imwe Rudende. Kandi jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo muyibangikanya vyose”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70