caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 35

Mecca · revelation order 55 · 6:35

وَإِن كَانَ كَبُرَ عَلَيْكَ إِعْرَاضُهُمْ فَإِنِ ٱسْتَطَعْتَ أَن تَبْتَغِىَ نَفَقًا فِى ٱلْأَرْضِ أَوْ سُلَّمًا فِى ٱلسَّمَآءِ فَتَأْتِيَهُم بِـَٔايَةٍ وَلَوْ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَمَعَهُمْ عَلَى ٱلْهُدَىٰ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلْجَٰهِلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Niwaremerwa n’igarariza ryabo ryo kutakwumvira, uraheza wihangane. Usangwa ushobora guca inzira ica mu kuzimu, canke ukurira ingazi igushikana mw’ijuru, maze ukabazanira icemezo cerekana ukuri ku vyo ushikiriza, kitari mu vyo Twaguhishuriye, urakizana. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubashoboza bose kuba abagororotsi, ariko rero ntiyabigize ukwo ku mvo zizwi gusa na Yo. Kubera ivyo rero, ntukabe mu bantu badatahura Imana Allah, bicwa n’intuntu bakihebura.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70