قُلْ هُوَ ٱلْقَادِرُ عَلَىٰٓ أَن يَبْعَثَ عَلَيْكُمْ عَذَابًا مِّن فَوْقِكُمْ أَوْ مِن تَحْتِ أَرْجُلِكُمْ أَوْ يَلْبِسَكُمْ شِيَعًا وَيُذِيقَ بَعْضَكُم بَأْسَ بَعْضٍ ٱنظُرْ كَيْفَ نُصَرِّفُ ٱلْـَٔايَٰتِ لَعَلَّهُمْ يَفْقَهُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire ko ari Yo gusa Ishoboye kubarungikira ibihano biturutse hejuru yanyu[6], canke musi y’ibirenge vyanyu[7], canke Ikabatera kutumvikana mukicamwo imigwi mukamarana mu kwicana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose kugira batahure baheze bibuke!”.