caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-An'aam, Verse 91

Mecca · revelation order 55 · 6:91

وَمَا قَدَرُوا۟ ٱللَّهَ حَقَّ قَدْرِهِۦٓ إِذْ قَالُوا۟ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ بَشَرٍ مِّن شَىْءٍ قُلْ مَنْ أَنزَلَ ٱلْكِتَٰبَ ٱلَّذِى جَآءَ بِهِۦ مُوسَىٰ نُورًا وَهُدًى لِّلنَّاسِ تَجْعَلُونَهُۥ قَرَاطِيسَ تُبْدُونَهَا وَتُخْفُونَ كَثِيرًا وَعُلِّمْتُم مَّا لَمْ تَعْلَمُوٓا۟ أَنتُمْ وَلَآ ءَابَآؤُكُمْ قُلِ ٱللَّهُ ثُمَّ ذَرْهُمْ فِى خَوْضِهِمْ يَلْعَبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana ntibahaye Imana Allah icubahiro nya cubahiro kiyikwiye, igihe bahakana imanurwa ry’Ibitabu bakinamura bati: “Imana Allah ntiyigeze Ihishurira n’umwe mu biremwa ikintu na kimwe”. Babwire uti: “Nivyaba ari nk'uko mubivuga, none ni nde yamanuriye Musa Igitabu ca Tawurati yazaniye abantu biwe kugira kibabere umuco utandukanya ukuri n’ikinyoma, kibabere n'inzira y’ubugororotsi!”, ni na co Gitabu mwebwe abayahudi mwagize impapuro zitatanye, mwerekana zimwe, mukanyegeza nyinshi muri zo[11]. Bantu ba Muhamadi! Na mwe mwarigishijwe muri Qor’ani ivyo mutari muzi[12], mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Yo Yamanuye nya Gitabu”, hanyuma ubarekere mw’ihakana n’ityoza ryabo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70