Home › Surahs › Surah Al-Hijr
Surah Al-Hijr الحجر
99 verses · Mecca · revelation order 54
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ الٓر تِلْكَ ءَايَٰتُ ٱلْكِتَٰبِ وَقُرْءَانٍ مُّبِينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Alif Laam Raa [1]. Izi ni Aayah z’Igitabu, ico Gitabu kikaba ari yo Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo.
See all translations of this verse →
رُّبَمَا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَوْ كَانُوا۟ مُسْلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe abagarariji babonye ibigaba mu bislamu bitezuriwe bikava mu muriro wa Jahannamu, bazokwicuza igituma batabaye abislamu.
See all translations of this verse →
ذَرْهُمْ يَأْكُلُوا۟ وَيَتَمَتَّعُوا۟ وَيُلْهِهِمُ ٱلْأَمَلُ فَسَوْفَ يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Reka abagarariji barye baryame, bidagadure baryoherwe gato n’ubuzima bw’isi, maze basamazwe no guhurumbira kwegeranya ivy’isi ha kugamburukira Imana Allah; bitebe bitebuke, bazomenya neza iherezo ryabo, ko ari ribi.
See all translations of this verse →
وَمَآ أَهْلَكْنَا مِن قَرْيَةٍ إِلَّا وَلَهَا كِتَابٌ مَّعْلُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nibaba rero bakugarariza ku gushaka kwihutira guhanwa, nibamenye ko ata ho Twigeze guhana abanyagacimbiri ngo Tubahonye, kiretse igihe isango ry’ihonywa ryabo rigeze.
See all translations of this verse →
مَّا تَسْبِقُ مِنْ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسْتَـْٔخِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ryarenganye.
See all translations of this verse →
وَقَالُوا۟ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِى نُزِّلَ عَلَيْهِ ٱلذِّكْرُ إِنَّكَ لَمَجْنُونٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abagarariji babwiye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) batebura bati: “Ewe muntu wamanuriwe Qor’ani, wewe mu vy’ukuri warakehewe n’ubwenge;
See all translations of this verse →
لَّوْ مَا تَأْتِينَا بِٱلْمَلَٰٓئِكَةِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ubwo ntiwari gupfuma utumanurira abamalayika bemeza ukuri kwawe niwaba uri mu mvugakuri!”.
See all translations of this verse →
مَا نُنَزِّلُ ٱلْمَلَٰٓئِكَةَ إِلَّا بِٱلْحَقِّ وَمَا كَانُوٓا۟ إِذًا مُّنظَرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Yaciye Ibishura Iti: “Burya Twebwe Allah, ntitumanura abamalayika, kiretse mu gihe hageze ihanwa ry’abagarariji vy’ukuri. Muri ico gihe rero, ntitunatenyenya na gato kubahana;
See all translations of this verse →
إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا ٱلذِّكْرَ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor’ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n’ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo”.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ أَرْسَلْنَا مِن قَبْلِكَ فِى شِيَعِ ٱلْأَوَّلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse aho hambere yawe Intumwa ku migwi y’abantu itandukanye;
See all translations of this verse →
وَمَا يَأْتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُوا۟ بِهِۦ يَسْتَهْزِءُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta Ntumwa n’imwe muri zo rero yigeze ibashikira, kiretse ko bahora bayiteburako.
See all translations of this verse →
كَذَٰلِكَ نَسْلُكُهُۥ فِى قُلُوبِ ٱلْمُجْرِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni nk’uko nyene rero - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo kubera itebura ryabo - Dutera ikimangu c’ubugarariji mu mitima y’abanyavyaha bakugarariza;
See all translations of this verse →
لَا يُؤْمِنُونَ بِهِۦ وَقَدْ خَلَتْ سُنَّةُ ٱلْأَوَّلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntibemere Qor’ani wamanuriwe, ni na kwo Imana Allah Yamye Ibigenza mu guhonya imigwi y’abagarariji bo hambere yawe.
See all translations of this verse →
وَلَوْ فَتَحْنَا عَلَيْهِم بَابًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَظَلُّوا۟ فِيهِ يَعْرُجُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’iyo Tuza kwugururira abagarariji b’i Makka umuryango ugana mw’ijuru, maze bakawudugiramwo kugira bibonere ukuri kwamye ibitangaro vyacu, ntibari kwemera namba;
See all translations of this verse →
لَقَالُوٓا۟ إِنَّمَا سُكِّرَتْ أَبْصَٰرُنَا بَلْ نَحْنُ قَوْمٌ مَّسْحُورُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri, bari kuvuga bati: “Mu vy'ukuri twahunitswe, ibi tubona n’amaso si ivy’ukuri na gato, ahubwo mbere twebwe twarozwe”.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ جَعَلْنَا فِى ٱلسَّمَآءِ بُرُوجًا وَزَيَّنَّٰهَا لِلنَّٰظِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri Twebwe Allah, Twarashize mw’ijuru riri hafi y’isi inzira-ntasobwa z’inyenyeri, kugira nya nyenyeri zibere abantu ibimenyetso vyo kumenya inzira, umwanya, ibihe vy’agatasi n’ici, Turanaheza Tuzigira ibisharizo bisharije isi ku bitegereza;
See all translations of this verse →
وَحَفِظْنَٰهَا مِن كُلِّ شَيْطَٰنٍ رَّجِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twaranakingiye ijuru ribegereye ngo ntirivogerwe na shetani yavumwe;
See all translations of this verse →
إِلَّا مَنِ ٱسْتَرَقَ ٱلسَّمْعَ فَأَتْبَعَهُۥ شِهَابٌ مُّبِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse iyigerageje mu mashetani gusuma urusaku ku nkuru z’ibiremwa vyo mw’ijuru, iyo iraheza igaterwa inyenyeri nyakotsi yakaka, ikayiturira [2].
See all translations of this verse →
وَٱلْأَرْضَ مَدَدْنَٰهَا وَأَلْقَيْنَا فِيهَا رَوَٰسِىَ وَأَنۢبَتْنَا فِيهَا مِن كُلِّ شَىْءٍ مَّوْزُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Isi na yo nyene Twarayaguye, Turaheza Tuyiremako imisozi iyishigikiye nk’imambo, Tuyimezako amoko y’ibintu vyose nkenerwa ku rugero rugezwe neza, rutarenga ntirurenguke.
See all translations of this verse →
وَجَعَلْنَا لَكُمْ فِيهَا مَعَٰيِشَ وَمَن لَّسْتُمْ لَهُۥ بِرَٰزِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Turanabaremera ivyotuma muba kw’isi mu biterwa n’ibitungwa, n’ibindi. Twarabaremeye n’uruvyaro, abakozi n’ibitwazi mwikorako; ivyo vyose bikaba bibeshejweho n’Imana Allah, mbere si na mwe mujejwe icobibeshaho.
See all translations of this verse →
وَإِن مِّن شَىْءٍ إِلَّا عِندَنَا خَزَآئِنُهُۥ وَمَا نُنَزِّلُهُۥٓ إِلَّا بِقَدَرٍ مَّعْلُومٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta kintu na kimwe nkenerwa rero ku neza y’ibiremwa, kiretse ko ibigega vyaco biri iwacu Twebwe Imana Allah, kandi ntitunaronsa nya biremwa ibibibeshaho, kiretse ku rugero rwagezwe, ruzwi.
See all translations of this verse →
وَأَرْسَلْنَا ٱلرِّيَٰحَ لَوَٰقِحَ فَأَنزَلْنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَسْقَيْنَٰكُمُوهُ وَمَآ أَنتُمْ لَهُۥ بِخَٰزِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twaranaremye umuyaga Turungika kugira ubangurire ibicu maze imvura ikagwa, ukabangurira n’ibiterwa mu gihe bishuritse, ukongera ugasunika ibicu vy’imvura aho Dushatse ko imvura igwa, gutyo Tugatuma nya mvura ivuye muri nya bicu igwa, Tukabanywesha kuri nya mazi y’imvura, mukanavomera n’indimo zanyu mukananywesha n’ibitungwa vyanyu. Iyo mvura rero, ntimushoboye namba gutuma igwa ku gihe mushakiye.
See all translations of this verse →
وَإِنَّا لَنَحْنُ نُحْىِۦ وَنُمِيتُ وَنَحْنُ ٱلْوَٰرِثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dushoboye gusubiza ubuzima ikiremwa mu gihe gipfuye, ni na Twebwe nyene Dushoboye kwaka ubuzima ikiremwa mu gihe isango ryo gupfa rigeze, ni na Twebwe Samuragwa w’isi n’ibiri kuri yo.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ عَلِمْنَا ٱلْمُسْتَقْدِمِينَ مِنكُمْ وَلَقَدْ عَلِمْنَا ٱلْمُسْتَـْٔخِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri, Turazi neza na neza abamaze gupfa muri mwebwe kuva kuri Adamu, Turazi neza na neza n’abakiri bazima gushika ku musi w’iherezo ry’ibiremwa.
See all translations of this verse →
وَإِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَحْشُرُهُمْ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izokwegeraniriza hamwe ibiremwa vyose kugira Ibiharurire, Yongere Inabihembe. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ خَلَقْنَا ٱلْإِنسَٰنَ مِن صَلْصَٰلٍ مِّنْ حَمَإٍ مَّسْنُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri, Twaremye Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto.
See all translations of this verse →
وَٱلْجَآنَّ خَلَقْنَٰهُ مِن قَبْلُ مِن نَّارِ ٱلسَّمُومِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Na Ibilisi [3] ikaba ari na yo nkomoko y’amajini, Twayiremye mu rubeya rw’umuriro rutagira umwotsi, hari imbere y’irema rya Adamu;
See all translations of this verse →
وَإِذْ قَالَ رَبُّكَ لِلْمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّى خَٰلِقٌۢ بَشَرًا مِّن صَلْصَٰلٍ مِّنْ حَمَإٍ مَّسْنُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ngira Ndeme umuntu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahinduka n’akamoto;
See all translations of this verse →
فَإِذَا سَوَّيْتُهُۥ وَنَفَخْتُ فِيهِ مِن رُّوحِى فَقَعُوا۟ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ninamara kumurema Nkatunganya indemo, Nkamuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, muraheza muce mumwubamira, mumuhe icubahiro kimukwiye”.
See all translations of this verse →
فَسَجَدَ ٱلْمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمْ أَجْمَعُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abamalayika bose rero, baciye bubahiriza iryo bwirizwa baramwubamira, bamuha icubahiro kimukwiye;
See all translations of this verse →
إِلَّآ إِبْلِيسَ أَبَىٰٓ أَن يَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ariko Ibilisi yaranse kwubamira Adamu ari kumwe n’abamalayika bamwubamiye.
See all translations of this verse →
قَالَ يَٰٓإِبْلِيسُ مَا لَكَ أَلَّا تَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Wafashwe n'igiki catumye utubama hamwe n’abamalayika?”.
See all translations of this verse →
قَالَ لَمْ أَكُن لِّأَسْجُدَ لِبَشَرٍ خَلَقْتَهُۥ مِن صَلْصَٰلٍ مِّنْ حَمَإٍ مَّسْنُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibilisi yarireguye ku Mana Allah n’ubwishime n’akantu ati: “Sinshobora kwubamira umuntu Waremye mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahinduye ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَٱخْرُجْ مِنْهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Ica Ibwira Ibilisi Iti: “Kuri iyo mvo rero, va mu Bwami bw’ijuru kuko wewe mu vy’ukuri uri ikivume;
See all translations of this verse →
وَإِنَّ عَلَيْكَ ٱللَّعْنَةَ إِلَىٰ يَوْمِ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kandi mu vy’ukuri, ivumwe rizokwagira gushika ku musi w’impera y’ibiremwa igihe vyazutse”.
See all translations of this verse →
قَالَ رَبِّ فَأَنظِرْنِىٓ إِلَىٰ يَوْمِ يُبْعَثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibilisi araheza aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye rero kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa [4]”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلْمُنظَرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Yishuye Ibilisi Iti: “Wewe mu vy’ukuri, uri mu bazoramba;
See all translations of this verse →
إِلَىٰ يَوْمِ ٱلْوَقْتِ ٱلْمَعْلُومِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Gushika ku musi w’umuhero w’isi [5], si ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
See all translations of this verse →
قَالَ رَبِّ بِمَآ أَغْوَيْتَنِى لَأُزَيِّنَنَّ لَهُمْ فِى ٱلْأَرْضِ وَلَأُغْوِيَنَّهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibilisi araheza avuga n’agahigihigi ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ku kubera ukuntu Wampubishije, ni ukuri nzoryohereza uruvyaro rwa Adamu gukora ivyaha kw’isi; kandi ni ukuri, nzokwita ku rutare ndabahubishe bose inzira yawe;
See all translations of this verse →
إِلَّا عِبَادَكَ مِنْهُمُ ٱلْمُخْلَصِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse abaja bawe Warongoye muri nya ruvyaro, bagaheza bakagutumbera mu vyo bakora vyose”.
See all translations of this verse →
قَالَ هَٰذَا صِرَٰطٌ عَلَىَّ مُسْتَقِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Isubizayo Iti: “Ng’iyi rero inzira igana kuri Jewe, igororotse;
See all translations of this verse →
إِنَّ عِبَادِى لَيْسَ لَكَ عَلَيْهِمْ سُلْطَٰنٌ إِلَّا مَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلْغَاوِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri abaja banje, bazontumbera mu vyo bakora vyose, nta bubasha namba uzoba ubafiseko mu kubahubisha inzira yanje; ariko uzogira ububasha bwo gutera inyoshambi abazogukurikira mu bahuvye, bakirengagiza inzira yanje;
See all translations of this verse →
وَإِنَّ جَهَنَّمَ لَمَوْعِدُهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ryo sango ry’ihuriro rya Ibilisi n’abazomukurikira bose;
See all translations of this verse →
لَهَا سَبْعَةُ أَبْوَٰبٍ لِّكُلِّ بَابٍ مِّنْهُمْ جُزْءٌ مَّقْسُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uwo muriro rero, ufise imiryango indwi igerekeranye gushika mu nyenga zawo. Umuryango umwe wose muri yo, wagenewe umugwi kanaka mu bakurikiye Ibilisi, hisunzwe uburemere bw’ivyaha vyawo”.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلْمُتَّقِينَ فِى جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye, ikikijwe n’inzuzi zitemba mu Bwami bw’ijuru;
See all translations of this verse →
ٱدْخُلُوهَا بِسَلَٰمٍ ءَامِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bazobwirwa bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru mw’iteka n’itekane”;
See all translations of this verse →
وَنَزَعْنَا مَا فِى صُدُورِهِم مِّنْ غِلٍّ إِخْوَٰنًا عَلَىٰ سُرُرٍ مُّتَقَٰبِلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Tuzoheza rero Tweze imishaha yabo, ntizogira inzigo n’urwanko namba, bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ari abavandimwe bakundana, bicaye barabana ku bitanda vy’inyegamo vy’iteka;
See all translations of this verse →
لَا يَمَسُّهُمْ فِيهَا نَصَبٌ وَمَا هُم مِّنْهَا بِمُخْرَجِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazoruha ngo bagire ubute, eka ntibazonigera babukurwamwo.
See all translations of this verse →
نَبِّئْ عِبَادِىٓ أَنِّىٓ أَنَا ٱلْغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Iganira abaja banje ko mu vy’ukuri, ari Jewe Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni banje;
See all translations of this verse →
وَأَنَّ عَذَابِى هُوَ ٱلْعَذَابُ ٱلْأَلِيمُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’uko mu vy’ukuri, ibihano vyanje ari vyo bihano bibabaza.
See all translations of this verse →
وَنَبِّئْهُمْ عَن ضَيْفِ إِبْرَٰهِيمَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Biganire kandi inkuru y’abashitsi mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu, bakaza mw’ishusho ry’abantu;
See all translations of this verse →
إِذْ دَخَلُوا۟ عَلَيْهِ فَقَالُوا۟ سَلَٰمًا قَالَ إِنَّا مِنكُمْ وَجِلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca bamuramutsa bati: “Nimugire amahoro”, maze na we akabishura ati: “Nimusangwe ayandi”, araheza arabazimana baranka gufungura, aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri, muraduteye impungenge!”;
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ لَا تَوْجَلْ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ba bashitsi bahumuriza Ibrahimu bati: “Ntugire impungenge na gato, mu vy’ukuri, twaje kuguhumuriza mu kugushikiriza agakuru keza ko uzokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka”.
See all translations of this verse →
قَالَ أَبَشَّرْتُمُونِى عَلَىٰٓ أَن مَّسَّنِىَ ٱلْكِبَرُ فَبِمَ تُبَشِّرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibrahimu aca aritangaza ati: “Mbega yemwe mumpumuriza mu kunshikiriza agakuru keza ko nzokwibaruka, kandi naramaze gusaza jewe n’umukenyezi wanje. Igitangaro kiri aho!”.
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ بَشَّرْنَٰكَ بِٱلْحَقِّ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلْقَٰنِطِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ba bashitsi mu bamalayika bamwishura bati: “Burya tugushikirije agakuru keza! Iyi ni inkuru y’ukuri ivuye ku Mana yawe Allah, ntukabe rero mu bihebura ko batokwibaruka mu busaza”.
See all translations of this verse →
قَالَ وَمَن يَقْنَطُ مِن رَّحْمَةِ رَبِّهِۦٓ إِلَّا ٱلضَّآلُّونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibrahimu aca abishura ati: “Mbega ni nde yokwihebura ku mpuhwe z’Imana yiwe Rurema Allah, kiretse abahuvye inzira yayo!”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَمَا خَطْبُكُمْ أَيُّهَا ٱلْمُرْسَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Ibrahimu yaca ababaza ati: “None ga Ntumwa z’abamalayika! Mugenzwa n’amaki?”.
See all translations of this verse →
قَالُوٓا۟ إِنَّآ أُرْسِلْنَآ إِلَىٰ قَوْمٍ مُّجْرِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Za Ntumwa z’abamalayika ziramwishura ziti: “Twebwe mu vy’ukuri, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi, b’abanyavyaha;
See all translations of this verse →
إِلَّآ ءَالَ لُوطٍ إِنَّا لَمُنَجُّوهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse umuryango wa Luutwi n’abamwemeye, abo dutegerezwa kubarokora bose mu bihano;
See all translations of this verse →
إِلَّا ٱمْرَأَتَهُۥ قَدَّرْنَآ إِنَّهَا لَمِنَ ٱلْغَٰبِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Havuyemwo umugore wa Luutwi kuko yaramaze guhakana. Ivyagezwe kuri we, ni uko na we nyene ari mu bahanwa”.
See all translations of this verse →
فَلَمَّا جَآءَ ءَالَ لُوطٍ ٱلْمُرْسَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe izo ntumwa z’abamalayika zishika ku muryango wa Luutwi;
See all translations of this verse →
قَالَ إِنَّكُمْ قَوْمٌ مُّنكَرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Luutwi yazibwiye ati: “Mu vy’ukuri, sinamenye abo muri”.
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ بَلْ جِئْنَٰكَ بِمَا كَانُوا۟ فِيهِ يَمْتَرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Za ntumwa ziramutururuza ziti: “Ntugire ubwoba namba, ahubwo twaje gushira mu ngiro ibihano ku bantu bawe bahora bahakana ko vyobashikira;
See all translations of this verse →
وَأَتَيْنَٰكَ بِٱلْحَقِّ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twaje rero vy’ukuri iwawe, turungitswe n’Imana Allah. Kandi ni ukuri, ivyo tukwiganiye ni ivy’ukuri;
See all translations of this verse →
فَأَسْرِ بِأَهْلِكَ بِقِطْعٍ مِّنَ ٱلَّيْلِ وَٱتَّبِعْ أَدْبَٰرَهُمْ وَلَا يَلْتَفِتْ مِنكُمْ أَحَدٌ وَٱمْضُوا۟ حَيْثُ تُؤْمَرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kubera ivyo rero muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, maze ugende mu nyuma zabo kugira ntihagire n’umwe muri bo asigara, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahindukira ngo arabe inyuma, muheze mugende munyaragasa gushika aho mutegetswe kuba muri mu mahoro”.
See all translations of this verse →
وَقَضَيْنَآ إِلَيْهِ ذَٰلِكَ ٱلْأَمْرَ أَنَّ دَابِرَ هَٰٓؤُلَآءِ مَقْطُوعٌ مُّصْبِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twebwe Allah Turaheza Duhishurira Luutwi rero ko ihonywa ry’abantu biwe yarungitsweko, riba mu mutwenzi.
See all translations of this verse →
وَجَآءَ أَهْلُ ٱلْمَدِينَةِ يَسْتَبْشِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abantu bo mu gisagara ca Luutwi, aho bumviye ko kwa Luutwi haje abashitsi, baraje banezerewe ko baronse abagabo bipfuza ha kwipfuza abagore.
See all translations of this verse →
قَالَ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ ضَيْفِى فَلَا تَفْضَحُونِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Luutwi, ni ho yamama akavuga ati: “Ni ukuri, aba ni abashitsi banje, ndabinginze ntimumaramaze imbere y’abashitsi banje;
See all translations of this verse →
وَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَلَا تُخْزُونِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje”.
See all translations of this verse →
قَالُوٓا۟ أَوَلَمْ نَنْهَكَ عَنِ ٱلْعَٰلَمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ba bantu baraheza babwira Luutwi bamushinyaguriza bati: “Ntitwakubujije kwakira abantu b’ingenz i[6]”.
See all translations of this verse →
قَالَ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِىٓ إِن كُنتُمْ فَٰعِلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje [7] ndababashingiye nimwaba mushaka kwabira ha kwipfuza abagabo!
See all translations of this verse →
لَعَمْرُكَ إِنَّهُمْ لَفِى سَكْرَتِهِمْ يَعْمَهُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe [8] ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;
See all translations of this verse →
فَأَخَذَتْهُمُ ٱلصَّيْحَةُ مُشْرِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Gushika n’aho bahitanwa mu bucagucagu n’ibihano bihonya.
See all translations of this verse →
فَجَعَلْنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمْطَرْنَا عَلَيْهِمْ حِجَارَةً مِّن سِجِّيلٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Twebwe Allah, Twabubikako isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako.
See all translations of this verse →
إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَٰتٍ لِّلْمُتَوَسِّمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira bakikebuka;
See all translations of this verse →
وَإِنَّهَا لَبِسَبِيلٍ مُّقِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, igisagara cabo kiri ku nzira irengana kuri bose, abahaca barashobora kubona nya gisagara.
See all translations of this verse →
إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً لِّلْمُؤْمِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo bigaragaza ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo.
See all translations of this verse →
وَإِن كَانَ أَصْحَٰبُ ٱلْأَيْكَةِ لَظَٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri, abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, barirenganije mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Shu’ayibu;
See all translations of this verse →
فَٱنتَقَمْنَا مِنْهُمْ وَإِنَّهُمَا لَبِإِمَامٍ مُّبِينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Duca Turabibahora mu kubahanisha nyamugigima. Kukaba nkako, burya ibisagara vy’abantu barungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu, vyompi biri ku nzira y’aho abantu baca, boheza bakahatorera icigwa bakikebuka.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ كَذَّبَ أَصْحَٰبُ ٱلْحِجْرِ ٱلْمُرْسَلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri Abanyahijiri[9], baragararije Intumwa zose[10] mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
See all translations of this verse →
وَءَاتَيْنَٰهُمْ ءَايَٰتِنَا فَكَانُوا۟ عَنْهَا مُعْرِضِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twabarungikiye ivyemezo [11] vyerekana ukuri kw’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze baravyirengagiza.
See all translations of this verse →
وَكَانُوا۟ يَنْحِتُونَ مِنَ ٱلْجِبَالِ بُيُوتًا ءَامِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abanyahijiri bahora babaza inzu babamwo mu misozi, batekaniwe ko nya nzu zitobasenyukirako.
See all translations of this verse →
فَأَخَذَتْهُمُ ٱلصَّيْحَةُ مُصْبِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho bahitanwa mu mutwenzi n’ibihano bihonya;
See all translations of this verse →
فَمَآ أَغْنَىٰ عَنْهُم مَّا كَانُوا۟ يَكْسِبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Amatungo n’inkomezi hamwe n’inyubakwa vyabo, ntivyabakingiye guhitanwa n’ibihano bihonya vy’Imana Allah.
See all translations of this verse →
وَمَا خَلَقْنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ وَمَا بَيْنَهُمَآ إِلَّا بِٱلْحَقِّ وَإِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَـَٔاتِيَةٌ فَٱصْفَحِ ٱلصَّفْحَ ٱلْجَمِيلَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Twabiremye mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Ni ukuri, igihe c’umuhero w’isi vuba bwango kirashika, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, birabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, ukwirengagiza kuzira umwidogo.
See all translations of this verse →
إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلْخَلَّٰقُ ٱلْعَلِيمُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ ءَاتَيْنَٰكَ سَبْعًا مِّنَ ٱلْمَثَانِى وَٱلْقُرْءَانَ ٱلْعَظِيمَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Muvugishwamana! Ni ukuri, Twaraguhaye igisomwa c’intango “Al-Faatiha”, kigizwe na Aayah indwi zisomwa mu cunamo c’isengesho iryo ari ryo ryose, Twaranaguhaye Qor’ani ntagatifu.
See all translations of this verse →
لَا تَمُدَّنَّ عَيْنَيْكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعْنَا بِهِۦٓ أَزْوَٰجًا مِّنْهُمْ وَلَا تَحْزَنْ عَلَيْهِمْ وَٱخْفِضْ جَنَاحَكَ لِلْمُؤْمِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y'Imana! Ntukarabe wipfuza ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji mu bihendamaso vy’isi; kandi ntugatuntuzwe n’igarariza ryabo, uraheza gusa wicishe bugufi ku bemeramana;
See all translations of this verse →
وَقُلْ إِنِّىٓ أَنَا ٱلنَّذِيرُ ٱلْمُبِينُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Unavuge uti: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah, ko vyobashikira mu gihe mwogarariza;
See all translations of this verse →
كَمَآ أَنزَلْنَا عَلَى ٱلْمُقْتَسِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Irabagabisha ku bihano Iti: “Nk’uko Twebwe Allah Twamanuriye ibihano abaciyemwo Qor’ani imice, bakemera bimwe bagahakana ibindi [12], ni ko Tuzohana n’abandi”;
See all translations of this verse →
ٱلَّذِينَ جَعَلُوا۟ ٱلْقُرْءَانَ عِضِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abafashe Qor’ani bakayicamwo imice kugira ngo baburagize abantu kuyemera, mu kuvuga ko ari uburozi bwigendera, abandi na bo ngo ni amangetengete".
See all translations of this verse →
فَوَرَبِّكَ لَنَسْـَٔلَنَّهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kubera ivyo vyose rero, Jewe Allah Ndarahiye kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko Twebwe Allah Tuzobaharurira ku musi w’izuka, Duheze Tubahembe bose;
See all translations of this verse →
عَمَّا كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Tubahembere ivyo bakoze kw’isi mu gucamwo Qor’ani imice, hamwe n’ibindi vyaha bakoze mu gusenga ibintazi.
See all translations of this verse →
فَٱصْدَعْ بِمَا تُؤْمَرُ وَأَعْرِضْ عَنِ ٱلْمُشْرِكِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y'Imana! Rarikira rero abantu ku mugaragaro, ko bokurikira ukuri wategetswe n’Imana Allah, maze ubarabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana;
See all translations of this verse →
إِنَّا كَفَيْنَٰكَ ٱلْمُسْتَهْزِءِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaramaze kugukingira ibangamira ry’abatebura kuri Qor’ani;
See all translations of this verse →
ٱلَّذِينَ يَجْعَلُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَسَوْفَ يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ababangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, bitebe bitebuke bazomenya iherezo ribi ry’ivyo bakoze.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ نَعْلَمُ أَنَّكَ يَضِيقُ صَدْرُكَ بِمَا يَقُولُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Turazi neza ko utuntujwe n’ivyo bavuga mu kukurwanya.
See all translations of this verse →
فَسَبِّحْ بِحَمْدِ رَبِّكَ وَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ku kugira uremururire umushaha rero, ninahaza Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, wongere ube mu bayubamira mu gusenga;
See all translations of this verse →
وَٱعْبُدْ رَبَّكَ حَتَّىٰ يَأْتِيَكَ ٱلْيَقِينُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uheze ushishikare kwiyegereza Imana yawe Rurema Allah mu vyo ukora vyose, unayisenga ubuzima bwawe bwose, gushika umusi wawe wo gupfa.
See all translations of this verse →
← Surah Ibrahim
Surah An-Nahl →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.