Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’ibitungwa [1] Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiranabungururiza imizigo yanyu bikayishikana mu gihugu ca kure, mutoshoboye kubishikanayo mutabanje kuruha, mugacumukura. Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenikigongwe mu kubatunganiriza ivyankenerwa mu buzima, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYabaremeye n’ifarasi n'ibivyarwa n’ifarasi hamwe n’indogobwe, Ibaremera n’indogobwe nyene kugira muvyikoreko mu kwiyunguruza no mu gushaza mukaberwa mu gihe muri kuri vyo; Iranabaremera n’ibindi mutazi mwokwikorako mu kwiyunguruza, kugira muyemere muyishimire;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Ibaronsa n’amazi mwikorako mu kunywa no mu kuvomera ibiti n’ubwatsi mwahirira ibitungwa vyanyu, mugaheza mukavyikorako mu buzima bwa misi yose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none, Imana Allah Ishoboye kurema ivyo vyose, ni Yo mubangikanya n’ibigirwamana bidashoboye kurema na kimwe! Ubwo ntimwokwibuka icubahiro c’Imana Allah, mugaheza mukayisenga ari Imwe Rudende!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImperuka yabo ku musi w’izuka, kuzoba ukwiremeka ivyaha vyabo vyose hiyongeyeko n’umutwaro wa bimwe mu vyaha vy’abo babeshe, bakabahubisha ku bujuju inzira y’ubwislamu. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni bibi cane ivyaha bazokwiremeka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya, ababangikanyamana nta co barindiriye imbere yuko bemera, atari uko urwabo rushika bagakurwamwo imitima n’abamalayika, bagapfa bakigarariza; canke bagashikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya. Ni nk’ukwo nyene rero, abo hambere y’abo bagararije bagahanwa, kandi Imana Allah ntiyabarenganije namba muri ukwo guhanwa, ariko ni bo birenganije mu kugarariza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana[7]! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBatinya Imana yabo Rurema Allah Iri hejuru yabo[9] mu cubahiro n’amatazirano yayo, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe na Yo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise[10], ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Mu vy’ukuri mw’irema ry’ibitungwa, harimwo inkebuzo kuri mwebwe; Tubanywesha mu biciye mu nda yavyo, amata nya mata, ahinguwe mu ruvange rw’ibica mu mayezi n’amaraso, aryohera abanywi ntibashishwe;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Yareretse inzuki intumbero y'ukuntu zikwiye kubaho, Iti: “Muratondagira ku misozi no ku biti muhagire inzu (ibitiba), no ku nyubakwa z’aho abantu baba no ku nsenge zaho, na ho nyene murahagira inzu (ibitiba);
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira[12]; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbirenganije mu kugarariza, igihe babonye ibihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa na gato mu bihano, eka ntibazonahabwa agahengwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye[14] ku vyo bari barakoze kw'isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Twebwe Allah Turazi ko ababangikanyamana bavuga bagutyoza bati: “Mu vy’ukuri, Muhamadi yigishwa Qor’ani na kiremwa-muntu”. Nibateshwe bate mu kwihenda bavuga ko ururimi rwigishijwemwo Qor’ani atari urw’icarabu, mu gihe Qor’ani yamanuwe mu rurimi rutomoye rw’icarabu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri abagararije mu kutemera Qor’ani, Imana Allah ntizobashoboza gutumbera ukuri, barategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah, ni abatemera Imana Allah n’ivyemezo vyayo, abo ni na bo babeshi ruhebwa rero[15];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbadohotse mu kwemera, bakatura ubugarariji inyuma y’aho bahora bemera Imana Allah, abo barakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Uwuhatiwe ku bugarariji akabwatura ku rurimi gusa, mu gihe umutima wiwe ugitsimbataye ku kwemera, uyo nta kabi kuri we; ahubwo akabi n’akabibi ni ku watuye ubugarariji ku rurimi abikuye ku mutima. Uyo rero ari mu bashavuriwe cane n’Imana Allah, baranategekanirijwe n'ibihano rutura;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo biri ukwo, kuko bahisemwo ubuzima bw’ibihendamaso vy’isi bakabuhurumbira, ha guhurumbira indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah na Yo Ikaba Itarongora mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo ni bo rero, Imana Allah Yateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo ngo ntishikirwe n’umuco w’ukwemera, Irabaziba n’amatwi ngo ntibategere amabwirizwa yayo, Irabahumya n’amaso ngo ntibabone ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Abo, ni na bo rero bagoswe mu kutamenya ibihano bibarindiriye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma rero mu vy’ukuri, abahohotewe bakiri i Makka, bakageragezwa mu guhatirwa ukwatura amajambo ataroranye n’ukwemera, mu gihe imitima yabo igitsimbataye ku kwemera, mu nyuma bagahunga bakimukira i Madina, hanyuma bagaharanira idini ry’Imana Allah bakanihanganira ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo Yarabababariye, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibutsa abagarariji intureka z’umusi w’umuhero w’isi, igihe umuntu uwo ari we wese azokwivugira ku gatwe kiwe yiregura, maze Imana Allah Igatunganiriza umuntu uwo ari we wese ku vyo yakoze, nta n’umwe muri bo rero azorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanirizwa indishi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yarabaciriye agace k’igisagara ca Makka cari kibayeho mw’iteka n’itekane, kikaronka n’ibikibeshaho bivuye mu mihingo yose, hanyuma bene co barihakana inema z’Imana Allah mu kuyibangikanya, Imana Allah Iraheza Ibahanisha inzara no gutekerwa n’ubwoba bitewe n'ibintu bahora bakora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimufungure mu vyiza birekuwe, Imana Allah Yabahaye, muheze mushime inema z’Imana Allah mu kuyigamburukira nimwaba koko ari Yo mwiyegereza mu vyo mukora vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe kurya intumvyi mu bitungwa, ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’igitungwa cabagiwe ikitari Imana Allah. Ariko uwuzohakwa kwicwa n’inzara, agafungura kuri ivyo biziririjwe, mu gihe atokwirenganya mu kurengera ku bitarekuwe, canke mu kurenza urugero rwo kwivuna inzara, uyo rero nta kabi kuri we, kuko mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Ntimukabeshere Imana Allah mu kuvuga ko iki kirekuwe kandi Yarakiziririje; no mu kuvuga ko kiriya kizira kandi Yarakirekuye, ivyo mukabivuga kugira murementanirize Imana Allah. Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko Yarekuye ikizira canke Yaziririje ikirekuwe, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Ibrahimu yari indongozi mu bugwaneza vy’ukuri[17], agamburukira Imana Allah, asenga Imana Imwe Rudende Allah yicishije bugufi, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYarashima inema Imana Allah Yamuhaye. Imana Allah Yamutoye kuba Intumwa, Iraheza Iramurongora mu nzira igororotse y’ubwislamu;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranamuhaye Twebwe Allah kw’isi, inema yo kuyagwa neza n’abantu, akabera akarorero keza n’abarutse mu nyuma, no kuronswa ikibondo ageze mu za bukuru. Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu bantu b’aberanda bubashwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu nyuma, ni ho rero Twebwe Allah Twaguhishurira ko ukurikira akaranga-mutima k’idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, Yashingiye abayahudi umusi w'isabato kugira ube umusi wo gusenga, ni na wo musi bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, maze barawihitiramwo ubwabo, ha guhitamwo umusi w’ijuma (wa gatanu) bari bategetswe kwubaha no kwubahiriza. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izobacira urugororotse ku musi w’izuka ku vyo bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, Iheze Ibahembere ivyo bakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Hamagarira abantu mu nzira yo kwemera Imana yawe Rurema Allah, mu bwitonzi n’ubukerebutsi nta ngere, n’impanuro mu majambo meza abereye, yotuma bahurumbira ukuri, maze uganire na bo muhanahana mu rupfasoni. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimwashaka kwihora uwabahohoteye, murihora mutarengeje urugezo rw’ihohoterwa mwagiriwe; nimwaramuka mwihanganiye ukutihora, ni ukuri bizoba ari vyo vyiza cane ku bihanganye mu kwerekana ubutore kw’isi, no mu kuronka impembo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.