Kirundi Translation - Yusuf GahitiAlif Laam Raa[1]. Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu Twakumanuriye kugira ukure abantu mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ubashire mu muco w’uburongozi bw’ubwislamu ku burenganzira bw’Imana yabo Rurema Allah; inzira ya Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, Ibwirizwa gusengwa ari Imwe Rudende. Uguhanwa nya guhanwa mu guhabwa ibihano bikaze, ni ukw’abagarariji;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBahitamwo ubuzima bugufi bwo kw’isi, ha guhitamwo ubuzima bwamaho bw’inyuma yo gupfa; baburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, bagashaka ko iryo dini ryisunga ivyipfuzo vyabo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Twararungitse Musa kuri Bene Israyeli, Tumuteza intege ibitangaro vyacu bigaragaza ukuri kwiwe, Tumubwiriza duti: “Kura abantu warungitsweko mu muzimagiza w’ubuhuvyi ubashire mu muco w’uburongozi bw’ukuri, wongere ubibutse ku nema z’Imana Allah, ubagabishe no ku bihano vyayo”. Mu vy’ukuri muri ukwo kwibutsa, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku muntu wese yihanganira iyumviramana no kudakora ibibi, ashimira Imana Allah ku nema zayo[2].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko kahise ka Musa, igihe yabwira abantu muri Bene Israyeli ati: “Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe, igihe Ibakiza amagorwa y’abantu ba Firawuni yo gucurwa bufuni na buhoro, babaha ibihano bikomeye, bakanakerera abana banyu b’abahungu, bagasigaza abakobwa banyu ku gutinya ko mu bahungu hovamwo uwuzoza gukura ubutegetsi bwiwe. Muri ivyo vyose, harimwo kugeragezwa gukomeye kuvuye ku Mana yanyu Rurema Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke kandi, igihe Imana yanyu Rurema Allah Yabamenyesha Iti: “Nimwanshimira ku nema Nabahaye, ni ukuri Nzobongerereza umusesekara; nimwahakana inema zanje naho, muramenya ko mu vy’ukuri ibihano vyanje bikaze".
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yarongeye ababwira ati: “N’aho mwogarariza Imana Allah mwebwe hamwe n’abari mw’isi bose, nta co mwoyitwara namba. Nimumenye mu vy’ukuri, ko Imana Allah ari Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya Ntumwa zarishuye abantu bazo ziti: “Ni vyo ko twebwe ata co turi kiretse ko turi abantu nkamwe, ariko rero Imana Allah Iha ingabirano zayo uwo Ishatse mu baja bayo, Igaheza Ikamutora kuba Intumwa, nta n’ububasha dufise bwo kubazanira icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo tuvuga, atari ku burenganzira bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImbere y’ico gihangange c’intumva, hari n’ibihano bikirindiriye mu muriro wa Jahannamu, kizonyweshwa amashira n’amaraso biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’ibikorwa vy’abagararije Imana yabo Rurema Allah, ni nk’umunyota utumurwa n’umuyaga ku musi w’igihuhusi cinshi, maze nya munyota ugatumuka wose; burya nta na kimwe rero bazosigarana cobungura ku Mana Allah[3]. Ibikorwa bidashingiye ku kwemera rero, ni wo muzimagiza uri kure cane y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwene Adamu! Mbega ntuzi ko Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu ntumbero yo kwerekana vy’ukuri ubumana n’ubushobozi bwayo, kugira ngo isengwe ari Imwe Rudende! Bene Adamu! Imana Allah Ishatse Yobahonya mwese, Ikabasubiriza ibindi biremwa biyigamburukira;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbiremwa vyose bizozuka ku musi w’izuka, maze bishengere imbere y’Imana Allah kugira Ibitunganirize. Abapfuye gukurikira abandi, bazobwira indongozi zabo bakurikiye bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ni mwebwe twumvira kw’isi tukabakurikira, none kuri uno musi ntimwodukurako na kimwe mu bihano vy’Imana Allah!”. Indongozi zabo zizokwishura ziti: “Iyo Imana Allah Idushoboza kw’isi tukemera, twari kubarongora mu nzira yayo, twarahuvye rero turanabahubisha, ryaba ihababura ry’ibihano canke ukuvyihanganira, vyose ni co kimwe kuri twese kuko nta buhungiro dufise, eka nta n’isaganirizo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Imaze gutunganiriza ibiremwa ku musi w’izuka, shetani izokwiyama abayikurikiye ivuge iti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabasezeraniye isezerano ry’ukuri, ko hari izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa, hanyuma nanje ndabaha isezerano ry’ikinyoma ko ata zuka, ata n’iharurirwa ry’ibiremwa bibaho, kira noneho nta n’ubushobozi nari ndabafiseko bwo kubahatira kunkurikira, kiretse ko nabararikiye kugarariza, muraheza muranyumvira. Kubera ivyo vyose rero, ntimunteko imiragwe, ahubwo nimuyiteko mwebwe nyene, jewe nta co ndabiyambazako, eka na mwe nyene nta co munyiyambazako mu bihano vy’Imana Allah; mu vy’ukuri, ndabiyamirije ku kuntu mwabangikanije Imana Allah. Mu vy’ukuri, abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bibabaza”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya Imana Allah, Iratsimbataza abemeramana kw’ijambo ry’ukuri ryo kwemera no kwemanga ata guhigimanga, ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa yayo[7]; Irabatsimbataza bakarigendera mu buzima bwo kw’isi, bakanapfa baryemanga[8] no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; Imana Allah, Iranahubisha abirenganije bakayigarariza mu kutabashoboza gutumbera ukuri mu buzima bwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, Igira ivyo Ishatse mu gushoboza abemeramana kugira iherezo ryiza canke gutetereza abagarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji bagiriye Imana Allah ababangikanywa na Yo, kugira bahubishe abantu mw’idini ryayo. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, mu vy’ukuri amaherezo yanyu ni mu muriro”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abaja banje bemeye vy’ukuri, batsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, banatange mu mpisho no ku mugaragaro mu vyo Twabaronkeje, imbere yuko bashikirwa n’umusi, ukwigombora canke ubugenzi vy’umuntu ata co bizomumarira.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yaremye amajuru n’isi, Iraheza Ituma n’imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iratotahaza isi yagadutse, maze Ibamereshereza ivyamwa bibabeshaho hakoreshejwe nya mazi y’imvura, Iborohereza ku burenganzira bwayo kugendera mu bwato busunikwa n’umuyaga buciye mw’ibahari, Ibashoboza no kwikora ku nzuzi mu kunywa mwebwe hamwe n'ibitungwa vyanyu, no mu kuvomera indimo, n'ibindi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYabashoboje no kwikora ku zuba no ku kwezi bitigera bihagarara n’akanya na gato, kugira mworoherwe kuba kw’isi, Iranabaremera ijoro n’umurango kugira muturure, muruhuke mw’ijoro muheze murondere icorirenza ku murango.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ibigirwamana vyabaye imvo yo guhuba kwa benshi mu bantu inzira y’ukuri. Kubera ivyo rero, uwuzonkurikira muri bo akemera, azoba akurikiye idini ry'ubwislamu n’imigenzo vyanje; nayo uwuzogabitanya ku kutanyumvira mu bitari ibangikanyamana, mu vy’ukuri ni Wewe uri Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bawe;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbrahimu yarashimagije Imana Allah[10] ati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yandonkeje mu busaza ibibondo Ismayili na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah, Irumva igisabisho c’umusavyi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah ku kutihutira guhana abirenganije mu kugarariza no gutoteza abemeramana, Yirengagiza ibikorwa vyabo; ahubwo Irindiriye kubahana ku musi bazoturumbura amaso biturutse ku ntureka zawo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana barateze umutego wo kwica Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi Imana Allah Yari Izi umutego bateze Intumwa yayo, maze Irawutegura; kanatsinda, nya mutego wabo nta n’imisozi wari gusenyura kuko ata co wabashikanyeko.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah Ica kubiri n’isezerano Yahaye Intumwa zayo, ryo kuzishikana ku ntsinzi no guhonya abazihakana. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Izokwihora bikwiye abansi ku musi w’izuka[13];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iyi Qor’ani Twakumanuriye rero, ni ubutumwa bwibutsa abantu bose, bubagabisha ku bihano vy’Imana Allah, kugira bamenye mu vy’ukuri ko Imana Allah ari Imwe Rudende Itabangikanywa, no kugira abanyabwenge bibuke, maze bikebuke.