Home › Surahs › Surah Al-Mutaffifin
Surah Al-Mutaffifin المطففين
36 verses · Mecca · revelation order 86
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ وَيْلٌ لِّلْمُطَفِّفِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);
See all translations of this verse →
ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكْتَالُوا۟ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسْتَوْفُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu.
See all translations of this verse →
وَإِذَا كَالُوهُمْ أَو وَّزَنُوهُمْ يُخْسِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero.
See all translations of this verse →
أَلَا يَظُنُّ أُو۟لَٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبْعُوثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!
See all translations of this verse →
لِيَوْمٍ عَظِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ku musi w’intureka zihambaye.
See all translations of this verse →
يَوْمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose.
See all translations of this verse →
كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلْفُجَّارِ لَفِى سِجِّينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”.
See all translations of this verse →
وَمَآ أَدْرَىٰكَ مَا سِجِّينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?
See all translations of this verse →
كِتَٰبٌ مَّرْقُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo.
See all translations of this verse →
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;
See all translations of this verse →
ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوْمِ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera.
See all translations of this verse →
وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعْتَدٍ أَثِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;
See all translations of this verse →
إِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلْأَوَّلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”.
See all translations of this verse →
كَلَّا بَلْ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُوا۟ يَكْسِبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze.
See all translations of this verse →
كَلَّآ إِنَّهُمْ عَن رَّبِّهِمْ يَوْمَئِذٍ لَّمَحْجُوبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];
See all translations of this verse →
ثُمَّ إِنَّهُمْ لَصَالُوا۟ ٱلْجَحِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;
See all translations of this verse →
ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِى كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”.
See all translations of this verse →
كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلْأَبْرَارِ لَفِى عِلِّيِّينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru.
See all translations of this verse →
وَمَآ أَدْرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!
See all translations of this verse →
كِتَٰبٌ مَّرْقُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;
See all translations of this verse →
يَشْهَدُهُ ٱلْمُقَرَّبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلْأَبْرَارَ لَفِى نَعِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;
See all translations of this verse →
عَلَى ٱلْأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;
See all translations of this verse →
تَعْرِفُ فِى وُجُوهِهِمْ نَضْرَةَ ٱلنَّعِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;
See all translations of this verse →
يُسْقَوْنَ مِن رَّحِيقٍ مَّخْتُومٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe.
See all translations of this verse →
خِتَٰمُهُۥ مِسْكٌ وَفِى ذَٰلِكَ فَلْيَتَنَافَسِ ٱلْمُتَنَٰفِسُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa.
See all translations of this verse →
وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسْنِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;
See all translations of this verse →
عَيْنًا يَشْرَبُ بِهَا ٱلْمُقَرَّبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجْرَمُوا۟ كَانُوا۟ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ يَضْحَكُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;
See all translations of this verse →
وَإِذَا مَرُّوا۟ بِهِمْ يَتَغَامَزُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;
See all translations of this verse →
وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓا۟ إِلَىٰٓ أَهْلِهِمُ ٱنقَلَبُوا۟ فَكِهِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;
See all translations of this verse →
وَإِذَا رَأَوْهُمْ قَالُوٓا۟ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”.
See all translations of this verse →
وَمَآ أُرْسِلُوا۟ عَلَيْهِمْ حَٰفِظِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere.
See all translations of this verse →
فَٱلْيَوْمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ مِنَ ٱلْكُفَّارِ يَضْحَكُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;
See all translations of this verse →
عَلَى ٱلْأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;
See all translations of this verse →
هَلْ ثُوِّبَ ٱلْكُفَّارُ مَا كَانُوا۟ يَفْعَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”.
See all translations of this verse →
← Surah Al-Infitaar
Surah Al-Inshiqaaq →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.