Home › Surahs › Surah Al-Infitaar
Surah Al-Infitaar الإنفطار
19 verses · Mecca · revelation order 82
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنفَطَرَتْ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe ijuru ryasadaguritse;
See all translations of this verse →
وَإِذَا ٱلْكَوَاكِبُ ٱنتَثَرَتْ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe n’inyenyeri zahungurutse;
See all translations of this verse →
وَإِذَا ٱلْبِحَارُ فُجِّرَتْ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe;
See all translations of this verse →
وَإِذَا ٱلْقُبُورُ بُعْثِرَتْ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe n’imva zazuwe;
See all translations of this verse →
عَلِمَتْ نَفْسٌ مَّا قَدَّمَتْ وَأَخَّرَتْ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe.
See all translations of this verse →
يَٰٓأَيُّهَا ٱلْإِنسَٰنُ مَا غَرَّكَ بِرَبِّكَ ٱلْكَرِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza?
See all translations of this verse →
ٱلَّذِى خَلَقَكَ فَسَوَّىٰكَ فَعَدَلَكَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza;
See all translations of this verse →
فِىٓ أَىِّ صُورَةٍ مَّا شَآءَ رَكَّبَكَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Yakuremye uko Ishaka mw’ishusho rihambaye.
See all translations of this verse →
كَلَّا بَلْ تُكَذِّبُونَ بِٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa.
See all translations of this verse →
وَإِنَّ عَلَيْكُمْ لَحَٰفِظِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika;
See all translations of this verse →
كِرَامًا كَٰتِبِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika;
See all translations of this verse →
يَعْلَمُونَ مَا تَفْعَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلْأَبْرَارَ لَفِى نَعِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru.
See all translations of this verse →
وَإِنَّ ٱلْفُجَّارَ لَفِى جَحِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba;
See all translations of this verse →
يَصْلَوْنَهَا يَوْمَ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Zizowinjira, ziwote ku musi w’impera;
See all translations of this verse →
وَمَا هُمْ عَنْهَا بِغَآئِبِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntizizowukira ngo ziwuvemwo canke ngo zipfe.
See all translations of this verse →
وَمَآ أَدْرَىٰكَ مَا يَوْمُ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!
See all translations of this verse →
ثُمَّ مَآ أَدْرَىٰكَ مَا يَوْمُ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!
See all translations of this verse →
يَوْمَ لَا تَمْلِكُ نَفْسٌ لِّنَفْسٍ شَيْـًٔا وَٱلْأَمْرُ يَوْمَئِذٍ لِّلَّهِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni umusi umuntu ata co azomarira mugenziwe. Itegeko kuri uwo musi, ni iry’Imana Allah Yonyene.
See all translations of this verse →
← Surah At-Takwir
Surah Al-Mutaffifin →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.