caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Inshiqaaq الإنشقاق

25 verses · Mecca · revelation order 83

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنشَقَّتْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi;

See all translations of this verse →

وَأَذِنَتْ لِرَبِّهَا وَحُقَّتْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiRikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza;

See all translations of this verse →

وَإِذَا ٱلْأَرْضُ مُدَّتْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe n’isi yasanjwe;

See all translations of this verse →

وَأَلْقَتْ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara;

See all translations of this verse →

وَأَذِنَتْ لِرَبِّهَا وَحُقَّتْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIkumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza.

See all translations of this verse →

يَٰٓأَيُّهَا ٱلْإِنسَٰنُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدْحًا فَمُلَٰقِيهِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEwe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera.

See all translations of this verse →

فَأَمَّا مَنْ أُوتِىَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo;

See all translations of this verse →

فَسَوْفَ يُحَاسَبُ حِسَابًا يَسِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe;

See all translations of this verse →

وَيَنقَلِبُ إِلَىٰٓ أَهْلِهِۦ مَسْرُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya.

See all translations of this verse →

وَأَمَّا مَنْ أُوتِىَ كِتَٰبَهُۥ وَرَآءَ ظَهْرِهِۦ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe;

See all translations of this verse →

فَسَوْفَ يَدْعُوا۟ ثُبُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUyo rero, azoheza yisabire urupfu;

See all translations of this verse →

وَيَصْلَىٰ سَعِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYinjire no mu muriro wama wegenyejwe;

See all translations of this verse →

إِنَّهُۥ كَانَ فِىٓ أَهْلِهِۦ مَسْرُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi.

See all translations of this verse →

إِنَّهُۥ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire.

See all translations of this verse →

بَلَىٰٓ إِنَّ رَبَّهُۥ كَانَ بِهِۦ بَصِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora.

See all translations of this verse →

فَلَآ أُقْسِمُ بِٱلشَّفَقِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye!

See all translations of this verse →

وَٱلَّيْلِ وَمَا وَسَقَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNo kw’ijoro n’ivyo rinyegeje!

See all translations of this verse →

وَٱلْقَمَرِ إِذَا ٱتَّسَقَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNo ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato!

See all translations of this verse →

لَتَرْكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[1].

See all translations of this verse →

فَمَا لَهُمْ لَا يُؤْمِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye!

See all translations of this verse →

وَإِذَا قُرِئَ عَلَيْهِمُ ٱلْقُرْءَانُ لَا يَسْجُدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo.

See all translations of this verse →

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ يُكَذِّبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa.

See all translations of this verse →

وَٱللَّهُ أَعْلَمُ بِمَا يُوعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo.

See all translations of this verse →

فَبَشِّرْهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza.

See all translations of this verse →

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمْ أَجْرٌ غَيْرُ مَمْنُونٍۭ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70