Home › Surahs › Surah Al-Qalam
Surah Al-Qalam القلم
52 verses · Mecca · revelation order 2
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ نٓ وَٱلْقَلَمِ وَمَا يَسْطُرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!
See all translations of this verse →
مَآ أَنتَ بِنِعْمَةِ رَبِّكَ بِمَجْنُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!
See all translations of this verse →
وَإِنَّ لَكَ لَأَجْرًا غَيْرَ مَمْنُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;
See all translations of this verse →
وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani.
See all translations of this verse →
فَسَتُبْصِرُ وَيُبْصِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;
See all translations of this verse →
بِأَييِّكُمُ ٱلْمَفْتُونُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umusazi muri mwebwe uwo ari we.
See all translations of this verse →
إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعْلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعْلَمُ بِٱلْمُهْتَدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
See all translations of this verse →
فَلَا تُطِعِ ٱلْمُكَذِّبِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza.
See all translations of this verse →
وَدُّوا۟ لَوْ تُدْهِنُ فَيُدْهِنُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera.
See all translations of this verse →
وَلَا تُطِعْ كُلَّ حَلَّافٍ مَّهِينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;
See all translations of this verse →
هَمَّازٍ مَّشَّآءٍۭ بِنَمِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Akunda kwandagaza abantu, gateranya;
See all translations of this verse →
مَّنَّاعٍ لِّلْخَيْرِ مُعْتَدٍ أَثِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;
See all translations of this verse →
عُتُلٍّۭ بَعْدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;
See all translations of this verse →
أَن كَانَ ذَا مَالٍ وَبَنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!
See all translations of this verse →
إِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلْأَوَّلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2].
See all translations of this verse →
سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلْخُرْطُومِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu.
See all translations of this verse →
إِنَّا بَلَوْنَٰهُمْ كَمَا بَلَوْنَآ أَصْحَٰبَ ٱلْجَنَّةِ إِذْ أَقْسَمُوا۟ لَيَصْرِمُنَّهَا مُصْبِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;
See all translations of this verse →
وَلَا يَسْتَثْنُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka).
See all translations of this verse →
فَطَافَ عَلَيْهَا طَآئِفٌ مِّن رَّبِّكَ وَهُمْ نَآئِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;
See all translations of this verse →
فَأَصْبَحَتْ كَٱلصَّرِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro.
See all translations of this verse →
فَتَنَادَوْا۟ مُصْبِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bumaze guca, baciye bahamagarana;
See all translations of this verse →
أَنِ ٱغْدُوا۟ عَلَىٰ حَرْثِكُمْ إِن كُنتُمْ صَٰرِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”.
See all translations of this verse →
فَٱنطَلَقُوا۟ وَهُمْ يَتَخَٰفَتُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Baca baragenda bongorerana;
See all translations of this verse →
أَن لَّا يَدْخُلَنَّهَا ٱلْيَوْمَ عَلَيْكُم مِّسْكِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”.
See all translations of this verse →
وَغَدَوْا۟ عَلَىٰ حَرْدٍ قَٰدِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko.
See all translations of this verse →
فَلَمَّا رَأَوْهَا قَالُوٓا۟ إِنَّا لَضَآلُّونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;
See all translations of this verse →
بَلْ نَحْنُ مَحْرُومُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;
See all translations of this verse →
قَالَ أَوْسَطُهُمْ أَلَمْ أَقُل لَّكُمْ لَوْلَا تُسَبِّحُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)!
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ سُبْحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”.
See all translations of this verse →
فَأَقْبَلَ بَعْضُهُمْ عَلَىٰ بَعْضٍ يَتَلَٰوَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ يَٰوَيْلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;
See all translations of this verse →
عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبْدِلَنَا خَيْرًا مِّنْهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah".
See all translations of this verse →
كَذَٰلِكَ ٱلْعَذَابُ وَلَعَذَابُ ٱلْـَٔاخِرَةِ أَكْبَرُ لَوْ كَانُوا۟ يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
See all translations of this verse →
إِنَّ لِلْمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمْ جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema.
See all translations of this verse →
أَفَنَجْعَلُ ٱلْمُسْلِمِينَ كَٱلْمُجْرِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!
See all translations of this verse →
مَا لَكُمْ كَيْفَ تَحْكُمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!
See all translations of this verse →
أَمْ لَكُمْ كِتَٰبٌ فِيهِ تَدْرُسُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!
See all translations of this verse →
إِنَّ لَكُمْ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu.
See all translations of this verse →
أَمْ لَكُمْ أَيْمَٰنٌ عَلَيْنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوْمِ ٱلْقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمْ لَمَا تَحْكُمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!
See all translations of this verse →
سَلْهُمْ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;
See all translations of this verse →
أَمْ لَهُمْ شُرَكَآءُ فَلْيَأْتُوا۟ بِشُرَكَآئِهِمْ إِن كَانُوا۟ صَٰدِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;
See all translations of this verse →
يَوْمَ يُكْشَفُ عَن سَاقٍ وَيُدْعَوْنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسْتَطِيعُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;
See all translations of this verse →
خَٰشِعَةً أَبْصَٰرُهُمْ تَرْهَقُهُمْ ذِلَّةٌ وَقَدْ كَانُوا۟ يُدْعَوْنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ وَهُمْ سَٰلِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire.
See all translations of this verse →
فَذَرْنِى وَمَن يُكَذِّبُ بِهَٰذَا ٱلْحَدِيثِ سَنَسْتَدْرِجُهُم مِّنْ حَيْثُ لَا يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;
See all translations of this verse →
وَأُمْلِى لَهُمْ إِنَّ كَيْدِى مَتِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.
See all translations of this verse →
أَمْ تَسْـَٔلُهُمْ أَجْرًا فَهُم مِّن مَّغْرَمٍ مُّثْقَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!
See all translations of this verse →
أَمْ عِندَهُمُ ٱلْغَيْبُ فَهُمْ يَكْتُبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!
See all translations of this verse →
فَٱصْبِرْ لِحُكْمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلْحُوتِ إِذْ نَادَىٰ وَهُوَ مَكْظُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;
See all translations of this verse →
لَّوْلَآ أَن تَدَٰرَكَهُۥ نِعْمَةٌ مِّن رَّبِّهِۦ لَنُبِذَ بِٱلْعَرَآءِ وَهُوَ مَذْمُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;
See all translations of this verse →
فَٱجْتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَجَعَلَهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda.
See all translations of this verse →
وَإِن يَكَادُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَيُزْلِقُونَكَ بِأَبْصَٰرِهِمْ لَمَّا سَمِعُوا۟ ٱلذِّكْرَ وَيَقُولُونَ إِنَّهُۥ لَمَجْنُونٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”.
See all translations of this verse →
وَمَا هُوَ إِلَّا ذِكْرٌ لِّلْعَٰلَمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu).
See all translations of this verse →
← Surah Al-Mulk
Surah Al-Haaqqa →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.