caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Aal-i-Imraan, Verse 20

Medina · revelation order 89 · 3:20

فَإِنْ حَآجُّوكَ فَقُلْ أَسْلَمْتُ وَجْهِىَ لِلَّهِ وَمَنِ ٱتَّبَعَنِ وَقُل لِّلَّذِينَ أُوتُوا۟ ٱلْكِتَٰبَ وَٱلْأُمِّيِّـۧنَ ءَأَسْلَمْتُمْ فَإِنْ أَسْلَمُوا۟ فَقَدِ ٱهْتَدَوا۟ وَّإِن تَوَلَّوْا۟ فَإِنَّمَا عَلَيْكَ ٱلْبَلَٰغُ وَٱللَّهُ بَصِيرٌۢ بِٱلْعِبَادِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abahawe Igitabu nibaguhaririza ku vyerekeye ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, uraheza ubabwire uti: “Naramaze gutumbera no kwicisha bugufi ku Mana Imwe Rudende Allah, jewe n’abankurikiye mu bemeramana”. Uraheza ubwire kandi abahawe Igitabu n’ababangikanyamana uti: “Ubwo ntimwokwicisha bugufi mukaba abislamu!”. Baramutse rero babaye abislamu, ni ukuri bazoba bakurikiye inzira igororotse; nibagenza umugongo naho bakakwirengagiza, ni ukuri uzoba wamaze gukora ico ujejwe, wewe ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa, burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70