caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Aal-i-Imraan, Verse 156

Medina · revelation order 89 · 3:156

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ لَا تَكُونُوا۟ كَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ وَقَالُوا۟ لِإِخْوَٰنِهِمْ إِذَا ضَرَبُوا۟ فِى ٱلْأَرْضِ أَوْ كَانُوا۟ غُزًّى لَّوْ كَانُوا۟ عِندَنَا مَا مَاتُوا۟ وَمَا قُتِلُوا۟ لِيَجْعَلَ ٱللَّهُ ذَٰلِكَ حَسْرَةً فِى قُلُوبِهِمْ وَٱللَّهُ يُحْىِۦ وَيُمِيتُ وَٱللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ بَصِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabe nk’abagararije Imana Allah, iyo benewabo bafashe urugendo rwo kurondera icobabeshaho, maze bagapfa; canke bakicwa mu gihe bajanye n’abarwanira idini ry’Imana Allah, bashoka bavuga bati: “Iyo badafata urugendo canke iyo bataja ku rugamba, bagaheza bakagumana na twe, ntibari gupfa; eka ntibari no kwicwa”. Iryo jambo baryatuye ku rurimi, kugira Imana Allah Irigire imvo y’umubabaro n’agahinda mu mitima yabo, mu gihe abemeramana bazi neza ko ibibashikira vyose, biba vyaragezwe n’Imana Allah. Kira noneho rero, Imana Allah Iha ubuzima uwo Yabugeneye n’aho yoba ari ku rugendo canke ku rugamba; Ikabwaka uwashikiwe n’umusi w’urupfu rwiwe, n’aho yoba ari mu muryango wiwe. Burya Imana Allah Irabona neza ivyo mukora vyose, ni Nyenukubona.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70