caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Aal-i-Imraan, Verse 15

Medina · revelation order 89 · 3:15

قُلْ أَؤُنَبِّئُكُم بِخَيْرٍ مِّن ذَٰلِكُمْ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ عِندَ رَبِّهِمْ جَنَّٰتٌ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَا وَأَزْوَٰجٌ مُّطَهَّرَةٌ وَرِضْوَٰنٌ مِّنَ ٱللَّهِ وَٱللَّهُ بَصِيرٌۢ بِٱلْعِبَادِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega ndababwire ivyiza biruta ivyo abantu baremwe bakunda mu vy’isi! Abatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera, hariyo n’abakenyezi basukuye (barangwa n’ingeso nziza, batigera baja mu butinyanka), bazobamwo bishimiwe n’Imana Allah”. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70