caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Aal-i-Imraan, Verse 179

Medina · revelation order 89 · 3:179

مَّا كَانَ ٱللَّهُ لِيَذَرَ ٱلْمُؤْمِنِينَ عَلَىٰ مَآ أَنتُمْ عَلَيْهِ حَتَّىٰ يَمِيزَ ٱلْخَبِيثَ مِنَ ٱلطَّيِّبِ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُطْلِعَكُمْ عَلَى ٱلْغَيْبِ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَجْتَبِى مِن رُّسُلِهِۦ مَن يَشَآءُ فَـَٔامِنُوا۟ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦ وَإِن تُؤْمِنُوا۟ وَتَتَّقُوا۟ فَلَكُمْ أَجْرٌ عَظِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ntiyari kureka abemeramana koko ngo babandanye babana n’indyarya, Itabanje kubatandukanya mu kugaragaza umubi arangwa n’uburyarya, n’umwiza arangwa n’ukwemera koko, gutyo hakamenyekana uwemera Imana Allah, hakanamenyekana n’indyarya muri mwebwe. Ntivyari no mu ntumbero y’Imana Allah kubahishurira ibinyegejwe ibiremwa kugira mwibonere indyarya muyimenye, ahubwo Imana Allah Igaragaza uwemera n’indyarya mw’igeragezwa ku bibashikira. Ariko Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse mu Ntumwa zayo, Ikamuhishurira bimwe mu binyegejwe ibiremwa, maze nya Ntumwa igaheza igatandukanya uwemera n’indyarya. Kubera ivyo rero, nimushishikare mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo. Nimwaramuka mwemeye vy’ukuri mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muzoheza muronke impembo zihambaye.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70