هَٰٓأَنتُمْ أُو۟لَآءِ تُحِبُّونَهُمْ وَلَا يُحِبُّونَكُمْ وَتُؤْمِنُونَ بِٱلْكِتَٰبِ كُلِّهِۦ وَإِذَا لَقُوكُمْ قَالُوٓا۟ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَوْا۟ عَضُّوا۟ عَلَيْكُمُ ٱلْأَنَامِلَ مِنَ ٱلْغَيْظِ قُلْ مُوتُوا۟ بِغَيْظِكُمْ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمٌۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ehe mwebwe ico mwihendako, ni uko mubakunda mukabagirira ubugwaneza kandi na bo batigera babakunda na gato; mukemera Ibitabu vyose vyamanuwe harimwo n’Igitabu cabo, mu gihe bo batemera Igitabu canyu Qor’ani. Ni gute none mwobakunda! No mu gihe bahuye na mwe barabiyorobekako bakababwira bati: “Twaremeye!” ; biherera naho, bakicwa n’intuntu n’akantu babahigira kw’ishavu n’ishari babafitiye. Ntumwa y’Imana ! Babwire uti: “Nimwicwe rero n’ishavu!”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza ibiri mu mishaha, Izohemba umwe wese ku co yakoze; caba iciza canke ikibi.