ذُرِّيَّةًۢ بَعْضُهَا مِنۢ بَعْضٍ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIraheza Ibagira Intumwa n’Abavugishwamana mu rukurikirane rw’uruvyaro rwabo rweranda. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva ibivugwa n’abaja bayo, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bazirikana n’ivyo bakora, kandi Izobibahembera;