caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Aal-i-Imraan, Verse 91

Medina · revelation order 89 · 3:91

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ وَمَاتُوا۟ وَهُمْ كُفَّارٌ فَلَن يُقْبَلَ مِنْ أَحَدِهِم مِّلْءُ ٱلْأَرْضِ ذَهَبًا وَلَوِ ٱفْتَدَىٰ بِهِۦٓ أُو۟لَٰٓئِكَ لَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagapfa bakigarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, ku musi w’izuka nta n’umwe muri bo azokwemererwa gutanga inzahabu zuzuye isi yose kugira yigombore mu bihano vy’Imana Allah, n’aho yoba ashoboye koko kuzitanga mu kwigombora, abo ni bo rero bategekanirijwe ibihano bibabaza cane, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70