وَمَا كَانَ قَوْلَهُمْ إِلَّآ أَن قَالُوا۟ رَبَّنَا ٱغْفِرْ لَنَا ذُنُوبَنَا وَإِسْرَافَنَا فِىٓ أَمْرِنَا وَثَبِّتْ أَقْدَامَنَا وَٱنصُرْنَا عَلَى ٱلْقَوْمِ ٱلْكَٰفِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’ico bavuga bari mu bihe bitoroshe kiretse ukwiyambaza Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Tubabarire ivyaha vyacu hamwe n’ibicumuro twakoze mw’idini tutabizi, Wongere Utsimbataze ibirenge vyacu ntiduhunge umwansi ku rugamba, Unadushoboze gutsinda abantu b’abagarariji bahakana isengwa ryawe n’ubutumwa bw’Intumwa zawe”.