caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Ash-Shu'araa الشعراء

227 verses · Mecca · revelation order 47

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ طسٓمٓ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaa Siin Miim[1].

See all translations of this verse →

تِلْكَ ءَايَٰتُ ٱلْكِتَٰبِ ٱلْمُبِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco.

See all translations of this verse →

لَعَلَّكَ بَٰخِعٌ نَّفْسَكَ أَلَّا يَكُونُوا۟ مُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima!

See all translations of this verse →

إِن نَّشَأْ نُنَزِّلْ عَلَيْهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةً فَظَلَّتْ أَعْنَٰقُهُمْ لَهَا خَٰضِعِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo.

See all translations of this verse →

وَمَا يَأْتِيهِم مِّن ذِكْرٍ مِّنَ ٱلرَّحْمَٰنِ مُحْدَثٍ إِلَّا كَانُوا۟ عَنْهُ مُعْرِضِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure.

See all translations of this verse →

فَقَدْ كَذَّبُوا۟ فَسَيَأْتِيهِمْ أَنۢبَٰٓؤُا۟ مَا كَانُوا۟ بِهِۦ يَسْتَهْزِءُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, ababangikanyamana barahakanye Qor’ani baranayiteburako. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazoshikirwa n’ukuri kw’inkuru z’ivyo bateburako, maze bahanwe.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَرَوْا۟ إِلَى ٱلْأَرْضِ كَمْ أَنۢبَتْنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوْجٍ كَرِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ntibaraba isi ngo babone ukuntu Twayinagishijeko ibimera vyinshi ngirakamaro, biri mu bwoko bwose bw’ibiterwa n'ivyimeza, ata wushoboye kubinagisha atari Imana Allah!

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri mw’inagishwa ry’ivyo vyose, ni ukuri harimwo icemezo cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, burya abenshi mu bantu, si abemeramana namba;

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

وَإِذْ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئْتِ ٱلْقَوْمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije;

See all translations of this verse →

قَوْمَ فِرْعَوْنَ أَلَا يَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبِّ إِنِّىٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye;

See all translations of this verse →

وَيَضِيقُ صَدْرِى وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِى فَأَرْسِلْ إِلَىٰ هَٰرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNgatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije;

See all translations of this verse →

وَلَهُمْ عَلَىَّ ذَنۢبٌ فَأَخَافُ أَن يَقْتُلُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”.

See all translations of this verse →

قَالَ كَلَّا فَٱذْهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآ إِنَّا مَعَكُم مُّسْتَمِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza;

See all translations of this verse →

فَأْتِيَا فِرْعَوْنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe;

See all translations of this verse →

أَنْ أَرْسِلْ مَعَنَا بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKo wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””.

See all translations of this verse →

قَالَ أَلَمْ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدًا وَلَبِثْتَ فِينَا مِنْ عُمُرِكَ سِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi!

See all translations of this verse →

وَفَعَلْتَ فَعْلَتَكَ ٱلَّتِى فَعَلْتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”.

See all translations of this verse →

قَالَ فَعَلْتُهَآ إِذًا وَأَنَا۠ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa araheza yishura Firawuni ati: “Nimba ico gicumuro naragikoze, sinari bwahishurirwe kuba Intumwa!

See all translations of this verse →

فَفَرَرْتُ مِنكُمْ لَمَّا خِفْتُكُمْ فَوَهَبَ لِى رَبِّى حُكْمًا وَجَعَلَنِى مِنَ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi naho nata nkomoka mpungira i Madiyana, ku gutinya ko mwonyica mwihorera Umunyagiputa wanyu nishe kw’isanganya; mu nyuma, Imana yanje Rurema Allah Yahavuye Impa ubutumwa n’ubumenyi, maze Ingira Intumwa mu zindi;

See all translations of this verse →

وَتِلْكَ نِعْمَةٌ تَمُنُّهَا عَلَىَّ أَنْ عَبَّدتَّ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIryo rererwa ryanje iwawe na ryo unshinyagurizako, ryabaye kugira ngo ubandanye ucura bufuni na buhoro Bene Israyeli!”.

See all translations of this verse →

قَالَ فِرْعَوْنُ وَمَا رَبُّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni yahavuye abaza Musa ati: “Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yakurungitse, ni igiki?”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَآ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yavuze yishura Firawuni ati: “Ni Imana Rurema, Umubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo; nimwaba rero muzi neza ivyo, nimuyemere”.

See all translations of this verse →

قَالَ لِمَنْ حَوْلَهُۥٓ أَلَا تَسْتَمِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni arinamura abwira abubahwa bari ng’aho bamukikije ati: “Muranyumvira ako kamaramaza ka Musa, aho yubahuka akavuga ko hari iyindi mana atari jewe!”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبُّكُمْ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلْأَوَّلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”.

See all translations of this verse →

قَالَ إِنَّ رَسُولَكُمُ ٱلَّذِىٓ أُرْسِلَ إِلَيْكُمْ لَمَجْنُونٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni n’ishavu n’akantu asubizayo anebagura Musa ati: “Mu vy’ukuri Intumwa yanyu mwarungikiwe, ni ukuri, ni umusazi, ivuga ibitaroranye namba”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبُّ ٱلْمَشْرِقِ وَٱلْمَغْرِبِ وَمَا بَيْنَهُمَآ إِن كُنتُمْ تَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa arongera ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana Rurema Yaremye ubuseruko n’uburengero hamwe n’ibiri hagati yavyo; Irema n’umuco n’umuzimagiza. Ivyo rero, bikaba ari ivyemezo vy’uko ari Yo Ikwiye kwemerwa no gusengwa ari Imwe Rudende nimwaba mutegera neza ububasha bwayo”.

See all translations of this verse →

قَالَ لَئِنِ ٱتَّخَذْتَ إِلَٰهًا غَيْرِى لَأَجْعَلَنَّكَ مِنَ ٱلْمَسْجُونِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni aca avuga n’iterabwoba n’akantu yihaniza Musa ati: “Niwigenera Iyindi Mana atari jewe, ni ukuri ntegerezwa kuguta mw’ibohero hamwe n’abandi”.

See all translations of this verse →

قَالَ أَوَلَوْ جِئْتُكَ بِشَىْءٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa asubizayo ati: “Mbega uraheza unte mw’ibohero hamwe n’abandi, n’aho nokuzanira icemezo gitomoye ko ndi mu kuri!”.

See all translations of this verse →

قَالَ فَأْتِ بِهِۦٓ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni aca asaba Musa ko yozana icemezo ati: “Enda nyabuna rero, zana ico cemezo ku vyo uvuga niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”.

See all translations of this verse →

فَأَلْقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِىَ ثُعْبَانٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;

See all translations of this verse →

وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِىَ بَيْضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAraheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane abari ng’aho birabira, barumirwa.

See all translations of this verse →

قَالَ لِلْمَلَإِ حَوْلَهُۥٓ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni aca agira impungenge z’uko abunganizi bari ng’aho bamukikije, bohava banyurwa bakemera, araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Musa nta nkeka ko ari umukonikoni karuhariwe;

See all translations of this verse →

يُرِيدُ أَن يُخْرِجَكُم مِّنْ أَرْضِكُم بِسِحْرِهِۦ فَمَاذَا تَأْمُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAshaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu akoresheje ubukonikoni bwiwe, none rero mumpanuye ko nokora iki?”.

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ أَرْجِهْ وَأَخَاهُ وَٱبْعَثْ فِى ٱلْمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbunganizi bari hambavu ya Firawuni bavuze bamuhanura bati: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;

See all translations of this verse →

يَأْتُوكَ بِكُلِّ سَحَّارٍ عَلِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe, bamukuzanire”.

See all translations of this verse →

فَجُمِعَ ٱلسَّحَرَةُ لِمِيقَٰتِ يَوْمٍ مَّعْلُومٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero abakonikoni bose bakoranirizwa hamwe ku musi w’isango nyezina[2];

See all translations of this verse →

وَقِيلَ لِلنَّاسِ هَلْ أَنتُم مُّجْتَمِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbararitsi baraheza bararika abantu bati: “Nyabuna nyabuna nimwitabire ikoraniro ku bwinshi kugira mushigikire abakonikoni!

See all translations of this verse →

لَعَلَّنَا نَتَّبِعُ ٱلسَّحَرَةَ إِن كَانُوا۟ هُمُ ٱلْغَٰلِبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari n’aho twotsimbatara kw’idini rya Firawuni, tugakurikira abakonikoni mu gihe boramuka batsinze”.

See all translations of this verse →

فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالُوا۟ لِفِرْعَوْنَ أَئِنَّ لَنَا لَأَجْرًا إِن كُنَّا نَحْنُ ٱلْغَٰلِبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmusi w’isango ugeze, nya bakonikoni karuhariwe bariyegeranije bashika kwa Firawuni, bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”.

See all translations of this verse →

قَالَ نَعَمْ وَإِنَّكُمْ إِذًا لَّمِنَ ٱلْمُقَرَّبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muri ico gihe muzoba muri no mu batoni b’abishikira bari hambavu yanje”.

See all translations of this verse →

قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلْقُوا۟ مَآ أَنتُم مُّلْقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yabariye nya bakonikoni ashaka ko ikinyoma gikubitirwa ahashashe ati: “Nimuterere hasi ivyo mushaka mu bukonikoni bwanyu”.

See all translations of this verse →

فَأَلْقَوْا۟ حِبَالَهُمْ وَعِصِيَّهُمْ وَقَالُوا۟ بِعِزَّةِ فِرْعَوْنَ إِنَّا لَنَحْنُ ٱلْغَٰلِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero nya bakonikoni baterera imizana n’inkoni vyabo hasi, barahunika abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, ahubwo babona inzoka, baraheza barahira kw’izina rya Firawuni bavuga bati: “Mu cubahiro ca Firawuni, ni ukuri dutegerezwa gutsinda Musa”.

See all translations of this verse →

فَأَلْقَىٰ مُوسَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِىَ تَلْقَفُ مَا يَأْفِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho Musa rero yaterera inkoni yiwe hasi, nya nkoni ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, ya nzoka ica imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari inzoka vy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye.

See all translations of this verse →

فَأُلْقِىَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBa bakonikoni bamaze kubona ico gitangaro c’inkoni, baciye bubamira Imana Allah;

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;

See all translations of this verse →

رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”.

See all translations of this verse →

قَالَ ءَامَنتُمْ لَهُۥ قَبْلَ أَنْ ءَاذَنَ لَكُمْ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِى عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحْرَ فَلَسَوْفَ تَعْلَمُونَ لَأُقَطِّعَنَّ أَيْدِيَكُمْ وَأَرْجُلَكُم مِّنْ خِلَٰفٍ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمْ أَجْمَعِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga abiyamiriza ati: “Mbega karashize ingani mwemere Iyo Mana ya Musa, imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri biragaragaye ko Musa, ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ayo imbwa yaboneye ku mugezi; ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ لَا ضَيْرَ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBa bakonikoni, baraheza bishura Firawuni bati: “Nta co bidutwaye namba, twebwe mu vy’ukuri, uramutse utwishe dusubira ku Mana yacu Rurema Allah;

See all translations of this verse →

إِنَّا نَطْمَعُ أَن يَغْفِرَ لَنَا رَبُّنَا خَطَٰيَٰنَآ أَن كُنَّآ أَوَّلَ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, twebwe turizeye ko Imana yacu Rurema Allah, Itugumiriza akabanga, Ikatubabarira ivyaha vyacu, kuko tubaye aba mbere bayemeye mu bantu bawe”.

See all translations of this verse →

وَأَوْحَيْنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنْ أَسْرِ بِعِبَادِىٓ إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Genda muri iri joro ujanye abaja banje bemeye muri Bene Israyeli, kuko mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava babakurikira ngo babafate imbere yuko mujabuka ibahari”.

See all translations of this verse →

فَأَرْسَلَ فِرْعَوْنُ فِى ٱلْمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni yaciye arungika abararitsi mu bisagara vyose kwegeranya ingabo ziwe;

See all translations of this verse →

إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَشِرْذِمَةٌ قَلِيلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAraheza avuga ati: “Bene Israyeli bahunganye na Musa, ni akagwi k’abantu bari ku rushi, bagayitse;

See all translations of this verse →

وَإِنَّهُمْ لَنَا لَغَآئِظُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi mu vy’ukuri, baraduteye ishavu ryinshi ku guca kubiri n’idini ryacu;

See all translations of this verse →

وَإِنَّا لَجَمِيعٌ حَٰذِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa twe rero turarikanuye ntibaducarukana”.

See all translations of this verse →

فَأَخْرَجْنَٰهُم مِّن جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twebwe Allah, Twakura Firawuni hamwe n’abantu biwe mu gihugu ca Misiri kirangwa n’imirima itotahaye n’amazi y’amariba atemba;

See all translations of this verse →

وَكُنُوزٍ وَمَقَامٍ كَرِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari n’ibigega vy’ubutunzi n’inyubakwa ziteye igomwe.

See all translations of this verse →

كَذَٰلِكَ وَأَوْرَثْنَٰهَا بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabakuye muri ico gihugu ca Misiri - Twahavuye Tukiraga mu nyuma Bene Israyeli.

See all translations of this verse →

فَأَتْبَعُوهُم مُّشْرِقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni rero hamwe n’ingabo ziwe, bahavuye bakurikira Musa n’abo bari kumwe mu mutwenzi.

See all translations of this verse →

فَلَمَّا تَرَٰٓءَا ٱلْجَمْعَانِ قَالَ أَصْحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدْرَكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze guhura na bo amaso mu yandi, abantu ba Musa n’ubwoba n’akantu bavuze bati: “Musa, ni ukuri abantu ba Firawuni nta kibuza baradufashe, turahonye!”.

See all translations of this verse →

قَالَ كَلَّآ إِنَّ مَعِىَ رَبِّى سَيَهْدِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yabishuye ati: “Kizire, ntibagenda babafashe namba kuko ndi kumwe n’Imana yanje Rurema Allah mu kuntabara, Irandongora inzira idukura muri aka kaga”.

See all translations of this verse →

فَأَوْحَيْنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضْرِب بِّعَصَاكَ ٱلْبَحْرَ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرْقٍ كَٱلطَّوْدِ ٱلْعَظِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Kubita iyo nkoni yawe kw’ibahari”. Ubwo nyene ya bahari yicamwo inzira cumi na zibiri; zihuriranye n’igitigiri kingana n’amoko ya Bene Israyeli, maze igice cose c’ibahari kigabura inzira n’iyindi kiba nk’umusozi amahanga.

See all translations of this verse →

وَأَزْلَفْنَا ثَمَّ ٱلْـَٔاخَرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAho rero, ni ho Twashorera Firawuni n’ingabo ziwe gushika n’aho binjira mw’ibahari bibwira ngo bakurikiye Musa n’abo bari kumwe;

See all translations of this verse →

وَأَنجَيْنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجْمَعِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTuraheza Turokora Musa n’abo bari kumwe bose, barajabuka amahoro gushika ku rundi ruhande rw’ibahari.

See all translations of this verse →

ثُمَّ أَغْرَقْنَا ٱلْـَٔاخَرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma, ni ho nya bahari yasubira guterana, maze Twebwe Allah Duca Dusomesha nturi Firawuni n’ingabo ziwe, bahonera rimwe.

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, muri ivyo vyashikiye Firawuni n’ingabo ziwe, ni ukuri harimwo inkebuzo yerekena koko ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bakurikira Firawuni ntibahavuye bemera.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

وَٱتْلُ عَلَيْهِمْ نَبَأَ إِبْرَٰهِيمَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu;

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوْمِهِۦ مَا تَعْبُدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ نَعْبُدُ أَصْنَامًا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”.

See all translations of this verse →

قَالَ هَلْ يَسْمَعُونَكُمْ إِذْ تَدْعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye?

See all translations of this verse →

أَوْ يَنفَعُونَكُمْ أَوْ يَضُرُّونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ بَلْ وَجَدْنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفْعَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”.

See all translations of this verse →

قَالَ أَفَرَءَيْتُم مَّا كُنتُمْ تَعْبُدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga;

See all translations of this verse →

أَنتُمْ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلْأَقْدَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere!

See all translations of this verse →

فَإِنَّهُمْ عَدُوٌّ لِّىٓ إِلَّا رَبَّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى خَلَقَنِى فَهُوَ يَهْدِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِى هُوَ يُطْعِمُنِى وَيَسْقِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa;

See all translations of this verse →

وَإِذَا مَرِضْتُ فَهُوَ يَشْفِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِى يُمِيتُنِى ثُمَّ يُحْيِينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِىٓ أَطْمَعُ أَن يَغْفِرَ لِى خَطِيٓـَٔتِى يَوْمَ ٱلدِّينِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”.

See all translations of this verse →

رَبِّ هَبْ لِى حُكْمًا وَأَلْحِقْنِى بِٱلصَّٰلِحِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru;

See all translations of this verse →

وَٱجْعَل لِّى لِسَانَ صِدْقٍ فِى ٱلْـَٔاخِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo;

See all translations of this verse →

وَٱجْعَلْنِى مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUnshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema;

See all translations of this verse →

وَٱغْفِرْ لِأَبِىٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUrongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye[3];

See all translations of this verse →

وَلَا تُخْزِنِى يَوْمَ يُبْعَثُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze;

See all translations of this verse →

يَوْمَ لَا يَنفَعُ مَالٌ وَلَا بَنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu;

See all translations of this verse →

إِلَّا مَنْ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلْبٍ سَلِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”.

See all translations of this verse →

وَأُزْلِفَتِ ٱلْجَنَّةُ لِلْمُتَّقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana;

See all translations of this verse →

وَبُرِّزَتِ ٱلْجَحِيمُ لِلْغَاوِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo;

See all translations of this verse →

وَقِيلَ لَهُمْ أَيْنَ مَا كُنتُمْ تَعْبُدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi!

See all translations of this verse →

مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلْ يَنصُرُونَكُمْ أَوْ يَنتَصِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”.

See all translations of this verse →

فَكُبْكِبُوا۟ فِيهَا هُمْ وَٱلْغَاوُۥنَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro;

See all translations of this verse →

وَجُنُودُ إِبْلِيسَ أَجْمَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ وَهُمْ فِيهَا يَخْتَصِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazohazana bari mu muriro ku makosa yabo;

See all translations of this verse →

تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِى ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara;

See all translations of this verse →

إِذْ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلْمُجْرِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira;

See all translations of this verse →

فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo!

See all translations of this verse →

وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe!

See all translations of this verse →

فَلَوْ أَنَّ لَنَا كَرَّةً فَنَكُونَ مِنَ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEse twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”.

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

كَذَّبَتْ قَوْمُ نُوحٍ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[4];

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لَهُمْ أَخُوهُمْ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!

See all translations of this verse →

إِنِّى لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِنْ أَجْرِىَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo".

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ أَنُؤْمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلْأَرْذَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”.

See all translations of this verse →

قَالَ وَمَا عِلْمِى بِمَا كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishura ati: “Sinjejwe kumenya ubuzima babayemwo; ico njejwe, ni ukubararikira ukwemera, burya ubutore n’icubahiro c’umuntu, biva ku kwemera Imana Allah, ntibiva ku muryango canke ku co ari mu kibano;

See all translations of this verse →

إِنْ حِسَابُهُمْ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّى لَوْ تَشْعُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIharurirwa ryabo ku vyo bakoze, rijejwe Imana yanje Rurema Allah. Iyo muba muzi ko biri ukwo rero, ntimwari kunebagura abankurikiye;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi nanje nyene sindota nirukana abemeramana bankurikiye uko bari kwose kugira ngo munyemere;

See all translations of this verse →

إِنْ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe burya nta kindi njejwe, kiretse ko ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ لَئِن لَّمْ تَنتَهِ يَٰنُوحُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلْمَرْجُومِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Nuhu bahavuye bamutera ubwoba bati: “Nuhu! Utaretse iryo rarikiramana ryawe, ni ukuri nta kibuza, tuzokwicisha amabuye!”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبِّ إِنَّ قَوْمِى كَذَّبُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNuhu amaze kwumva iterabwoba ryabo, yaratakambiye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri abantu banje Wandungitseko, bangararije bimwe biboneka;

See all translations of this verse →

فَٱفْتَحْ بَيْنِى وَبَيْنَهُمْ فَتْحًا وَنَجِّنِى وَمَن مَّعِىَ مِنَ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNdagusavye rero ko Ufata ingingo idutandukanya mu guhonya abaguhakana bakagarariza Intumwa yawe, maze Undokore muri iryo honywa jewe hamwe n’abo turi kumwe mu bemeramana”.

See all translations of this verse →

فَأَنجَيْنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِى ٱلْفُلْكِ ٱلْمَشْحُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yarumviye Nuhu, maze Iramurokora muri nya honywa we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato bwarimwo amoko yose y’ibiremwa.

See all translations of this verse →

ثُمَّ أَغْرَقْنَا بَعْدُ ٱلْبَاقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twahonya abahakanye bakagarariza.

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mu nkuru ya Nuhu n’ihonywa ry’abamugararije, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah n’Intumwa zayo ngo bubahirize n’amabwirizwa yayo.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

كَذَّبَتْ عَادٌ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Aadi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Huudi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[5].

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لَهُمْ أَخُوهُمْ هُودٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe mwenewabo Huudi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!;

See all translations of this verse →

إِنِّى لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِنْ أَجْرِىَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose,

See all translations of this verse →

أَتَبْنُونَ بِكُلِّ رِيعٍ ءَايَةً تَعْبَثُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega mwubaka inyubakwa ndende aho hose hataramutse, mu ntumbero yo kwihambaza mukengera abarengana hepfo yanyu!

See all translations of this verse →

وَتَتَّخِذُونَ مَصَانِعَ لَعَلَّكُمْ تَخْلُدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMukigirira n’amazu y’intamenwa y’amagorofa; nk’aho muzokwama kw’isi ibihe bidahera;

See all translations of this verse →

وَإِذَا بَطَشْتُم بَطَشْتُمْ جَبَّارِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’iyo hagize uwo mucakira mu bantu mukamukubita canke mukamwica, mubikora ku kagagazo n’akarenganyo;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo;

See all translations of this verse →

وَٱتَّقُوا۟ ٱلَّذِىٓ أَمَدَّكُم بِمَا تَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuheze mugamburukire Imana Allah Yabahaye inema muzi z’ubwoko bwose;

See all translations of this verse →

أَمَدَّكُم بِأَنْعَٰمٍ وَبَنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYabahaye ibitungwa, Ibaha n’ibibondo;

See all translations of this verse →

وَجَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbaha n’imirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba”.

See all translations of this verse →

إِنِّىٓ أَخَافُ عَلَيْكُمْ عَذَابَ يَوْمٍ عَظِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHuudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarihanije abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye, mu gihe mworendegera mu bugarariji, mwihakana n’inema zayo”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ سَوَآءٌ عَلَيْنَآ أَوَعَظْتَ أَمْ لَمْ تَكُن مِّنَ ٱلْوَٰعِظِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Huudi bamwamiriye kure bati: “Kuri twebwe rero, ukuduhanura kwawe n’ukutaduhanura, vyose ni co kimwe, ntiturota tukwemera namba!

See all translations of this verse →

إِنْ هَٰذَآ إِلَّا خُلُقُ ٱلْأَوَّلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo twemera si ikindi, kiretse ko ari imigenzo y’ab’aho hambere;

See all translations of this verse →

وَمَا نَحْنُ بِمُعَذَّبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi rero twebwe ntituzohanirwa gukora ivyo utubuza”.

See all translations of this verse →

فَكَذَّبُوهُ فَأَهْلَكْنَٰهُمْ إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBararendegeye rero mu guhakana bivuye inyuma, maze Twebwe Allah Duca Tubarungikira igihuhusi c’igikonyozi, Turabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Ntumwa y’Imana! Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bakwemera.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

كَذَّبَتْ ثَمُودُ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[6].

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لَهُمْ أَخُوهُمْ صَٰلِحٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe mwenewabo Swalehe yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!

See all translations of this verse →

إِنِّى لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِنْ أَجْرِىَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

See all translations of this verse →

أَتُتْرَكُونَ فِى مَا هَٰهُنَآ ءَامِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none, Imana yanyu Rurema Allah Ikwiye kubareka mukishira mukizana mu nema Yabahaye kw’isi mutekaniwe!

See all translations of this verse →

فِى جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu mirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba!

See all translations of this verse →

وَزُرُوعٍ وَنَخْلٍ طَلْعُهَا هَضِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’ibitara vy’ivyamwa n’ibiterwa hamwe n’itende zoroshe z’akanovera!

See all translations of this verse →

وَتَنْحِتُونَ مِنَ ٱلْجِبَالِ بُيُوتًا فَٰرِهِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMukanabaza mu misozi inzu mu buhinga butuma mwiyemera bidasanzwe!

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

See all translations of this verse →

وَلَا تُطِيعُوٓا۟ أَمْرَ ٱلْمُسْرِفِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimugakurikire namba ivyo mubwirwa n’abimonogoje mu bugarariji;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِينَ يُفْسِدُونَ فِى ٱلْأَرْضِ وَلَا يُصْلِحُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagenzwa n’ubwononyi kw’isi, batigera bitwararika gukora ibitunganye”.

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلْمُسَحَّرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Thamuudi barinamuye babwira Swalehe bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!

See all translations of this verse →

مَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثْلُنَا فَأْتِ بِـَٔايَةٍ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiWewe nta co uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Enda rero nyabuna zana icemezo cerekana ko uri Intumwa, niwaba koko uri mu mvugakuri ko Imana Allah Yakuturungitseko!”.

See all translations of this verse →

قَالَ هَٰذِهِۦ نَاقَةٌ لَّهَا شِرْبٌ وَلَكُمْ شِرْبُ يَوْمٍ مَّعْلُومٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiSwalehe yababwiye ati: “Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri, yagenewe gushoka ku musi wayo na mwe mukaba murekuriwe kuvoma ku musi uzwi ukurikira;

See all translations of this verse →

وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٍ فَيَأْخُذَكُمْ عَذَابُ يَوْمٍ عَظِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi. Nimwahirahira rero mukayikomakoma ku nabi, nta kizobuza ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye”.

See all translations of this verse →

فَعَقَرُوهَا فَأَصْبَحُوا۟ نَٰدِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero bahakana, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga, maze bazinduka bicuza ku vyo bakoze, bamaze kumenya neza ko bategerezwa guhanwa;

See all translations of this verse →

فَأَخَذَهُمُ ٱلْعَذَابُ إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaca bashikirwa rero n’ibihano vy’Imana Allah basezeraniwe na Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), birabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wushaka kwikebuka mu bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

كَذَّبَتْ قَوْمُ لُوطٍ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Luutwi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Luutwi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[7].

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لَهُمْ أَخُوهُمْ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe mwenewabo Luutwi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!

See all translations of this verse →

إِنِّى لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِنْ أَجْرِىَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

See all translations of this verse →

أَتَأْتُونَ ٱلذُّكْرَانَ مِنَ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none, karashize ingani mwabirane abagabo ku bagabo muri Bene Adamu!

See all translations of this verse →

وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمْ رَبُّكُم مِّنْ أَزْوَٰجِكُم بَلْ أَنتُمْ قَوْمٌ عَادُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuheze mwirengagize kwabira abo mwaremewe n’Imana yanyu Rurema Allah mu bagore, ari na bo mwagenewe kugira muryoherwe muheze murondoke! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu kuvogera imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ لَئِن لَّمْ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلْمُخْرَجِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu Luutwi yarungitsweko bahavuye bamutera ubwoba bati: “Luutwi! Utaretse kutubuza kwabirana abagabo ku bandi, ni ukuri nta kibuza, tuzokwomora utuvire mu gihugu!”.

See all translations of this verse →

قَالَ إِنِّى لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلْقَالِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiLuutwi asubizayo ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi mu biyamiriza bivuye inyuma bakanashavuzwa cane n’ivyo mukora”.

See all translations of this verse →

رَبِّ نَجِّنِى وَأَهْلِى مِمَّا يَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiLuutwi amaze kwihebura ko batarota bamwumvira, yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nkingira jewe hamwe n’umuryango wanje inkurikizi z’ivyaha vy’agahomerabunwa bakora”.

See all translations of this verse →

فَنَجَّيْنَٰهُ وَأَهْلَهُۥٓ أَجْمَعِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twebwe Allah, Twarokora Luutwi hamwe n’umuryango wiwe n’abitabiriye irarikiramana ryiwe;

See all translations of this verse →

إِلَّا عَجُوزًا فِى ٱلْغَٰبِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKiretse umukecuru umwe muri bo atemeye, ari na we yari umugore wiwe, yari mu bategerezwa guhanwa;

See all translations of this verse →

ثُمَّ دَمَّرْنَا ٱلْـَٔاخَرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twarandurana n’imizi abahakanye bakagarariza;

See all translations of this verse →

وَأَمْطَرْنَا عَلَيْهِم مَّطَرًا فَسَآءَ مَطَرُ ٱلْمُنذَرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze Tubakurikiza n’icucagirwa ry’amabuye amanuka avuye mu kirere nk’imvura y’urutavanako; ryari icucagirwa ry’amabuye ribi cane ku bihanijwe n’Intumwa bakanka kuzumvira!

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri mw’ihonywa ry’abantu ba Luutwi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bemera.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

كَذَّبَ أَصْحَٰبُ لْـَٔيْكَةِ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[8].

See all translations of this verse →

إِذْ قَالَ لَهُمْ شُعَيْبٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!

See all translations of this verse →

إِنِّى لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEnda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

See all translations of this verse →

وَمَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِنْ أَجْرِىَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

See all translations of this verse →

أَوْفُوا۟ ٱلْكَيْلَ وَلَا تَكُونُوا۟ مِنَ ٱلْمُخْسِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiShu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha;

See all translations of this verse →

وَزِنُوا۟ بِٱلْقِسْطَاسِ ٱلْمُسْتَقِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro;

See all translations of this verse →

وَلَا تَبْخَسُوا۟ ٱلنَّاسَ أَشْيَآءَهُمْ وَلَا تَعْثَوْا۟ فِى ٱلْأَرْضِ مُفْسِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose[9] kw’isi;

See all translations of this verse →

وَٱتَّقُوا۟ ٱلَّذِى خَلَقَكُمْ وَٱلْجِبِلَّةَ ٱلْأَوَّلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuheze kandi mwikingire ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Iyabaremye mwebwe hamwe n’abakurambere banyu”.

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلْمُسَحَّرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Shu’ayibu bamwishuye bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!

See all translations of this verse →

وَمَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثْلُنَا وَإِن نَّظُنُّكَ لَمِنَ ٱلْكَٰذِبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiWewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;

See all translations of this verse →

فَأَسْقِطْ عَلَيْنَا كِسَفًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiSaba rero Imana yawe Allah Itumanurireko ibihano bivuye mw’ijuru biduhonye, niwaba koko uri mu mvugakuri ko ari Yo Yakuturungitseko!”.

See all translations of this verse →

قَالَ رَبِّىٓ أَعْلَمُ بِمَا تَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiShu’ayibu araheza abishura avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza ivyo mukora vyotuma Ibahana”.

See all translations of this verse →

فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمْ عَذَابُ يَوْمِ ٱلظُّلَّةِ إِنَّهُۥ كَانَ عَذَابَ يَوْمٍ عَظِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye.

See all translations of this verse →

إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَةً وَمَا كَانَ أَكْثَرُهُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere.

See all translations of this verse →

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, iyi Qor’ani icira abantu ku mayange kahise k’ivyashikiye Intumwa n’abo zarungitsweko, Yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;

See all translations of this verse →

نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلْأَمِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Iyo Qor’ani yamanukanwe na Mutimamweranda akaba n’umwizigirwa Jibrili;

See all translations of this verse →

عَلَىٰ قَلْبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلْمُنذِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAraheza arayigusomera urayizigama mu mutima, uranatahura n’ingingo zirimwo, kugira ube Intumwa mu zindi Ntumwa zigabisha abo zarungitsweko ku bihano vy’Imana Allah, uheze ugabishe rero abantu bose co kimwe n’amajini.

See all translations of this verse →

بِلِسَانٍ عَرَبِىٍّ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkaba yayimanukanye iri mu rurimi rw’icarabu rutomoye, harimwo ingingo zose nkenerwa mu gutunganya ivy’ubuzima bwo kw’isi n’ivy’ubw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

وَإِنَّهُۥ لَفِى زُبُرِ ٱلْأَوَّلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri ivugwa ry’iyi Qor’ani, ni ukuri riri mu Bitabu vy’Intumwa zo hambere yawe.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَكُن لَّهُمْ ءَايَةً أَن يَعْلَمَهُۥ عُلَمَٰٓؤُا۟ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega abaguhakana, ntivyari bikwiye kubabera icemezo cotuma bemera ko uri Intumwa, kuba abamenyi muri Bene Israyeli bazi neza na neza ko uri Intumwa vy’ukuri, n’uko Qor’ani ari ukuri kudahinyuzwa![10].

See all translations of this verse →

وَلَوْ نَزَّلْنَٰهُ عَلَىٰ بَعْضِ ٱلْأَعْجَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN'iyo Twebwe Allah Tumanurira Qor’ani bamwe mu batavuga ururimi rw’icarabu;

See all translations of this verse →

فَقَرَأَهُۥ عَلَيْهِم مَّا كَانُوا۟ بِهِۦ مُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze bakayisomera abagarariji mu Bakorayishi mu carabu gitomoye, ntibari kuyemera namba, bari no kurondera icitwazo c’ukwo kutemera.

See all translations of this verse →

كَذَٰلِكَ سَلَكْنَٰهُ فِى قُلُوبِ ٱلْمُجْرِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Twateye amakenga yo kutemera Qor’ani mu mitima y’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu;

See all translations of this verse →

لَا يُؤْمِنُونَ بِهِۦ حَتَّىٰ يَرَوُا۟ ٱلْعَذَابَ ٱلْأَلِيمَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtibarota bemera rero, gushika biboneyeko ibihano bibabaza basezeraniwe;

See all translations of this verse →

فَيَأْتِيَهُم بَغْتَةً وَهُمْ لَا يَشْعُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze nya bihano bibashikire giturumbuka ata vyo bari biteze;

See all translations of this verse →

فَيَقُولُوا۟ هَلْ نَحْنُ مُنظَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaheze bicuze bavuga bati: “Ubwo ntitworindirizwa na gato kugira twigaye ku Mana Allah, duheze tuyemere!”;

See all translations of this verse →

أَفَبِعَذَابِنَا يَسْتَعْجِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBahenzwe n’uko Twebwe Allah Dutenyenya kubahana, baraheza bihutira gusaba ko Twobahana!

See all translations of this verse →

أَفَرَءَيْتَ إِن مَّتَّعْنَٰهُمْ سِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega wari uzi ko n’aho abagarariji Twobaha kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi imyaka n’iyindi;

See all translations of this verse →

ثُمَّ جَآءَهُم مَّا كَانُوا۟ يُوعَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma bagashikirwa n’ibihano basezeraniwe;

See all translations of this verse →

مَآ أَغْنَىٰ عَنْهُم مَّا كَانُوا۟ يُمَتَّعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUkuryoherwa muri nya buzima imyaka n’iyindi, ata co kwobamarira mu gihe batarigaya ku Mana Allah icaha c’ibangikanyamana!

See all translations of this verse →

وَمَآ أَهْلَكْنَا مِن قَرْيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta ho vyakabaye rero ko Twebwe Allah, Duhana Tugahonya agacimbiri na kamwe k’abantu b’aho hambere, kiretse ko Twabanza kukarungikira Intumwa zikagabisha ku bihano vyacu;

See all translations of this verse →

ذِكْرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya Ntumwa rero zigaheza zikibutsa nya gacimbiri kwubahiriza amabwirizwa yacu. Ntitwari kurenganya rero umugwi uwo ari wo wose w’abantu ngo Tuwuhane imbere yuko Tuwurungikira Intumwa.

See all translations of this verse →

وَمَا تَنَزَّلَتْ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta mashetani yigeze amanurira Qor’ani Intumwa Muhamadi nk’uko abagarariji bibwira;

See all translations of this verse →

وَمَا يَنۢبَغِى لَهُمْ وَمَا يَسْتَطِيعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco kizire rero ku mashetani, eka nta n’ico yoshobora;

See all translations of this verse →

إِنَّهُمْ عَنِ ٱلسَّمْعِ لَمَعْزُولُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ayo mashetani ntashoboye no gusuma urusaku kw’ihishurirwa rya Qor’ani mu gihe imanuwe.

See all translations of this verse →

فَلَا تَدْعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلْمُعَذَّبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtukabangikanye rero Imana Allah mu kuyisenga hamwe n’iyindi mana, wohava uba mu bahanirwa ibangikanyamana.

See all translations of this verse →

وَأَنذِرْ عَشِيرَتَكَ ٱلْأَقْرَبِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Gabisha rero ku bihano vy’Imana Allah abari hafi yawe, na canecane mu muryango wawe;

See all translations of this verse →

وَٱخْفِضْ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUheze worohere mu mvugo n’ingiro abemeramana bagukurikiye, mu kwicisha bugufi no kubumvira impuhwe.

See all translations of this verse →

فَإِنْ عَصَوْكَ فَقُلْ إِنِّى بَرِىٓءٌ مِّمَّا تَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibaca kubiri n’ingingo yawe, uraheza ubabwire uti: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo mukora mw’ibangikanyamana”.

See all translations of this verse →

وَتَوَكَّلْ عَلَى ٱلْعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze wishimikize unizere Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Ikubona mu gihe ugira usenge wenyene mu gicugu;

See all translations of this verse →

وَتَقَلُّبَكَ فِى ٱلسَّٰجِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIkabona n’ukungene ugira uri kumwe n’abayubamira mw’isengesho, haba mu gihe uhagaze, wunamye, wubamye canke wicaye;

See all translations of this verse →

إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلْعَلِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Iyo Mana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva igisomwa, ininahaza n’itaziramana vyawe; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo ukora n’ivyo uzirikana.

See all translations of this verse →

هَلْ أُنَبِّئُكُمْ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Mbega ndababwire uwururukirwa na shetani uwo ari we?

See all translations of this verse →

تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya shetani, yururukira uwo wese yimonogoza mu kubesha, yuzuye ivyaha muri ba senyagara n’abapfumu;

See all translations of this verse →

يُلْقُونَ ٱلسَّمْعَ وَأَكْثَرُهُمْ كَٰذِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAmashetani araheza agasuma urusaku mu kwumviriza inkuru y’ibivugwa mu biremwa vyo mw'ijuru; maze agahereza nya nkuru ba senyagara n’abapfumu, kandi abenshi muri bo barabesha.

See all translations of this verse →

وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلْغَاوُۥنَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya n’abivuzi b’amazina bashingira ku kinyoma n’ububeshi, maze abahuvye inzira na bo bakabakurikira;

See all translations of this verse →

أَلَمْ تَرَ أَنَّهُمْ فِى كُلِّ وَادٍ يَهِيمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntiwabonye ko abivuzi b’amazina, bapfa ivyo bavuze batagira intumbero[11]; nk’intungwa yaciye ikiziriko itagira iyo iva n’iyo ija;

See all translations of this verse →

وَأَنَّهُمْ يَقُولُونَ مَا لَا يَفْعَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’uko bavuga ivyo batigera bakora, bakivuga abanyabinyoma, bagatyoza imvugakuri!

See all translations of this verse →

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَذَكَرُوا۟ ٱللَّهَ كَثِيرًا وَٱنتَصَرُوا۟ مِنۢ بَعْدِ مَا ظُلِمُوا۟ وَسَيَعْلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓا۟ أَىَّ مُنقَلَبٍ يَنقَلِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHavuyemwo gusa abivuzi b’amazina bemeye bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakananinahaza batazira cane Imana Allah, bagaheza rero bakivuga amazina mu guharanira ubwislamu[12] no kurwanira Intumwa y'Imana mu kwishura abivuzi b’amazina b’abagarariji. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana[13], bazoteba bamenye ingaruka mbi cane zibarindiriye.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70