caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Furqaan الفرقان

77 verses · Mecca · revelation order 42

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ تَبَارَكَ ٱلَّذِى نَزَّلَ ٱلْفُرْقَانَ عَلَىٰ عَبْدِهِۦ لِيَكُونَ لِلْعَٰلَمِينَ نَذِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHarakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo.

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى لَهُۥ مُلْكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَلَمْ يَتَّخِذْ وَلَدًا وَلَمْ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٌ فِى ٱلْمُلْكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَىْءٍ فَقَدَّرَهُۥ تَقْدِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge.

See all translations of this verse →

وَٱتَّخَذُوا۟ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً لَّا يَخْلُقُونَ شَيْـًٔا وَهُمْ يُخْلَقُونَ وَلَا يَمْلِكُونَ لِأَنفُسِهِمْ ضَرًّا وَلَا نَفْعًا وَلَا يَمْلِكُونَ مَوْتًا وَلَا حَيَوٰةً وَلَا نُشُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, bidashoboye kurema n’ikintu na kimwe, kanatsinda bo hamwe n’ivyo basenga vyaremwe n’Imana Allah, nta n’ico vyiyicira eka nta n’ico vyimariye, nkeswe kugira ico bibamariye; eka ntibinashoboye no kwaka ubuzima canke kubutanga, eka ntibinashoboye no kuzura n’uwapfuye.

See all translations of this verse →

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ إِنْ هَٰذَآ إِلَّآ إِفْكٌ ٱفْتَرَىٰهُ وَأَعَانَهُۥ عَلَيْهِ قَوْمٌ ءَاخَرُونَ فَقَدْ جَآءُو ظُلْمًا وَزُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije Imana Allah, bavuze ko iyi Qor’ani atari ikindi, kiretse ko ari irementanya ryagizwe na Muhamadi arifashijwemwo n’abandi bantu. Ni ukuri, bazanye ijambo ry’akadenderezo n’ikinyoma cambaye ubusa, kuko Qor’ani nta kiremwa gishobora kuyirementanya;

See all translations of this verse →

وَقَالُوٓا۟ أَسَٰطِيرُ ٱلْأَوَّلِينَ ٱكْتَتَبَهَا فَهِىَ تُمْلَىٰ عَلَيْهِ بُكْرَةً وَأَصِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaranavuze kandi ko Qor’ani ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere, Muhamadi yababuyeko, maze bakagenda barabimucira igitondo n’umugoroba!

See all translations of this verse →

قُلْ أَنزَلَهُ ٱلَّذِى يَعْلَمُ ٱلسِّرَّ فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ إِنَّهُۥ كَانَ غَفُورًا رَّحِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Qor’ani Yamanuwe n’Imana Allah, Yo ubumenyi bwayo buhetuye ibiri mu majuru no mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.

See all translations of this verse →

وَقَالُوا۟ مَالِ هَٰذَا ٱلرَّسُولِ يَأْكُلُ ٱلطَّعَامَ وَيَمْشِى فِى ٱلْأَسْوَاقِ لَوْلَآ أُنزِلَ إِلَيْهِ مَلَكٌ فَيَكُونَ مَعَهُۥ نَذِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bavuze bati: “Uyu Muhamadi yiyita ko ari Intumwa, yokabaye yo agafungura co kimwe na twe, akaja no gusumira kw’isoko nkatwe! Nimba ari Intumwa, Imana Allah ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika yemeza ukuri kwiwe akamwitsa!

See all translations of this verse →

أَوْ يُلْقَىٰٓ إِلَيْهِ كَنزٌ أَوْ تَكُونُ لَهُۥ جَنَّةٌ يَأْكُلُ مِنْهَا وَقَالَ ٱلظَّٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلًا مَّسْحُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke Ikamumanurira amatungo menshi yotuma tumwemera, canke Ikamuha umurima uteye igomwe, agafungura ivyamwa vyawo ha kuja gusumira kw’isoko!”. Abirenganije mu kugarariza, baranavuze kandi babwira abameramana bati: “Ntimukurikira kiretse umuntu yarozwe bigatuma akehanirwa mu bwenge!”.

See all translations of this verse →

ٱنظُرْ كَيْفَ ضَرَبُوا۟ لَكَ ٱلْأَمْثَٰلَ فَضَلُّوا۟ فَلَا يَسْتَطِيعُونَ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu abagarariji bagutangako uburorero bw’irementanya kugira baguhakane, gutyo bagahuba inzira y’ukuri, eka ntibashoboye no kuronka inzira yo kwigobotora muri nya rementanya!

See all translations of this verse →

تَبَارَكَ ٱلَّذِىٓ إِن شَآءَ جَعَلَ لَكَ خَيْرًا مِّن ذَٰلِكَ جَنَّٰتٍ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ وَيَجْعَل لَّكَ قُصُورًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo mu gihe Ishatse Yoguha ivyiza vyinshi gusumba ivyo bakwipfuriza, maze Ikaguha imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, Ikanaguha n’inyubakwa ziteye igomwe zigerekeranye.

See all translations of this verse →

بَلْ كَذَّبُوا۟ بِٱلسَّاعَةِ وَأَعْتَدْنَا لِمَن كَذَّبَ بِٱلسَّاعَةِ سَعِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana, ntibaguhakana rero kuko ufungura ukaja no gusumira kw’isoko, ahubwo bahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa. Burya, Twaranategekanirije abahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe;

See all translations of this verse →

إِذَا رَأَتْهُم مِّن مَّكَانٍۭ بَعِيدٍ سَمِعُوا۟ لَهَا تَغَيُّظًا وَزَفِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuriro niwabona abahakanye umusi w’izuka bakiri kure yawo, uzotangura gucira amasase kubera ishavu ubafitiye, maze bawumve usuma.

See all translations of this verse →

وَإِذَآ أُلْقُوا۟ مِنْهَا مَكَانًا ضَيِّقًا مُّقَرَّنِينَ دَعَوْا۟ هُنَالِكَ ثُبُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibatabwa ahantu haga cane muri nya muriro babohewe amaboko mw’izosi n’iminyororo, bazoca bisabira uguhona ngo bawuruhuke;

See all translations of this verse →

لَّا تَدْعُوا۟ ٱلْيَوْمَ ثُبُورًا وَٰحِدًا وَٱدْعُوا۟ ثُبُورًا كَثِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoheza bahebuzwe mu kubwirwa bati: “Kuri uno musi, ntimwisabire rimwe gusa guhona, ahubwo nimwisabire kenshi guhona kuko nta buruhukiro namba mufise”.

See all translations of this verse →

قُلْ أَذَٰلِكَ خَيْرٌ أَمْ جَنَّةُ ٱلْخُلْدِ ٱلَّتِى وُعِدَ ٱلْمُتَّقُونَ كَانَتْ لَهُمْ جَزَآءً وَمَصِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mbega none umuriro mubwirwa ko muzohanishwa ni wo mwiza, canke ni Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema zidahera, bwasezeraniwe abagamburukiramana! Ubwo Bwami bw’ijuru rero, ni yo mpera y’ivyo bakoze, ni na yo maherezo yabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

لَّهُمْ فِيهَا مَا يَشَآءُونَ خَٰلِدِينَ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ وَعْدًا مَّسْـُٔولًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri nya Bwami, bazoronswa ivyo bipfuza vyose ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo sezerano Imana yawe Rurema Allah Yiyemeje ku bagamburukiramana.

See all translations of this verse →

وَيَوْمَ يَحْشُرُهُمْ وَمَا يَعْبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَقُولُ ءَأَنتُمْ أَضْلَلْتُمْ عِبَادِى هَٰٓؤُلَآءِ أَمْ هُمْ ضَلُّوا۟ ٱلسَّبِيلَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu musi w’izuka, Imana Allah Izokwegeraniriza ababangikanyamana hamwe n’ibigirwamana basenga mu gishingo cayo, Iheze Ibaze ibigirwamana Iti: “Mbega ni mwebwe mwahubishije aba baja banje inzira y’ukuri mu kubabwiriza kubasenga, canke ni bo ubwabo bahisemwo guhuba maze barabasenga?”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ سُبْحَٰنَكَ مَا كَانَ يَنۢبَغِى لَنَآ أَن نَّتَّخِذَ مِن دُونِكَ مِنْ أَوْلِيَآءَ وَلَٰكِن مَّتَّعْتَهُمْ وَءَابَآءَهُمْ حَتَّىٰ نَسُوا۟ ٱلذِّكْرَ وَكَانُوا۟ قَوْمًۢا بُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbigirwamana bizokwishura biti: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana! Ntibikabe, ntitwari dukwiye namba kwigirira n’umwe mu bahagarikizi mu gishingo cawe, ariko Warorohereje ababangikanyamana hamwe n’abavyeyi babo, mu kubaronsa amatungo no kuroranirwa kw’isi gushika n’aho bakwibagira, baraheza barakubangikanya, bari n’abantu bakwiye guhona kubera ubugaba bwabo”.

See all translations of this verse →

فَقَدْ كَذَّبُوكُم بِمَا تَقُولُونَ فَمَا تَسْتَطِيعُونَ صَرْفًا وَلَا نَصْرًا وَمَن يَظْلِم مِّنكُمْ نُذِقْهُ عَذَابًا كَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bazoheza babwirwe bati: “Ni ukuri, ibigirwamana mwasenga vyamaze kubiyamiriza mu kubihakana ko bitigeze bigira uruhara mw’ibangikanyamana ryanyu, ehe ntimushoboye no kwikingira ibihano, eka ntimunashoboye no kuvyikurako. Uwo wese rero yirenganije muri mwebwe mw'ibangikanyamana, maze agapfa akiyibangikanya, nta nkeka ko Twebwe Allah Tumuhonja ibihano rutura”.

See all translations of this verse →

وَمَآ أَرْسَلْنَا قَبْلَكَ مِنَ ٱلْمُرْسَلِينَ إِلَّآ إِنَّهُمْ لَيَأْكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَيَمْشُونَ فِى ٱلْأَسْوَاقِ وَجَعَلْنَا بَعْضَكُمْ لِبَعْضٍ فِتْنَةً أَتَصْبِرُونَ وَكَانَ رَبُّكَ بَصِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe n’umwe mu Ntumwa, kiretse ko zakomoka mu bantu, zafungura ivyokurya zikaja no gusumira kw’isoko. Twanagize abantu kuba igeragezwa ku bandi mu guhitamwo ubugororotsi canke ubuhuvyi, mu kuba abatunzi canke abakene, mu kuroranirwa mu magara canke gukikwa n’amagara, mbega none mwokwihangana mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah mukazohembwa indishi nziza! Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Irabona neza muri mwebwe uwihangana n’uwucika intege, uwushima inema zayo n’uwugarariza akizihakana.

See all translations of this verse →

وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرْجُونَ لِقَآءَنَا لَوْلَآ أُنزِلَ عَلَيْنَا ٱلْمَلَٰٓئِكَةُ أَوْ نَرَىٰ رَبَّنَا لَقَدِ ٱسْتَكْبَرُوا۟ فِىٓ أَنفُسِهِمْ وَعَتَوْ عُتُوًّا كَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatizeye ko inyuma yo gupfa bazohura na Twe Allah, baratangaye bavuga bati: “Burya Imana Allah, ntiyari gupfuma Itumanurira abamalayika bemeza ukuri kwa Muhamadi bakamwitsa, canke tukabona Imana yacu Rurema ukuri kwamye, Igaheza Ikatwibwirira ko Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Ni ukuri, barimonogoje mu kugira amanyama aho bubahutse kuvuga iryo jambo, baranarendegeye bararenza mu bugarariji.

See all translations of this verse →

يَوْمَ يَرَوْنَ ٱلْمَلَٰٓئِكَةَ لَا بُشْرَىٰ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُجْرِمِينَ وَيَقُولُونَ حِجْرًا مَّحْجُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmusi bazoba bari ku mpfiro bakabona abamalayika, no mu gihe bazoba bari mu mva, vyongeye no ku musi w’izuka, maze bakababona baremye uko batabaziga, uyo musi ntibazobaha inkuru ihumuriza namba, bazobaha inkuru y’incamugongo bati: “Ubwami bw’ijuru mubwibagire, ni ikizira kuri mwebwe!”.

See all translations of this verse →

وَقَدِمْنَآ إِلَىٰ مَا عَمِلُوا۟ مِنْ عَمَلٍ فَجَعَلْنَٰهُ هَبَآءً مَّنثُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTuzoheza rero Twebwe Allah, Dufate ivyo bakoze bibaza ko ari vyiza, Tubigire impfagusa bitumuke nk’inkungugu kuko bitigeze vyemerwa[1].

See all translations of this verse →

أَصْحَٰبُ ٱلْجَنَّةِ يَوْمَئِذٍ خَيْرٌ مُّسْتَقَرًّا وَأَحْسَنُ مَقِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uwo musi w’izuka, abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoronka ubushikiro bwiza buruta ubw’abantu bo mu muriro, bazoronka n’icumbi riteye igomwe.

See all translations of this verse →

وَيَوْمَ تَشَقَّقُ ٱلسَّمَآءُ بِٱلْغَمَٰمِ وَنُزِّلَ ٱلْمَلَٰٓئِكَةُ تَنزِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka n’umusi ijuru ryasadaguritse hakibonekeza mu migaga yaryo ibicu vyererana, abamalayika na bo bakamanuka ku bwinshi, kugira bakikuze ibiremwa kw’iyegeranirizo, maze Imana Allah Igaseruka mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kugira Ibitunganirize.

See all translations of this verse →

ٱلْمُلْكُ يَوْمَئِذٍ ٱلْحَقُّ لِلرَّحْمَٰنِ وَكَانَ يَوْمًا عَلَى ٱلْكَٰفِرِينَ عَسِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiInganji y’ubwami bw’ukuri kuri uyo musi, ni iya Nyenimpuhwe Allah; kandi nya musi, uzoba ugoye cane ku bagarariji bitewe n’ibihano bibarindiriye.

See all translations of this verse →

وَيَوْمَ يَعَضُّ ٱلظَّالِمُ عَلَىٰ يَدَيْهِ يَقُولُ يَٰلَيْتَنِى ٱتَّخَذْتُ مَعَ ٱلرَّسُولِ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi umuntu yirenganije mw'igarariza, azokubita urutoke yihebuye akavuga ati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo nkurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu gukurikira inzira y’ubwislamu iganisha mu Bwami bw’ijuru!

See all translations of this verse →

يَٰوَيْلَتَىٰ لَيْتَنِى لَمْ أَتَّخِذْ فُلَانًا خَلِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKaradereye yemwe! Iyo menya sinari gucudika na kanaka ngo ndamugire umugenzi pfampfe!

See all translations of this verse →

لَّقَدْ أَضَلَّنِى عَنِ ٱلذِّكْرِ بَعْدَ إِذْ جَآءَنِى وَكَانَ ٱلشَّيْطَٰنُ لِلْإِنسَٰنِ خَذُولًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, yarampubishije mu kudakurikira Qor’ani kandi yaranshikiriye”. Burya rero shetani, yamye ari umuhemu kuri kiremwa-muntu[2].

See all translations of this verse →

وَقَالَ ٱلرَّسُولُ يَٰرَبِّ إِنَّ قَوْمِى ٱتَّخَذُوا۟ هَٰذَا ٱلْقُرْءَانَ مَهْجُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaganyiye Imana Allah ku mabi yakozwe n’abantu bayo iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barahunze iyi Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha[3]”.

See all translations of this verse →

وَكَذَٰلِكَ جَعَلْنَا لِكُلِّ نَبِىٍّ عَدُوًّا مِّنَ ٱلْمُجْرِمِينَ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ هَادِيًا وَنَصِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakugeneye abansi bakurwanya mu bantu bawe - Twageneye Umuvugishwamana wese abansi mu bigaba vy’abantu biwe; bihanganire rero nk’uko na bo nyene babihanganiye. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kukubera Indongozi n’Umutabazi[4].

See all translations of this verse →

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَوْلَا نُزِّلَ عَلَيْهِ ٱلْقُرْءَانُ جُمْلَةً وَٰحِدَةً كَذَٰلِكَ لِنُثَبِّتَ بِهِۦ فُؤَادَكَ وَرَتَّلْنَٰهُ تَرْتِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije bavuze bati: “Imana Allah, ntiyari gupfuma Imanurira rimwe Qor’ani kuri Muhamadi nka kurya Yamanuriye rimwe Tawurati, Injili na Zaburi!”. Ntumwa y’Imana! Ni ukwo nyene rero Twakumanuriye Qor’ani bukebuke mu bihe bitandukanye, kugira Dutsimbataze umushaha wawe mu kuyizigama; Twaranayigutomoreye ido n’ido mu bwitonzi, ingingo ku yindi.

See all translations of this verse →

وَلَا يَأْتُونَكَ بِمَثَلٍ إِلَّا جِئْنَٰكَ بِٱلْحَقِّ وَأَحْسَنَ تَفْسِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ababangikanyamana, ntibazokwigera bakuzanira iciyumviro gitera abantu amazinda mu kwemera ukuri wazanye, kiretse ko Twebwe Allah Tuzoguha inyishu y’ukuri kandi itomoye bikwiye mu kubeshuza nya ciyumviro.

See all translations of this verse →

ٱلَّذِينَ يُحْشَرُونَ عَلَىٰ وُجُوهِهِمْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ أُو۟لَٰٓئِكَ شَرٌّ مَّكَانًا وَأَضَلُّ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bazokwegerwa mu muriro wa Jahannamu bubitse inda, ni na bo rero bagenewe ikibanza kibi cane mu muriro, baranahuvye koko inzira y’ukuri.

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ ءَاتَيْنَا مُوسَى ٱلْكِتَٰبَ وَجَعَلْنَا مَعَهُۥٓ أَخَاهُ هَٰرُونَ وَزِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati, Turaheza Tumugirira na murumunawe Haruna kuba umufasha wiwe;

See all translations of this verse →

فَقُلْنَا ٱذْهَبَآ إِلَى ٱلْقَوْمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُوا۟ بِـَٔايَٰتِنَا فَدَمَّرْنَٰهُمْ تَدْمِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho Twababwira bompi Duti: “Nimugende rero kwa Firawuni hamwe n’abantu biwe, bahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ubumana vyacu”. Bamaze kugenda kubararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah no kuyisenga batayibangikanya, baragararije maze Duca Turabahonya nya guhonya.

See all translations of this verse →

وَقَوْمَ نُوحٍ لَّمَّا كَذَّبُوا۟ ٱلرُّسُلَ أَغْرَقْنَٰهُمْ وَجَعَلْنَٰهُمْ لِلنَّاسِ ءَايَةً وَأَعْتَدْنَا لِلظَّٰلِمِينَ عَذَابًا أَلِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’abantu barungikiwe Nuhu, igihe bahakana bivuye inyuma Nuhu bagafatwa nk’uko bahakanye Intumwa zose, Twabahonesheje isegenya. Ihanwa ryabo rero, Twarigize inkebuzo ku bantu; no ku musi w’izuka, Twabategekanirije ibihano bibabaza.

See all translations of this verse →

وَعَادًا وَثَمُودَا۟ وَأَصْحَٰبَ ٱلرَّسِّ وَقُرُونًۢا بَيْنَ ذَٰلِكَ كَثِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe na Beniriba, hamwe rero n’iyindi migwi myinshi y’abantu yagiye irabaho hagati y’iyo migwi, ikagarariza Intumwa yarungikiwe;

See all translations of this verse →

وَكُلًّا ضَرَبْنَا لَهُ ٱلْأَمْثَٰلَ وَكُلًّا تَبَّرْنَا تَتْبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo migwi yose rero y’abantu, Twarayitomoreye ivyemezo vyacu kugira ntigire icitwazo co kutamenya. Hamwe n’ivyo, nya migwi yaragararije Duca Turayihonya nya guhonya.

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ أَتَوْا۟ عَلَى ٱلْقَرْيَةِ ٱلَّتِىٓ أُمْطِرَتْ مَطَرَ ٱلسَّوْءِ أَفَلَمْ يَكُونُوا۟ يَرَوْنَهَا بَلْ كَانُوا۟ لَا يَرْجُونَ نُشُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze.

See all translations of this verse →

وَإِذَا رَأَوْكَ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِى بَعَثَ ٱللَّهُ رَسُولًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iyo abahakanyi bakubonye, baraguteburako n’agasuzuguro n’akantu bakavuga bati: “Mbega uyu ni we avuga ko yarungitswe n’Imana Allah kutubera Intumwa!

See all translations of this verse →

إِن كَادَ لَيُضِلُّنَا عَنْ ءَالِهَتِنَا لَوْلَآ أَن صَبَرْنَا عَلَيْهَا وَسَوْفَ يَعْلَمُونَ حِينَ يَرَوْنَ ٱلْعَذَابَ مَنْ أَضَلُّ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, yahatswe kuduhubisha ku nyigisho ziwe zitubuza gusenga imana zacu iyo tutazitsimbatarako”. Abahakanyi rero, bazoteba bamenye igihe babonye ibihano bategekanirijwe uwahuvye inzira y’idini ry’ukuri uwo ari we, ko ari bo canke ko ari Muhamadi!

See all translations of this verse →

أَرَءَيْتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ أَفَأَنتَ تَكُونُ عَلَيْهِ وَكِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje gusumba! Ni uwagize ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe yumvira; none umuntu nk’uyo, wewe womubera umuhagarikizi yotuma yemera Imana Allah!

See all translations of this verse →

أَمْ تَحْسَبُ أَنَّ أَكْثَرَهُمْ يَسْمَعُونَ أَوْ يَعْقِلُونَ إِنْ هُمْ إِلَّا كَٱلْأَنْعَٰمِ بَلْ هُمْ أَضَلُّ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke wibaza ko abenshi muri bo bumviriza Aayah za Qor’ani bakazizirikana, canke bakazitahura! Bo rero, ni nk’ibitungwa mu kutagira na kimwe ukwumviriza Qor’ani kubunguye, ahubwo mbere bo barahuvye cane inzira gusumba ihuba ry’ibitungwa.

See all translations of this verse →

أَلَمْ تَرَ إِلَىٰ رَبِّكَ كَيْفَ مَدَّ ٱلظِّلَّ وَلَوْ شَآءَ لَجَعَلَهُۥ سَاكِنًا ثُمَّ جَعَلْنَا ٱلشَّمْسَ عَلَيْهِ دَلِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuntu! Mbega ntubona ukuntu Imana yawe Rurema Allah, Ituma igitutu kigenda kiriyongera kuva mu mutwenzi gushika izuba riserutse! Iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma nya gitutu kitiyongera ntikive aho kiri mu gukurikira izuba. Hanyuma rero Twebwe Allah, Twagize izuba kuba ikimenyetso cerekana ukwiyongera bukebuke kwa nya gitutu;

See all translations of this verse →

ثُمَّ قَبَضْنَٰهُ إِلَيْنَا قَبْضًا يَسِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma Tukagenda Tugabanya nya gitutu bukebuke gushika giherengetere.

See all translations of this verse →

وَهُوَ ٱلَّذِى جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيْلَ لِبَاسًا وَٱلنَّوْمَ سُبَاتًا وَجَعَلَ ٱلنَّهَارَ نُشُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba nk’impuzu ibapfuka umubiri iyo buhwibiye; Ibagirira n’itiro kuba uburuhuko bw’umubiri n’umutima; Ibagirira n’umurango kuba umwanya wo gukwiragira hirya n’ino kw’isi murondera ikibabeshaho.

See all translations of this verse →

وَهُوَ ٱلَّذِىٓ أَرْسَلَ ٱلرِّيَٰحَ بُشْرًۢا بَيْنَ يَدَىْ رَحْمَتِهِۦ وَأَنزَلْنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً طَهُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu, ugatanga umwizero w’imvura ko igira igwe ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, amazi mushobora no gukoresha mu kwisukura;

See all translations of this verse →

لِّنُحْـِۧىَ بِهِۦ بَلْدَةً مَّيْتًا وَنُسْقِيَهُۥ مِمَّا خَلَقْنَآ أَنْعَٰمًا وَأَنَاسِىَّ كَثِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira Tunagishe kandi hakoreshejwe nya mazi y’imvura ibimera aho bitari; gutyo Dutotahaza isi yari yaramaze kugaduka, Duheze kandi Tunyweshe kuri nya mazi n’ibindi biremwa vyinshi Twaremye mu bitungwa no mu bantu.

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ صَرَّفْنَٰهُ بَيْنَهُمْ لِيَذَّكَّرُوا۟ فَأَبَىٰٓ أَكْثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Twaratumye imvura igwa mu karere kamwe igatara mu kandi, kugira ababa mu karere yaguyemwo bibuke gushimira Imana Allah, maze n’ababa mu karere nya mvura yataze baheze bikebuke bagaruke bigaye ku Mana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bantu baranka guhitamwo kiretse ukugarariza inema z’Imana Allah.

See all translations of this verse →

وَلَوْ شِئْنَا لَبَعَثْنَا فِى كُلِّ قَرْيَةٍ نَّذِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero Twebwe Allah Dushaka, Twari kurungika ku bantu bo muri buri gacimbiri Umugabisha abararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ariko rero Ntumwa y’Imana! Twakurungitse ku bantu bose kugira ubashikirize iyi Qor’ani.

See all translations of this verse →

فَلَا تُطِعِ ٱلْكَٰفِرِينَ وَجَٰهِدْهُم بِهِۦ جِهَادًا كَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntukumvire rero abagarariji mu kureka gushikiriza na kimwe mu vyo wategetswe; ahubwo nyabuna, uragira akigoro kadasanzwe mu gushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, uheze witange utiziganya mu kugondoza abagarariji ukoresheje Qor’ani.

See all translations of this verse →

وَهُوَ ٱلَّذِى مَرَجَ ٱلْبَحْرَيْنِ هَٰذَا عَذْبٌ فُرَاتٌ وَهَٰذَا مِلْحٌ أُجَاجٌ وَجَعَلَ بَيْنَهُمَا بَرْزَخًا وَحِجْرًا مَّحْجُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Yahuje amabahari abiri: iry’amazi y’akanovera atemba neza mu muhogo n’iry’amazi y’icunyunyu; Iraheza Ishira hagati ya nya mabahari, agakingo gatuma ubwoko bumwe bwose bw’amazi butavogera ubundi.

See all translations of this verse →

وَهُوَ ٱلَّذِى خَلَقَ مِنَ ٱلْمَآءِ بَشَرًا فَجَعَلَهُۥ نَسَبًا وَصِهْرًا وَكَانَ رَبُّكَ قَدِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Yaremye mu ruvange rw’intanga z’umugabo n’umugore uruvyaro rw’abahungu n’abakobwa, Iraheza Ibagirira n’ubucuti hagati yabo; ubushingiye ku maraso n’ubushingiye ku gushingirana. Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Mushoboravyose mu kurema ico Ishatse.

See all translations of this verse →

وَيَعْبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُهُمْ وَلَا يَضُرُّهُمْ وَكَانَ ٱلْكَافِرُ عَلَىٰ رَبِّهِۦ ظَهِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHamwe n’ivyo vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kurema no mu kubeshaho ibiremwa, ntibibuza ko abagarariji basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe babisenze, ata n’ico bibicira mu gihe batobisenga. Burya umugarariji, yamye ari umufasha wa shetani mu kubangikanya Imana yiwe Rurema Allah, no guca kubiri n’amabwirizwa yayo.

See all translations of this verse →

وَمَآ أَرْسَلْنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرًا وَنَذِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntitwanagutumye atari ukugira ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza, ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vy’Imana Allah.

See all translations of this verse →

قُلْ مَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ إِلَّا مَن شَآءَ أَن يَتَّخِذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje; ariko rero, uwushaka muri mwebwe gutumbera inzira y’ukuri imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah, ni ku neza yiwe, nta we mpatira ku kwemera”.

See all translations of this verse →

وَتَوَكَّلْ عَلَى ٱلْحَىِّ ٱلَّذِى لَا يَمُوتُ وَسَبِّحْ بِحَمْدِهِۦ وَكَفَىٰ بِهِۦ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Niwishimikize Nyenubugingobudashira Imana Allah Idapfa, kuko ukwamaho kwayo ntikugira intango canke iherezo, wongere uninahaze Imana yawe Rurema mu kuyishimagiza. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhetuziwavyose ku vyaha bikorwa n’ibiremwa vyayo, nta na kimwe muri vyo Iyobewe.

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ وَمَا بَيْنَهُمَا فِى سِتَّةِ أَيَّامٍ ثُمَّ ٱسْتَوَىٰ عَلَى ٱلْعَرْشِ ٱلرَّحْمَٰنُ فَسْـَٔلْ بِهِۦ خَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo. Ntumwa y’Imana! Ni Yo Nyenimpuhwe, urabaza rero Imana Allah Yo Yonyene ku biyiranga.

See all translations of this verse →

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱسْجُدُوا۟ لِلرَّحْمَٰنِ قَالُوا۟ وَمَا ٱلرَّحْمَٰنُ أَنَسْجُدُ لِمَا تَأْمُرُنَا وَزَادَهُمْ نُفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo abagarariji babwiwe bati: “Nimwubamire Nyenimpuhwe Allah maze mumusenge”, baca binamura bakavuga bati: “Iyo Mana Allah Nyenimpuhwe nta Yo tuzi namba, dupfe kuyubamira gusa kuko ubidutegetse!”; iryo rarikirwa ryo kwubamira Nyenimpuhwe Allah, ryabongerereje ubugaba bwo kutikebuka ngo bemere[5].

See all translations of this verse →

تَبَارَكَ ٱلَّذِى جَعَلَ فِى ٱلسَّمَآءِ بُرُوجًا وَجَعَلَ فِيهَا سِرَٰجًا وَقَمَرًا مُّنِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHarakubahwa Nyenimigisha-ntangere, Imana Allah Ibeshejeho ibiremwa, Yo Yaremye mu kirere c’ijuru, inyenyeri amahanga zifise inzira-ntasobwa, Ishira muri nya kirere izuba ryaka n’ukwezi kumurika.

See all translations of this verse →

وَهُوَ ٱلَّذِى جَعَلَ ٱلَّيْلَ وَٱلنَّهَارَ خِلْفَةً لِّمَنْ أَرَادَ أَن يَذَّكَّرَ أَوْ أَرَادَ شُكُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Yagize ijoro n’umurango kuba bikurakuranwa mu kubisanya, kugira bibere inkebuzo uwushaka kwikebuka akemera Imana Allah Yabiremye, canke uwushaka kuyishimira ku nema zayo.

See all translations of this verse →

وَعِبَادُ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلَّذِينَ يَمْشُونَ عَلَى ٱلْأَرْضِ هَوْنًا وَإِذَا خَاطَبَهُمُ ٱلْجَٰهِلُونَ قَالُوا۟ سَلَٰمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbaja beranda ba Nyenimpuhwe Allah, ni barya bagenda kw’isi mw’iteka n’itekane bicishije bugufi; n’iyo hagize abantu b’inshirasoni bababwira nabi, baraheza bakabishura mu bwitonzi ijambo ry’ihumure ritabata mu vyaha;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ يَبِيتُونَ لِرَبِّهِمْ سُجَّدًا وَقِيَٰمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbasenga kenshi amasengesho yo mu gicugu ku bw’Imana yabo Rurema Allah, bicishije bugufi mu gihe bubamye no mu gihe bahagaze;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا ٱصْرِفْ عَنَّا عَذَابَ جَهَنَّمَ إِنَّ عَذَابَهَا كَانَ غَرَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatakamba basaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Igiza kure yacu ibihano vy’umuriro wa Jahannamu, mu vy’ukuri nta wutezurirwa ari mu bihano vyawo;

See all translations of this verse →

إِنَّهَا سَآءَتْ مُسْتَقَرًّا وَمُقَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Jahannamu, ni bwo bushikiro n’icumbi bibi cane”;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ إِذَآ أَنفَقُوا۟ لَمْ يُسْرِفُوا۟ وَلَمْ يَقْتُرُوا۟ وَكَانَ بَيْنَ ذَٰلِكَ قَوَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbadasesagura iyo batanze mu matungo yabo canke ngo babe ingumyi, bagaheza rero bagatanga ku rugero ruri hagati na hagati;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ لَا يَدْعُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ وَلَا يَقْتُلُونَ ٱلنَّفْسَ ٱلَّتِى حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلْحَقِّ وَلَا يَزْنُونَ وَمَن يَفْعَلْ ذَٰلِكَ يَلْقَ أَثَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo[6], kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

See all translations of this verse →

يُضَٰعَفْ لَهُ ٱلْعَذَابُ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ وَيَخْلُدْ فِيهِۦ مُهَانًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAheze agwirizwe n’ibihano ku musi w’izuka, maze abibemwo asuzuguritse ibihe bidahera[7];

See all translations of this verse →

إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ عَمَلًا صَٰلِحًا فَأُو۟لَٰٓئِكَ يُبَدِّلُ ٱللَّهُ سَيِّـَٔاتِهِمْ حَسَنَٰتٍ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورًا رَّحِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko uwuzokwigaya nya kwigaya akavavanura n’ivyo vyaha, maze akemera vy’ukuri akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo rero azoba ari mu bantu Imana Allah Ibabarira ibicumuro vyabo, Ikabihindura ivyiza ha kuba ibibi. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;

See all translations of this verse →

وَمَن تَابَ وَعَمِلَ صَٰلِحًا فَإِنَّهُۥ يَتُوبُ إِلَى ٱللَّهِ مَتَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzokwigaya rero ku Mana Allah ku vyaha yakoze, agaheza agakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri, azoba agarutse koko ku Mana Allah, kugira Imwakirire ukwigaya kwiwe, Iheze Imubabarire n’ivyaha vyiwe;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ لَا يَشْهَدُونَ ٱلزُّورَ وَإِذَا مَرُّوا۟ بِٱللَّغْوِ مَرُّوا۟ كِرَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatigera baba ivyabona vy’ikinyoma, batanaja n’aho nya kinyoma gisasirwa indava; n’iyo baciye ahavugwa amajambo y’imburakimazi, baraheza bakarengana bakebura mw’iteka n’itekane;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُوا۟ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمْ لَمْ يَخِرُّوا۟ عَلَيْهَا صُمًّا وَعُمْيَانًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa barya iyo bibukijwe Aayah za Qor’ani hamwe n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, vyerekana ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, batavyirengagiza nk’aho boba ari ibitumva canke ibipfamaso, ahubwo barazirikana nya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bagaheza bakicisha bugufi bakayubamira;

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا هَبْ لَنَا مِنْ أَزْوَٰجِنَا وَذُرِّيَّٰتِنَا قُرَّةَ أَعْيُنٍ وَٱجْعَلْنَا لِلْمُتَّقِينَ إِمَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbasaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe ku bakenyezi bacu no ku ruvyaro rwacu, ibinezereye amaso bituma twamana akamwemwe, Unatugire indongozi z'imboneza zimurikira abagamburukiramana”.

See all translations of this verse →

أُو۟لَٰٓئِكَ يُجْزَوْنَ ٱلْغُرْفَةَ بِمَا صَبَرُوا۟ وَيُلَقَّوْنَ فِيهَا تَحِيَّةً وَسَلَٰمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika;

See all translations of this verse →

خَٰلِدِينَ فِيهَا حَسُنَتْ مُسْتَقَرًّا وَمُقَامًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba muri nya Bwami ibihe bidahera, ni na bwo bushikiro n’icumbi vyiza cane.

See all translations of this verse →

قُلْ مَا يَعْبَؤُا۟ بِكُمْ رَبِّى لَوْلَا دُعَآؤُكُمْ فَقَدْ كَذَّبْتُمْ فَسَوْفَ يَكُونُ لِزَامًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70