Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Mu vy’ukuri, Imana yanyu Rurema ni Allah, Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose; ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Itunganiriza ibiremwa ata na kimwe kivuyemwo. Nta musavyi azovugira uwundi ku musi w’izuka, kiretse inyuma yuko Imuhaye uburenganzira. Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, enda nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya. Ubwo ntimwokwibuka mukanyurwa na Aayah za Qor’ani!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ku Mana yanyu Rurema Allah muzosubira mwese ku musi w’izuka. Iryo ni isango ry’ukuri ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Ishoboye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ishoboye no kubisubiza ubuzima n’indemo bikazuka inyuma yo gupfa, kugira Ihembe abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe indishi ikwiye. Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, barategekanirijwe ikinyobwa c’amazi asebuye akaryimara, abashishura mu maso, akanacagagura n’amara; barategekanirijwe n’ibihano bibabaza bitewe n'ubugarariji bwabo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mw’ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango, no mu bitangaza Yaremye mu majuru no mw’isi, n’indinganizo iri hagati yavyo, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku bantu batinya bakiyubara ibihano vy'Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo rero, ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbisabisho vy'abari mu Bwami bw’ijuru, ni itagatifuza ry’Imana Allah bavuga bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana Nzima”. Indamusto yabo na yo, ni “Gira amahoro! [4]”. isozerwa ry’ibisabisho vyabo na ryo, rizorangwa no gushimira hamwe no gushimagiza Imana Allah bati: “Al-Hamdu lillaahi Rabbi l’aalamiin”, (Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose).
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo umuntu akozweko n’ivyago, aca adusaba Twebwe Allah adutakambira ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; yaba mu gihe akitse urubavu, mu gihe yicaye canke ahagaze; Turamutse rero Tumukuyeko nya vyago vyamushikiye, aca abandanya mu ngeso mbi nk’uko yari ari nya vyago bitaramushikira; womenga ntiyigeze atwitabaza ngo ashoke adushimira! Ni nk’uko nyene rero - uwushikiwe n’ivyago aryoherezwa kubandanya kugarariza inyuma yo kubimukurako - shetani iryohereza abimonogoje mu bugarariji, kubandanya bagarariza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah canke uwuhakana yivuye inyuma Aayah zayo. Mu vy’ukuri, abanyavyaha bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo, ntibazokwigera baroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga[6], bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! [7]”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Ibashoboza kwiyunguruza muciye hasi ku bitwazi no mu gihe musoza mu bwato muciye mw'ibahari. Iyo rero muri mu bwato, bugasunikwa n’akayaga keza, abari muri nya bwato akamwemwe kabasya; mu nyuma y’aho hakaza umuyaga w’igihuhusi, ba bantu bari mu bwato bakugarizwa n’imikuba ivuye hirya n’ino, bakabona neza na neza ko urwabo rwashitse bagire batwarwe, muri ico gihe baca bambaza Imana Imwe Rudende Allah, bakibagira n'ivyo bahora bayibangikanya, bagaheza bakavuga bitabariza bati: “Mana Allah! Mu gihe Wodukura muri kano kaga turimwo, ni ukuri twoba mu bantu bagushimira koko!”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, akarorero k’ubuzima bwo kw’isi hamwe n’ibihendamaso vyabwo, ni nk’amazi y’imvura Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, yamara kugwa kw’isi ibiterwa n'ubwatsi, ari na vyo bitunze abantu n’ibitungwa, bikanaga. Imirima yamara gutotahara, bene yo na bo bakibwira ko bazosoroma bakivuna inzara, hagaca haza mw’ijoro canke ku murango ingingo yacu yo guhonya nya biterwa n’ubwatsi, isi na yo ikagaduka ikaba ubukumbagare; nk’aho umenga nta ndimo yigeze iharangwa. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dushoboye guhonya ibihendamaso vy’isi - Dutomorera ivyemezo vyacu bigaragara, kugira abantu biyumvire baheza bahitamwo icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah rero, Irarikira abantu kuja mu Bwami bw’ijuru, Ikanarongora uwo Ishatse mu biremwa mu kumushoboza gutumbera inzira igororotse y’ubwislamu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeramana bumvira Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanayisenga mu bugwaneza nk’aho bayibona, baragenewe Ubwami bw’ijuru, vyongeye bazobona Imana Allah ukuri kwamye, ntibazorengwa n’intumo, eka ntibazonasuzugurika ngo bijirirwe ku musi w’izuka. Abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAho rero ubutigu buzoba bugeze, aho umuntu uwo ari we wese yisuzuma akanamenya neza na neza ivyo yakoze, agaheza akabihemberwa. Aho rero ibiremwa vyose bizoba bisubiye ku Mana Allah Umuhagarikizi n'Umubungabunzi wavyo. Nayo ibigirwamana bizozimangana kuko ata co bizomarira ababangikanyamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Mana Allah rero, ni Yo Mana yanyu Rurema y’ukuri, Ibwirizwa gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa. Burya, nta kiza inyuma y’ukuri atari ubuhuvyi! Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega mu bigirwamana vyanyu, hoba harimwo igishoboye kurongora ikiremwa mu nzira y’ukuri!”. Ihibambewe! Nta na kimwe bishoboye. Babwire uti: “Imana Allah, ni Yo gusa Ishoboye kurongora uwahuvye inzira, Ikamugarura mu nzira y’ukuri”. None burya uwushoboye kurongora mu nzira y’ukuri, si we yategerezwa gukurikirwa, ha gukurikira uwudashoboye kurongora uwahuvye, vyongeye na we nyene kandi akeneye uwumuhubura! Mbega mwafashwe n’iki, gushika n’aho mufata ingingo yo kunganisha Imana Allah n’ibiremwa vyayo!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbenshi mu babangikanyamana, ntibakurikira mw’ibangikanyamana ryabo, kiretse ko hamwe n’ivyo bafise amakenga ko ibigirwamana bibegereza koko ku Mana Allah. Mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigushikana ku kuri namba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bagira vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe yoshobora kwiyitirira Qor’ani akavuga ko itavuye ku Mana Allah, ariko Imana Allah Yayimanuye kugira ishimangire ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ko idini ry’Imana Allah ari rimwe, no kugira itomore neza amabwirizwa yahawe abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muri Qor'ani, ata makenga ko yahishuwe n’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ahubwo rero bavuga ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe! Babwire uti: “Enda rero nimuzane igisomwa na kimwe gisa nka Qor’ani, munararikire n'abo mushoboye havuyemwo Imana Allah, mu bantu no mu majini kugira babafashe nimwaba koko muri imvugakuri ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, nta na kimwe Irenganyako abantu mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa indishi, ariko abantu ni bo nyene birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’igihe Imana Allah Yegeranirije hamwe ababangikanyamana bose ku musi w’izuka, bakaba nk’aho batigeze baba kw’isi kiretse isaha imwe gusa y’umurango, bazoheza bamenyane nk’uko bari bakiri kw’isi, hanyuma nya kumenyana guhere mu kanya isase. Ni ukuri, harahomvye abagararije bagahakana bivuye inyuma, ko bazozuka bagahura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze. Kira noneho, ntibari no gushobozwa kuba abagororotsi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nyabuna, nimumbwire uko mwovyifatamwo, igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mw’ijoro canke ku murango! Mbega abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bihutira iki mu gusaba ibihano!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega bagarariji! Inyuma y’aho mushikiwe n’ibihano, ni ho mwokwemera Imana Allah, kandi nya kwemera muri ico gihe ata co kwobamarira! Mwoheza mukabwirwa muti: “Ubu ni ho mubonye kwemera Imana Allah kandi mwahora muyiteburako!”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma abirenganije mu kugarariza Imana Allah na bo, bakabwirwa bati: “Nimwumvirize ibihano vy’Imana Allah vyamaho, burya mugira ngo murahembwa kiretse ku vyo mwari mwararondeye kw’isi!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye guhanwa ku musi w’izuka, ko ari ivy’ukuri! Bishure uti: “Ego cane, ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema Allah, ni ivy’ukuri koko, kandi na mwe ntimuzonanira Imana Allah ko Ibazura, Ikanabahembera ivyo mwakoze”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiri mu majuru no mw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah. Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo guhura no guhana ababangikanyamana, ni iry’ukuri, ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abarementaniriza Imana Allah ivyo Itigeze Ivuga, bibaza ko Imana Allah Itazobibahanira ku musi w’izuka! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimpano ku bantu[14], ariko rero abenshi muri bo ntibashima impano zayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanashira mu ngiro ivyo ibabwirije, bakongera bagatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBarafise inkuru nziza iremesha ivuye ku Mana Allah, ko bazororanirwa mu buzima bwo kw’isi[15], n’uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta gihinduka rero mu vyo Imana Allah Yabasezeraniye, iyo ni yo ntsinzi rero ihambaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’ibivugwa n’ababangikanyamana mw'irementanya ryabo, mu vy’ukuri intsinzi y’inganji kw’isi no mw’ijuru, ni iy’Imana Allah, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiremwa vyose [16] biri mu majuru no mw’isi, ni ivy’Imana Allah. Mbega abasenga ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, bisunga ukuhe kuri! Nta co bakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse irementanya ry'ibangikanyamana;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana[17]. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: "Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko ifise umwana bakanayibangikanya, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa";
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwaramuka rero mugenjeje umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, jewe nta mpembo ndabasavye kw’ishikiriza-butumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, nategetswe no kuba mu bislamu bicisha bugufi kuri Yo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Nuhu rero, baramugararije, Turaheza Twebwe Allah Turamurokora we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato igihe c’isegenya, ni na bo Twahavuye Dusubiriza abahonejwe, Dushoka Dusomesha nturi abagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Raba rero ukuntu iherezo ry’abagabishijwe ku bihano vy’Imana Allah ntibumva, ryagenze!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma y’irungikwa ry’izo Ntumwa, ni ho Twarungika Intumwa Musa na murumunawe Haruna (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) kwa Firawuni n’abunganizi biwe, Tuzirungikana ibitangaro vyemeza ko ari Intumwa z’ukuri, maze Firawuni n’abunganizi biwe bagira amanyama n'akantu mu guhonyanga ukuri, vyongeye bari n'abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze Musa arumirwa abishura ati: “N’aho nakagendeye! Karashize ingani muvuge ko n’ibitangaro nabazaniye vyemeza ukuri, ari uburozi bweruye! Ubwo mwihweje neza, ntimubona ibitangaro nabazaniye ko ari ivy’ukuri! Burya abarozi ntibigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHamwe n’ivyo bitangaro vyose rero, Musa nta wamwemeye mu bantu biwe ku gutinya ibihano vya Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse abantu bari ku rushi bari muri Bene Israyeli. Mu vy’ukuri, Firawuni yarimonogoje mu bwishime kw’isi; mu vy’ukuri, yari no mu bimonogoje mu bugarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe[19];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranajabukije Bene Israyeli ibahari, maze Firawuni n’abunganizi biwe baraheza barabakurikira kubera akarenganyo n’urwanko babafitiye; Firawuni atanguye gusoma nturi, ni ho yavuga ati: “Nemeye ko ata mana kiretse Imana Yemewe na Bene Israyeli, kandi nanje ndi mu bislamu bicisha bugufi, basenga Imana Imwe Rudende batayibangikanya”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEwe Firawuni! Ubu uri ku mpfiro, ni ho wemanga ko Imana ari Imwe Rudende, kandi wahora uyigarariza imbere yuko usoma nturi, wari no mu bononyi baca kubiri n’amabwirizwa yayo!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Bene Israyeli Twarabahaye uburaro n’uburamuko mu bihugu vya Shaamu na Misiri, Turanabaronsa ivyiza bibaryohera, bitazira; ntibigeze bacanamwo mw’idini, kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi bubasaba gushira hamwe, gufatana mu nda hamwe rero no kukwemera [21]. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ku musi w’izuka, Izobacira urutunganye, Iheze Igaragaze ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanako kuri wewe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Uramutse ugize amakenga ku kuri kuri mu vyo Twakumanuriye, uraheza ubaze abasoma Tawurati n’Injili mu bahawe Igitabu aho hambere yawe, kugira ngo bemange ko ari ivy’ukuri. Ni ukuri, warashikiriwe n’ukuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah ko wewe uri Intumwa yayo nk’uko biri muri Tawurati n’Injili. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu bakekeranya ko uri Intumwa vy’ukuri [22];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iyo Imana yawe Rurema Allah Ishaka ko abari kw’isi bemera bose, nta cari kubuza ko bose bemera ukuri wabazaniye. Wewe rero ntushobora namba guhatira abantu ku kwemera [23]!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma Twebwe Allah Tuzoheza Turokore Intumwa zacu n’abemeramana bari kumwe na zo. Ni nk’uko nyene rero - Twabarokoye - Dutegerezwa kukurokora na we Ntumwa y’Imana hamwe n’abemeramana muri kumwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi ntugasabe mu gusenga ikitari Imana Allah, ata na kimwe cokumarira mu gihe wogisaba, eka ata n’ico cokwicira mu gihe woreka kugisaba. Mu gihe rero, woramuka ugisavye, woca uba mu babangikanyamana birenganije mw'ibangikanyamana[24];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah mu gihe Yogutera ivyago, nta n’umwe yobigukuramwo kiretse Yo Yonyene; hamwe naho Yoguha kuroranirwa mu buzima, nta n’umwe yobuza ko uroranirwa. Burya Imana Allah, Itera ivyago canke Igaha kuroranirwa uwo Ishatse mu biremwa vyayo; ni na Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.