وَلَقَدْ أَهْلَكْنَا ٱلْقُرُونَ مِن قَبْلِكُمْ لَمَّا ظَلَمُوا۟ وَجَآءَتْهُمْ رُسُلُهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ وَمَا كَانُوا۟ لِيُؤْمِنُوا۟ كَذَٰلِكَ نَجْزِى ٱلْقَوْمَ ٱلْمُجْرِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu.